Cholera mu mpunzi z'Abakongomani, ibintu vyifashe nabi aho bacumbikiwe mu Burundi

Amashirahamwe ajejwe ubutabazi mu Burundi avuga ko ibintu vyifashe nabi mu Bakongomani baherutse guhunga intambara zimaze iminsi zongeye gukara mu ntara ya Kivu y'Epfo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Ishami rya ONU rijejwe impuzi kw'isi, UNHCR, rivuga ko aho ziri mu bibanza zashikiyemwo zihanganye n'ubukene bw'amazi meza, imfungurwa, isuku rike n'ivyankenerwa vy'ibanze, mu gihe zibandanya ziyongera muri iyi misi ya vuba.
Kimwe mu bibazo bigeramiye izi mpunzi ni ikiza c'indwara ya cholera yatanguye kuvugwa mu bibanza vy'imfatakibanza zashikiyemwo, nko mu Cibitoke yo mu ntara ya Bujumbura, hamwe na Rumonge yo mu ntara ya Burunga.
Zakari Moluh, umuhuzabikorwa w'ishirahamwe MSF mu Burundi, avuga ko bamaze kwakira abantu hafi 37.000 bajabutse uruzi Rusizi ubu bakaba bacumbikiwe mu karere ka Ndava kari muri zone Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu, nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'iryo shirahamwe.
Avuga ko buri musi bavura abantu 200 barwaye indwara zitandukanye, muri bo hakaba harimwo n'abamaze kwandura cholera.
Agira ati: "Mw'ikambi ya Ndava (Cibitoke), tumaze kuvura abantu 14 ibipimo vyemeza ko barwaye cholera.
"Tubona abantu bari mu gahinda, mu mwiheburo n'uburuhe. Tubona abagore bavyariye mu nzira bariko barahunga, abandi bavyarira mw' ivuriro ryacu".
Ishami rya ONU rijejwe impuzi kw'isi, UNHCR, rivuga ko rimaze kwakira impunzi zirenga 88.000 kuva umuhari AFC/M23 urwanya reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo winjiye mu gisagara ca Uvira, ica kabiri gikomeye mu ntara ya Kivu y'Epfo.
AFC/M23 yinjiye muri ico gisagara mu ndwi zibiri ziheze, ariko haheze iminsi itanu ica itangaza ko ivuyeyo.
Ico gihe niho haciye haba umupfunda mushasha munini w'impunzi zihungira mu Burundi. Uwuheruka wari wabaye mu ntango z'umwaka igihe uwo murwi wigarurira ibisagara vya Goma na Bukavu. Imbere y'uwo mupfunda mushasha, mu Burundi haharurwa impunzi z'Abanyekongo zirenga 90.000.
Muri izo mpunzi nshasha, izababa 29.000 zimaze gushikanwa mw'ikambi yubatswe muri zone Bweru ya komine Ruyigi mu ntara ya Buhumuza mu buseruko bw'igihugu.
Hampande ya cholera, ishirahamwe MSF rifise ubwoba bw'uko izindi ndwara nka malaria zishobora kwiyongera, aho ibice 42 kw'ijana vy'abaherutse gupimwa basanze bayirwaye.
Ibi bibazo ni na vyo birangwa mu mpunzi zashikiye mu gisagara ca Rumonge c'intara nshasha ya Burunga, aho musitanteri wa komine Rumonge, Augustin Minani, avuga ko abashika cumi bamaze kumenyekana ko banduye cholera.
Mu nama y'abaserukira imirwi itandukanye y'abanyagihugu yagirishije ejo ku wa mbere, musitanteri yabwiye abanyamakuru ko n'abanyagihugu ba Rumonge bafise impungenge ko bashobora kwinjira mu kaga kubera izi mpunzi.
Augustin Minani avuga ko ikomine yiwe imaze kwakira impunzi zirenga 25.000.
Igihe yashika mu kibanza kimwe aho izi mpunzi zashikiye, ku kibuga kiri hafi y'ibiro vya komine, yabwiye abanyamakuru ko komine arongoye yarengewe n'ibitigiri vy'abahunga, yongera atera akamo ko gushigikira iyi komine mu kwakira izi mpunzi.
Umunyamakuru yahishikiye yavuze ko ibibazo bihanze izi mpunzi birenze ukwemera.
Musitanteri Minani avuga ko icihutirwa ari uko zimurwa, zigatwarwa mu makambi, mbere ko komine arongoye yihaye intego yo gufasha ishirahamwe UNHCR mu gikorwa co kwimura izi mpunzi. Avuga ko hanuguruwe konte kugira ngo ababishoboye batange intererano muri iyi ntumbero.










