Ingene bitoroshe kubaho mu busaza mu Burundi: imbere mu kigo muri bike vyitaho abatamakazi

- Umwanditsi, Gildas Yihindimpundu
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Gitega
Mu kigo ''Urukundo'' i Mutoyi.
Ku birometero 40, mu buraruko, uva ku mugwa mukuru wa politike Gitega. Kano karere gahanamiwe n'imisozi miremire.
Umwe mu batamakazi baba muri ico kigo ni Maritha Ntunguka w'imyaka 86, avuka muri zone Mutoyi nyene. Umwanya wose aguma yiyumvira abiwe.
Akimbona gusa yaciye ambwira ati: "Jewe ndafise utwuzukuru. Mugabo turacari duto duto. Kamwe kitwa Nadia Maria Bella. Akandi kitwa Melissa."
Biraboneka ko akumbuye cane iwabo.
Maritha ari kumwe n'abandi batamakazi baharurwa muri mirongo bagandagaje mu bwugamo bw'inyubakwa babamwo.
Bamwe bariko barakoma amashi, abandi bagerageza kuririmba n'ubwo biboneka ko utuguvu atari ikirenga.
Kubera ubusaza, hari abo usanga barahumye. Hari n'abo biboneka ko bazingamye. Abo, biyunguruza ku dukinga tw'abagendana ubumuga.
Uwugendeye iki kigo wese bamuganiriza nk'abamuzi. Baca batangura kumubwira ivyo muhira iwabo (iyo baje bava) bakavuga n'amazina y'incuti zabo, ay'abaryango canke ababanyi.
Ariko kubaganiriza ntivyoroshe namba. Bisaba kuvuga cane kugira bakwumve.
Igihe c'isaha zitandatu haba hageze gufungura. Uno musi bafungura imboga, ibihagarage bakoza umutsima w'imyumbati canke umuceri.
Imbere yo gufungura babanza kubambika udutambara tubakingira kwitako ivyo kurya kugira ntibacafuze izo bampaye.
Babanza no gusenga mu kivunga.
Maritha arashima ingene babayeho, agashima ingene bafungurirwa neza.
''Mu gitondo turanywa ubuyi'', niko avuga, ''sasita bakatugaburira imfungurwa zitandukanye, no ku mugoroba ni uko nyene''.
''Tubayeho neza.''

Imvo zo kuhazanwa
Bamwe mu babungabungiwe muri iki kigo, nta mwana n'umwe basigaranye. Kugira babibagize intuntu, ababitaho barabatunganiriza uko ibibafasha ko umwanya uhera batarambiwe canke ngo baje mu maganya umwe umwe ukwiwe. Harimwo gusenga imisi yose.
Regina Maheza w'imyaka 90 ni umwe mu batamakazi baba muri iki kigo. Avuga ko imisi yose mu gitondo bavyuka basenga.
Ariko aramwenyura ati: ''Ntubona Bikira Mariya harya ? Tuzinduka twicara aha nyene tugasenga. Dutangura ibisabisho vyo mu gitondo hanyuma tugaca dukurikiza ishapure.''
Abo mu miryango, ahananini y'abarimyi, bamaze kujanayo ababo, bavuga ko cabaremuruye umuzigo udasanzwe.
Kwitaho ababo bashaje ngo bisaba uburyo n'ubuhinga bwinshi badashobora kuronka.
Serejiyo yabwiye BBC Gahuzamiryango ko yacumukuye ku rugero rudasanzwe ariko aragerageza kwitaho nyina wiwe w'imyaka 81.
Uyu musore avuga ko hambavu y'ubusaza, umuvyeyi wiwe yaciye aguma agwaragurika mu gihe umuryango wari wugarijwe n'ubukene butagira izina.
''Vyarangoye cane rwose, mushikanje aramfasha biranka. Umutima wanje harageze igihe uratuntura ndihebura'', ni ko Serejiyo asigura ariko arakorora amosozi.
''Mu kugerageza kumuvuza twarariye [twaragurishije] n'igice c'agatongo gatoya dufise".
Privato Ntamagendero na we nyene yaragiriwe ubuntu bwo kuzana umuvyeyi wiwe w'imyaka 82 mu kigo Urukundo arakirwa.
Ingorane zamushikiye zishaka gusa n'izashikiye Serejiyo.
Umuvyeyi wiwe Reparata Mutwakazi harageze igihe amagara yo mu mutwe amera nk'ayatifashe neza, mu nyuma aca afatwa n'uruhumyi.
Iyo bagiye kurima vyasaba ko basiga bamwugaraniye mu nzu kugira ntasohoke.
''Yari amaze guhakwa kugwa mu manga incuro nyinshi'', ni ko Privato asigura imbere yo kubandanya ati: ''Vyarashika agata impuzu akagenda ari gusa. Vyari biteye agahinda''.
Privato avuga ko ibintu vyabaye nabi gushika n'aho bihakwa kumusambuza.
''Umugore wanje nta kindi yari agikora. Kwari ukurerekana na mama wanje gusa. Kandi mama yaravuga amajambo mabi cane bigashavuza umugore wanje."
Privato arashimira cane "aba bazungu bemeye kumwakira.Nariruhukije. Nukuri ndabashimira. Bazofashe n'abandi."

'Urukundo', kimwe mu bigo imparurwa
Ikigo ''Urukundo'' cashinzwe n'abapatiri hamwe n'ababikira b'Abataliyano bazwi cane muri ako karere ku yindi migambi myinshi y'uburimyi n'ubucuruzi baharangurira.
Ni kimwe mu bigo bike biri mu Burundi vyakira bikitaho abageze mu busaza. Ntibishika na 10 mu gihugu cose, kandi vyinshi biri mu gisagara ca Bujumbura.
"Abakeneye gufashwa ni benshi. Ababisaba ni benshi'', nk'uko bivugwa na Emmanuella Ntakarutimana, umwe mu bajejwe ikigo Urukundo co ku mutumba Nkuba, zone Mutoyi, komine Bugendana mun ntara ya Gitega.
''Uca usanga ubwo buryo butahari bukwiye kugira ngo twakire benshi gusumba aba dufise ubu."
Ntakarutimana avuga ko kino kigo uno musi gitunze abatamakazi 62. Asigura ko bava mu ntara zitandukanye ariko ko igice kinini baturuka mu ntara za Karusi na Gitega.
Asigura ko bazanwa muri ico kigo kubera baba bameze nk'abatawe. N'ubwo bamwe bafise ababo, ngo hari abo usanga ata n'umwe bagisigaranye.
Ikigo "Urukundo" kigenda kirondera ahanini abasa n'abageramiwe kurusha abandi. Iyo gishoboye kubamenya, nk'uko Ntakarutimana abandanya abisigura, kirabitaho kugira imisi yabo ibe irigira imbere.
Ati: "Turabafasha mu kubafungurira, tukabambika, tukaboza, tukanabavuza."
"Abafise ubumuga nabo nyene barafashwa, umwe wese mu bumuga bwiwe. Hari nk'abakeneye udukinga two kwiyunguruza, utwo turatubaronsa. Hari abandi bakeneye ivyo bishimikiza (béquilles). Ivyo vyose turabibaronsa".
Yamara, Emmanuella avuga ko iki kigo cugarijwe n'ubukene bw'uburyo mu gihe abacitura baguma bongerekana, nk'uko Ntakarutimana avuga.
"Tubakire ari benshi tubafashe gute? Ntivyoroshe. Ntibikunda. Bisaba uburyo bwo kubafungurira, bisaba uburyo bwo kubakurikirana kandi harakenerwa n'abakozi.
''None uca usanga ubwo buryo butahari bukwiye kugira ngo twakire benshi gusumba aba dufise ubu."
"Twosaba aboba bashima kino gikorwa kuraba ingene boterera kugira turabe ingene twagura amazu, n'ivyo tubagaburira biboneke".
Gushika ubu, ikigo ''Urukundo'' c'i Mutoyi gikoresha uburyo bwaco bwite kikongera kikarima bimwe mu vyo kibagaburira.
"Abakeneye gufashwa ni benshi. Ababisaba ni benshi. Ariko uca usanga ubwo buryo butahari bukwiye kugira ngo twakire benshi gusumba aba dufise ubu."













