Barababajwe, barasuzugurwa, baribagirwa: BBC yagendeye Abanyakoreya barokotse ca kibombe ruhonyanganda ca Hiroshima

Lee Jung-soon w'imyaka 88 ni umwe mari benshi barokotse ikibombe ca nikleyeri ubu akaba aba i Hapcheon muri Koreya y'Epfo

Ahavuye isanamu, BBC/Hyojung Kim

Insiguro y'isanamu, Lee Jung-soon w'imyaka 88 ni umwe mari benshi barokotse ikibombe ca nikleyeri ubu akaba aba i Hapcheon muri Koreya y'Epfo
    • Umwanditsi, Hyojung Kim
    • Igikorwa, BBC Korean in Hapcheon

Kw'isaha zibiri n'iminota 15 z'agatondo (08:15) ku wa 6 Myandagaro (8), 1945, igihe ikibombe ruhonyanganda c'ubumara/ca nikleyeri cariko kirahuruduka nk'ikibuye mu kirere ca Hiroshima, Lee Jung-soon yari mu nzira atera aja mw'ishure ry'intango.

Uno mutamakazi w'imyaka 88 ubu aterera ibiganza nk'ukugerageza kwirukana ivyo yibuka.

"Dawe yagomba aje ku kazi, ariko naje mbona aza ariruka atubwira ngo duhunge ubwo nyene", ni vyo yibuka. "Bavuga ko amabarabara yuzuye ibiziga – gusa nagize ubwoba bwinshi cane, ico nibuka yari amarira gusa. Nararize nongera ndarira".

Imivyimba y'abapfuye "yabaye ubunywenywe ku buryo amaso yonyene ari yo yaboneka", niko uno mutamakazi Lee avuga, inyuma y'uko iki kibombe capima itoni 15.000 za TNT (impfunyapfunyo y'ijambo Trinitrotoluene, igipimo c'ubukana bw'igiturika) cariko gitema gitongora muri iki gisagara cari gituwemwo n'abantu 420.000.

Hasigaye ibiziga vyahiye bigatokombera ku buryo ata muntu yashoboya kumenya uwiwe.

"Ikibombe ca nikleyeri…oyaaa, ni ikirwanisho giteye ubwoba".

Haciye imyaka 80 kuva Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirekuye iki kibombe cataziriwe 'Little Boy' (twogeranya mu Kirundi na Agahungu Gato), ikibombe ruhonyanganda c'ubumara ca mbere muri kahise ka kiremwamuntu, caturikirijwe hagati mu gisagara ca Hiroshima, kikica ho na ho abantu bababa 70.000. Abandi ibihumbi mirongo bagiye gupfa mu mezi yakurikiye kubera indwara, ubushe n'ukubura amazi mu mubiri, vyaturutse ku vyuka vyaco bizwi nka 'radiation'.

Muri ino myaka 80 iheze, amahano yatewe n'ibi bibombe vyaturikirijwe kuri Hiroshima na Nagasaki, bigatuma Intambara ya Kabiri y'isi yose ihagarara, intwaro y'Ubwami w'Ubuyapani mu bice bitari bito vya Aziya igasambuka, yaranditswe neza.

Ikintu kitazwi cane ni uko mu bashotse bahasiga ubuzima, 20% muri bo bari Abanyakoreya.

Korea yari imaze imyaka 35 itwarwa gikoloni n'Ubuyapani igihe iki kibombe carekurwa. Abanyakoreya bababa 140.000 baba muri Hiroshima ico gihe – benshi muri bo bakaba bari bahimukiye ku guhatirwa mu bikorwa vy'agahato, canke naho bahunga ugucurwa bufuni na buhoro kw'intwaro ya gikoloni.

Abarokotse iki bibombe, hamwe n'ababakomokako, babandanya kubaho mu buzima bw'umwijima – inkovu, ububabare, n'urugamba rumaze imyaka mirongo rwo kurondera ubutungane gushika ubu rutarashobora gushika kw'ihangiro.

Hapcheon yataziriwe "Hiroshima ya Koreya" kubera igitigiri c'abarokotse ikibombe ca nikleyeri bahabaye inyuma y'intambara

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hapcheon yataziriwe "Hiroshima ya Koreya" kubera igitigiri c'abarokotse ikibombe ca nikleyeri bahabaye inyuma y'intambara
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Nta n'umwe yemera icaha", bivugwa na Shim Jin-tae w'imyaka 83 ari mu barokotse. "Yaba igihugu carekuye iki kibombe, yaba igihugu cananiwe no kudukingira. Amerika ntiyigeze isaba imbabazi. Ubuyapani bwigira nk'ubutabibona. Eka na Korea nyene nta na kimwe idufasha. Baguma batanako impfane – baradutaye nk'akanuka".

Shim ubu aba ahitwa Hapcheon, muri Korea y'Epfo: akarere gatoya kataziriwe "Hiroshima ya Korea" kubera yakiriye abatari bake barokotse iki kibombe nka we hamwe n'umupfasoni Lee.

Ku bw'umupfasoni Lee, umubabaro w'uwo musi nturamuvamwo – wamugumyemwo nk'indwara. Ubu arwaye kanseri y'urukoba, indwara ya Parkinson, hamwe na anjine (angine), indwara iterwa n'uko amaraso adashika neza ku mutima.

Ariko ikibabaje gusumba ni uko ububabare butagarukiye kuri we gusa. Umuhungu wiwe Ho-chang, ari na we asanzwe amufasha, yatowe indwara y'ifyigo, akaba ari ku miti mu kurindira ko ahabwa irindi.

Ho-chang Lee ati: "Mfata ko ari ukubera 'radiation', ariko none ni nde yovyemeza? Biragoye kwemeza mu nzira ya siyansi – hakenewe ibipimo vy'uturemangingo ndangakamere, ibi navyo bikaba ata muntu yovyiremeka, birazimvye cane".

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'imibereho bwabwiye BBC ko bwegeranije ibiharuro vy'ibipimo vy'uturemangingo ndangakamere hagati ya 2020 na 2024 kandi ko buzobandanya ubushakashatsi gushika mu 2029.

Buzokwihweza nimba bwokwemeza ko abakozweko n'ibi bibombe bashobora gushika ku gisekuru ca kabiri n'ica gatatu "ari nka hamwe ibizoyavamwo vyoba koko bivyerekana", nk'uko buvuga.

Abanyakoreya bishwe

Kuri aba Banyakoreya 140.000 baba muri Hiroshima ico gihe ibi bibombe vyaterwa, benshi bava i Hapcheon.

Aka karere kazungurutswe n'imisozi kandi katarimwamwo cane, hari ahantu hagoye kuba. Ibiterwa vyigaruriwe n'abakoloni b'Abayapani, uruzuba ruratikiza imirima, ivyatumye ibihumbi n'ibihumbi bava mu mitumba ya kure bakaja mu Buyapani.

Hari bamwe binjizwa mu gisirikare ku nguvu; abandi bakemererwa ko bashobora kurya gatatu ku musi kandi bakarungika abana kw'ishure.

Ariko mu Buyapani, Abanyakoreya bari basuzuguritse – kenshi bahabwa ubuzi bugoye, busuzuguritse kandi bubi. Shim avuga ko se wiwe yakora mu ruganda rw'amasasu nk'uwakoreshwa ku gahato, mu gihe nyina wiwe yatera imisumari mu dusandugu tw'amasasu tw'ibiti.

Inyuma y'ibi bibombe, akazi kabaye ak'akaga kandi kateza impfu ku Banyakorera baba muri Hiroshima.

Ku bwa Shim Jin-tae, si ikibazo co kuronswa indishi y'akababaro, ni ikibazo co kwemera ivyababayeko

Ahavuye isanamu, BBC/Hyojung Kim

Insiguro y'isanamu, Ku bwa Shim Jin-tae, si ikibazo co kuronswa indishi y'akababaro, ni ikibazo co kwemera ivyababayeko

"Abakozi b'Abanyakoreya bari abo kwoza ibiziga", niko Shim arongoye ishami ry'ishirahamwe ry'Abanyakoreya barokotse ibibombe vya nikleyeri (Korean Atomic Bomb Victims Association), yabwiye ishami rya BBC rikoresha ururimi rw'Igikoreya.

Ati: "Mu ntango bakoresha inderuzo, ibiziga vyari umurengera. Vyahavuye biba ngombwa ko bakoresha ibipawa mu kwegeranya ibiziga bakabituririra mu bibuga vy'amashure".

"Hafi vyose vyakorwa n'Abanyakoreya. Ibikorwa hafi vyose vy'isuku n'ivyo guhingura amasasu vyakorwa na twebwe".

Nk'uko biri mu bushakashatsi bwakozwe n'ikigo Gyeonggi Welfare Foundation, bamwe mu barokotse bahatirwa gukura ibihomoka barondera ibiziga.

Mu bihe Abayapani bobo bashoboye guhungishirizwa mu miryango yabo, Abanyakoreya batagira abo bazinanye bagumye mu gisagara, mu vyuka vyasohowe n'ivyo bibombe – kandi kenshi bakanahabwa n'ubuvuzi buto.

Uruvangatirane rw'ibi vyose – gufatwa nabi, akazi kagoye n'ukunenwa – vyose vyaratumye ibitigiri vy'Abanyakoreya bapfuye bisumba ivy'abandi kure n'iyo.

Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rya Koreya ry'abarokotse ibibombe vya nikleyeri, ibitigiri vy'Abanyakoreya vyashitse ku rugero rwa 57.1%, ugereranije n'urugero rusangi rugera hafi kuri 33.7%.

Abanyakoreya bababa 70.000 nibo iki kibombe cakozeko. Gushika mu mpera z'umwaka, abababa 40.000 bari bamaze gupfa.

Kunenwa mu gihugu cabo

Inyuma y'ibi bibombe vyatumye Ubuyapani bumanika amaboko Koreya nayo ikabohozwa, Abanyakoreya 23.000 baratahutse mu gihugu. Ariko ntibakiriwe. Mu gufatwa nk'abataye isura kandi bavumwe, no mu gihugu iwabo barakumiriwe.

"Hapcheon yari isanzwe ifise akarere kegeranirijwemwo abarwaye imibembe", niko Shim asigura. "Rero kubera iyi sura mbi, abantu bahavuye biyumvira ko n'abarokotse iki kibombe bari bafise indwara z'uruhu".

Iyi shusho yo kunenwa yatumye abarokotse baguma mu gacerere k'ivyabashikiye, nk'uko abandanya abivuga, akavuga ko "ukurokoka ni co caza imbere yo kurondera ivy'agateka".

Lee avuga ko yiboneye ibi "n'amaso yiwe bwite".

"Abantu bari bafise ubushe burenze urugero canke bari bakenye cane barafashwe nabi cane", niko yibuka.

"Mu kigwati c'iwacu, bamwe bari barakomeretse mu migongo no mu maso, ku buryo amaso yonyene ari yo yaboneka. Ntibashobora kurongora canke kurongorwa, batawe nk'akanuka".

Hampande yo kunenwa, hiyongereyeko ubukene n'ubuzima butoroshe. Mu nyuma hiyongerako indwara ataco zari zivuyeko: indwara z'urukoba, iz'umutima, iz'amafyigo, kanseri. Ibimenyetso vyabonekera hose – ariko nta muntu n'umwe yashobora kubisigura.

Uko imyaka yagiye igenda, bahavuye batangura kwitaho gukurikirana urunganwe rwa kabiri n'urwa gatatu.

Han Jeong-sun wo mu runganwe rwa kabiri rw'abarokotse ntashobora gutambuka ataco yishimikije, akaba anenwa n'umuryango wiwe

Ahavuye isanamu, BBC/Hyojung Kim

Insiguro y'isanamu, Han Jeong-sun wo mu runganwe rwa kabiri rw'abarokotse ntashobora gutambuka ataco yishimikije, akaba anenwa n'umuryango wiwe

Han Jeong-sun, wo ku runganwe rugira kabiri rwo ku barokotse, arwaye indwara y'imitsi y'amafyigo (nécrose avasculaire), akaba adashobora kugendagenda atari ukwikwega. Umuhungu wiwe wa mbere yavutse afise ubumuga bwo mu bwonko.

"Mu buzima bwiwe, umuhungu wanje ntarigera agendagenda na rimwe", niko avuga. "Kandi n'abo kwa databukwe baramfashe nabi cane. Bambwira ngo 'ni gute wavyaye umwana w'ikimuga kandi nawe ukaba ikimuga – waje guhonya umuryango?'

"Ico gihe koko cabaye umuriro udahera".

Mu myaka mirongo, yaba na reta ya Koreya ntiyigeze yitaho abantu bayo bashikiwe n'ivyago vy'ibi bombe, kubera intambara yayo na Koreya ya Ruguru n'ingorane z'ubutunzi ari vyo vyahawe ikibanza ca mbere.

Mu 2019 – inyuma y'imyaka irenga 70 ibi bibombe birekuwe – niho ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'imibereho myiza bwagiye gushira ahabona ku ncuro ya mbere icegeranyo c'ivyavuye mu matohoza. Aya matohoza ahanini yavuye mu bibazo vyabazwa.

Mu kwishura ibibazo vya BBC, ubu bushikiranganji bwasiguye ko imbere ya 2019 ata "kintu na kimwe gishingiye kw'itegeko cari gufatirwako kugira haboneke amafaranga canke ngo habe amatohoza".

Ariko ivyigwa bibiri bitandukanye vyasanze ko urunganwe rwa kabiri rw'abakozweko n'ibi bibombe rwari mu kaga ko kwandura indwara.

Ica mbere co mu 2005 cerekanye ko uru runganwe rwa kabiri ari rwo rwari mu kaga ko kurwara akabonge, indwara y'umutima n'ibura ry'amaraso gusumba kure cane abandi banyagihugu muri rusangi, mu gihe ikindi co mu 2013 casanze ibitigiri vy'abanduye ubumuga vyikuba hafi incuro zibiri ugereranije n'ibitigiri vyo ku rwego rw'igihugu.

Kuri ibi vyose, Han ntatahura na gato ukungene abategetsi babandanya basaba ivyemezo kugira ngo we n'umuhungu wiwe bemezwe nk'abagizweko ingaruka na Hiroshima.

"Indwara yanje ni co cemezo. Ubumuga bw'umuhungu wanje ni co cemezo. Ubu bubabare buhanahanwa hagati y'urunganwe n'urundi kandi buragaragara", niko avuga. "Ariko ntibashaka kuvyemera. None twokora iki – dupfe uko nyene ata n'uko bemeye ku mugaragaro ivyatubayeko?"

Amahoro ata mbabazi zisabwe

Mu kwezi guheze, ku wa 12 Mukakaro (7), niho abategetsi ba Hiroshima bikubita agashi baragendera Hapcheon ku ncuro ya mbere kugira ngo bashire amashurwe ku cibutso.

Naho uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Yukio Hatoyama n'abandi bantu ku giti cabo bigeze kuhaza imbere y'aha, bwabaye ubwa mbere abategetsi b'Ubuyapani bahari bahagendera.

"Uno musi mu 2025, Ubuyapani buravuga amahoro. Ariko amahoro ata mbabazi zisabwe ntaco avuze", bivugwa na Junko Ichiba amaze igihe kirekire aharanira amahoro kandi hafi ubuzima bwiwe bwose akaba abumaze aharanira uburenganzira bw'abakozweko n'ikibombe ca nikleyeri batuye mu karere ka Hiroshima ya Koreya.

Uno mupfasoni avuga ko muri uru rugendo rw'aba bategetsi ata mbabazi zigeze zisabwa canke ngo ruvugwemwo ukungene Ubuyapani bwafashe nabi Abanyakoreya imbere no mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi yose.

Icibutso c'i Hapcheon kirimwo utubaho 1.160 - kamwe kamwe kose kariko izina ry'Umunyakoreya yishwe n'ico kibombe ruhonyanganda c'ubumara

Ahavuye isanamu, BBC/Hyojung Kim

Insiguro y'isanamu, Icibutso c'i Hapcheon kirimwo utubaho 1.160 - kamwe kamwe kose kariko izina ry'Umunyakoreya yishwe n'ico kibombe ruhonyanganda c'ubumara

Nubwo abatari bake mu bahoze ari abategetsi b'Ubuyapani bemeye kuzosaba imbabazi no kwicuza, Abanyakoreya y'Epfo benshi babona ko aya majambo ari uburyarya kandi ko adakwiye hatabaye ukwemera ku mugaragaro ivyo bakoze.

Umupfasoni Ichiba avuga ko ibitabo vyo mu Buyapani gushika ubu bitavuga kuri kahise k'ubukoloni bwa Korea - co kimwe n'abakozweko n'ikibombe ruhonyanganda c'ubumara – akavuga ko "uku kutabishira ahabona gutuma gusa akarenganyo kiyongera".

Ibi vyiyongera ku vyo abatari bake babona nk'ingendo yeruye y'Ubuyapani yo kutemera ivyo bwakoze mu bukoloni bwabwo.

Heo Jeong-gu, umukuru w'igisata ca Croix Rouge kijejwe ubufasha, agira ati: "Ibi bibazo... bitegerezwa gutorerwa umuti abarokotse bakiriho. Ku runganwe rwa kabiri n'urwa gatatu, dutegerezwa kwegeranya ivyemezo umwanya utaratujana".

Ku barokotse nka Shim, si ikibazo co kuronswa indishi y'akababaro, ni ikibazo co kwemera ivyatubayeko.

Ati: "Ukwibuka birahambaye kuruta indishi. Imibiri yacu iribuka ivyo twaciyemwo... ari nka hamwe twokwibagira, bizosubira kubaho. Kandi hazogera igihe aho ata n'umwe azoba agisigaye kugira ngo abare inkuru".