Ukraine-Russia: ‘Buhoro buhoro, Abarusiya bariko baratsinda’ i Bakhmut

Ahavuye isanamu, BBC/Goktay Koraltan
Na Orla Guerin
BBC News, Bakhmut
"Guma ku ruhome. Nyaruka. Tonda umurongo umwe. Bake bake”.
Aya niyo mabwirizwa tuguma duhabwa n’abasirikare ba Ukraine baduherekeje turiko tuja ku kirindiro muri Bakhmut, igisagara cigeze kuba rurangiranwa mu kugana imivinyu.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko iki gisagara co mu buseruko ari “urutare ntamenwa rwacu”.
Ingabo z’Uburusiya zimaze amezi atandatu zigerageza gufata Bakhmut. Ubu rero bongereje umuriro - nk’uko abanya-Ukraine babibona – kugira ngo bagisambure cose imbere yo kwibuka umwaka urangiye Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine.
Mu gihe twariko dutera tugenda, tujabutse ibarabara gusa, twagiye twumva ibibombe bibiri vyasirana ku rundi ruhande inyuma yacu. Duhindukiye twabonye umwotsi wirabura uduga hejuru duca tubandanya twiruka.
Ivyo bibombe vyoba vyatewe mu rudavagi canke vyari bitewe kuri twebwe? Ntitwobimenya neza, ariko ikintu ico ari co cose cinjira muri Bakhmut kirizizirwa – caba ica gisirikare canke ca gisivire.
Amasaha ane yose, nta gahengwe ku mabombe, yaba ayinjira canke ayasohoka. Twagiye twumva indege y’intambara y’Uburusiya iciye hejuru yacu. Ingabo z’Uburusiya ziri hafi y’aho turi, ziri ku birometero bibiri gusa.
Mu duce tumwe tumwe, intambara ni urutavanako ku mabarabara, ariko ingabo za Ukraine ziracagenzura igisagara – n’aho ubukonje burenze urugero mbere n’amasasu abandanya abaherana.
Kapiteni Mykhailo, akunze kwitwa, 'Polyglot', ati: "Turafise ikibazo c’amasasu y’ubwoko bwose, cane cane ibisasu vya muzinga. Turakeneye ibikoresho vy’itumatumanako rwihisha biva mu ncuti zacu z’Uburengero, hamwe kandi n’amamodoka ntamenwa yo kwunguruza abantu kugira ngo bitworohere kwunguruza ingabo. Ariko turacihagazeko. Kimwe mu vyigwa vyo muri ino ntambara ni kumenya kurwana n’uburyo buke”.
Twarashoboye kwibonera iyi ngorane y’amasasu igihe ingabo za Ukraine zatera ikirindiro c’Uburusiya n’ibisasu vya muzinga vya 60mm. Ica mbere carasohotse. Ariko ica kabiri caranse.
Ingabo zitubwira ko amasasu ari aya kera, yarungitswe avuye hanze.
Urugamba rwa Bakhmut ni intambara hagati mu ntambara. Zimwe mu ntambara zikomeye muri runo rugamba zibera hano.
Hanyuma kandi ingabo z’Uburusiya zigenda zifata uturere, imetero ku yindi, agace ku kandi.
Ingabo za wa murwi rurangiranwa w’abacangero Wagner zagiye zirungikwa ku rugamba hano.
Hari amakuru avuga ko hari uduce twinship twuziyemwo ibiziga vy’Abarusiya.
Moscou ubu iragenzura amabarabara yompi makuru makuru yinjira mu gisagara, ubu hakaba hasigaye ibarabara rimwe rudende - inzira ntoya yo gushikana uburyo.
Iryna ajejwe kumenyesha amakuru muri brigade ya 93, avuga ati: "Kuva mu kw’indwi barondera kwigarurira iki gisagara. Bukebuke bariko bararutsinda. Sinshobora kuvuga igihe bizomara.
"Kumbure hazogera igihe babure uburyo. Ibi ndavyizigiye koko”.
Twaravuye ku birindiro vyabo mu bwitonzi bwinshi tuja mu myobo yumvikanamwo amamoteri igasusurutswa n’imbabura. Ariko ingabo zikora ibishoboka vyose kugira ngo ntihagire n’akotsi na gatoya kosohoka kagatuma bamenya aho bari. Bamwe mu bo twabonanye bariteguye kurwana gushika ku kanyuma.
Ihor , umwe mu ntwazangabo, ati: "Bariko baragerageza kutugota kugira ngo dute tuve mu gisagara, ariko ntaco bashikako. Igisagara turagifise mu minwe. Uruja n’uruza rurabandanya, n’aho amabombe ari urutavanako. Ni vyo ko tubura abantu, ariko ntiturekura. Inzira yonyene dufise ni imwe – kubandanya gushika ku ntsinzi”.
Hariho iyindi nzira – kuva muri Bakhmut bigishoboka. Ariko rero mu bariko bararwanira iki gisagara, iki nta kiri mu mutwe.
Kapiteni Myhailo ati: "Mu gihe twobitegekwa n’abaturongoye, sawa, itegeko ni itegeko. Ariko si mbona ko hari ico vyoba bimaze kumara amezi nk’aya yose urwanira iki gisagara kandi uzi ko uburuhiro uzokivamwo? Oya, ibi ntavyo dushaka”.
Yibutsa abantu bose batakaje ubuzima bwabo barwanira Bakhmut - "intwari nyinshi nziza zikunda iki gihugu”.

Ahavuye isanamu, BBC/Goktay Koraltan
Mu gihe abariko bararwanira Bakhmut bota bakomoka, Uburusiya bwoba buronse inzira yo gutera busatira ibisagara bikuru bikuru vyo mu buseruko bwa Ukraine, nka Kramatorsk na Slovyansk.
Moscou yarongereje ibitero mu kwugura umuriro mu tundi turere twa Donbas mu buseruko no mu bumanuko. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko ikindi gitero c’Uburusiya camaze gutangura.
Kremlin iriko yiruka n’umwanya mu gihe yitegurira isabukuru yo ku wa 24 Ruhuhuma (2).
Kapiteni Mykhailo ati: “Bariko barasazwa n’amatariki hamwe n’ico bita ‘imisi y’intsinzi’”.
Ariko intambara yo gusambura mu kurondera gufata Bakhmut ishobora gutesha ingoga Abarusiya, nk’uko bivugwa na Viktor, intwazangabo ya Ukraine yafashe ibikono vy’amasasu vy’Abarusiya bibitswe mu kabati mu mwobo.
Ati: "Ubu ntibivuna, baratera. Babandanya bafata imetero nkenke, ariko turiko turagerageza kubabuza kwifatira ubutaka bwacu bunini. Turazibira umwansi kandi turiko turamutesha ingoga”.
Abasivire bababa 5000 ni bo bagisigaye muri Bakhmut ata mazi ata n’umuyagankuba – abenshi muri bo ni abatama n’abakene.
Umwe mu banya-Ukraine yongorera avuga ati: "Hariho bamwe begamiye Moscou. Barindiriye ko Abarusiya bashika”.
Abari hano bose bari mu ntambara zabo, ni ko Tetiana, umuhinga mu bijanye n’inyifato w’imyaka 23 akiriyo kugira ngo akurikirane batoyi biwe, musazawe na mushikiwe. Uyu mugore aracari muri Bakhmut kubera inakuru wiwe w’imyaka 86 adashobora gutambuka kandi akaba ari we amubeshejeho.
Ati: "Hafi bose babayeho mu gusenga. Ukwemera kurafasha. Bamwe muri bo baribagira ko ari abantu. Hari bamwe berekana ubugome. Batanguye kwitwara bunyamaswa”.
Twasubiye inyuma intambara yo kurwanira iki gisagara ishushe, amabombe ari urutavanako.










