Umutamakazi akubitwa inkoni mu kigo citaho abashaje muri Kenya - amasanamu ya rwihishwa

Amasanamu yafashwe rwishishwa

Ahavuye isanamu, BBC Africa Eye

    • Umwanditsi, Na Njeri Mwangi i Nairobi & Tamasin Ford i London
    • Igikorwa, BBC Africa Eye

Abantu b'intege nke baba mu kigo c'abageze mu za bukuru hafi y'umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi, barafatwa nabi kandi ntibitabweho, nk'uko vyashizwe ahabona n'amatohoza ya BBC Africa Eye [Ishami rya BBC rikora inkuru z'amatohoza].

Amasanamu yafashwe rwihishwa yerekana abakozi bariko barakubagura ababa muri ico kigo, basesa ivyo kurya vyabo ku meza ata masahani, hanyuma bakareka kubavuza.

''[Umutamakazi] Mukubite ku gisusu. Mukubite,'' umukozi ariko arabwira mugenziwe afise inkoni, mu kigo c'abageze mu za bukuru ca Thogoto c'ishengero Presbyterian Church of East Africa (PCEA), ku 20km mu burengero bwa Nairobi.

Iyo nkuru yakozwe rwihishwa yerekana gato imbere y'aho, abakozi batatu bambaye umwambaro w'ibara ry'iconge (mauve), bakikuje umutamakazi hafi y'irembo ry'urugi rukozwe mu mabati.

''Wari ugiye he hariya?'' umwe mu bakozi abaza uwo mutamakazi, ''Twaguhamagaye hanyuma uranka kugaruka.''

Uwo mutamakazi, yambaye umupira w'ubwoya n'inkofero y'imbeho, aboneka ko atazi ico ari buvuge kandi agize ubwoba.

Ati: ''Yooh, ndabasavye ngirira ikigongwe,''

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

''Ubu rero tugira tugukubite,'' umwe mu bakozi amusubiza.

Umwe mu bakozi aca agaragara ariko aramukubita ku gisusu n'inkoni y'igiti.

Ako ni akarorero kamwe k'ifatwa nabi ryabonywe n'amatohoza ya BBC Africa Eye.

Ico kigo cashinzwe n'igisata c'abagore c'ishengero PCEA ry'aho ariko ubu kikaba gikora cigenga. Kibamwo abatama n'abatamakazi bashika 50.

Muri iyi myaka iheze, igitigiri c'ibigo vy'abageze mu za bukuru bivugwa ko cigwije hafi na gatatu i Nairobi. Vyinshi nta mafaranga yo gupanga bisaba, bifashwa n'amashengero y'aho canke imfashanyo bikura irya n'ino.

Mu myaka 30 iri imbere abageze mu za bukuru muri Afrika vyitezwe ko bazokwiyongera incuro zitatu bakava ku miriyoni 75 bagashika ku miriyoni 235, ku bw'icegeranyo co mu 2020 c'ikigo ca Amerika gikora ruransuma, United States Census Bureau.

Ukwiyongera kuzonyaruka kurusha ahandi hose kw'isi, bitume ivyo gushira uwawe mu bigo vy'abageze mu za bukuru bicika ikintu gisanzwe mu miryango myinsi.

Presbyterian Church of East Africa (PCEA) Thogoto Care Home for the Aged
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'ico kigo avuga ko kigendera kw'ishimikiro rya gikristu

Mu 2020, imboneshakure yo muri Kenya, Ebru Television, yafashe amasanamu mu kigo ca Thogoto. Uwukirongoye, Jane Gaturu, yerekanye ishusho y'ikibanza ciza cane, aho abakirimwo bagaburirwa neza kandi bakitabwaho.

BBC Africa Eye yaronse amakuru y'uko ibintu atari uko vyifashe. Abanyamakuru babiri bakora rwihishwa bararonse akazi muri ico kigo hanyuma bamara amezi arenga atatu bafata amasanamu rwihishwa muri ico kigo.

Uretse ivy'uwo mukozi akubita uwo mutamakazi n'inkoni, barafashe amasanamu n'amajwi y'abakozi bemera ko bakubaguye abandi batama n'abatamakazi baba muri ico kigo.

''Rimwe na rimwe biraba ngombwa ko ukoresha inguvu,'' bivugwa n'umwe mu bakozi, yicaye hanze mu gihe c'akaruhuko ko kunywa icayi.

''N'abakozi bitonda mu nyuma basanga basigaye basindira abo bari muri ico kigo,'' niko avuga.

Babandanya basigura ingene hari ''umugabo umwe ''yama ariko arakubitwa''.

''Turamukubita kuko nivyo biheza bikamutururuza. Kuko iyo ashavuye, ashobora no kugutera ibuye,'' niko avuga.

Abakoze iyo nkuru barafashe amasanamu y'ubundi burorero bwo kutitaho no gufata nabi abo batama n'abatamakazi, harimwo kureka kubavura. Umwe muri bo yari arwaye cane ku mubiri.

''Ndababara cane. Cane, cane rwose. Numva umengo ndiko ndasha,'' niko yumvikana avuga muri iyo nkuru, ariko agerageza kwereka izosi ryiwe uwuriko arafata amasanamu rwihishwa. Avuga ko abakozi b'ico kigo batamujana kwa muganga kwivuza.

Ububabare bw'uwo mutama buragoye kubona muri iyo nkuru, ariko uwayikoze rwihishwa avuga ko yariko arava amaraso cane.

''Yarahaye amafaranga Jane [Gaturu, umukuru w'ico kigo] kugira amujane kwa muganga,'' nk'uko umunyamakuru avuga.

''Ntiyajanywe kwa muganga. Hanyuma abajije Jane, Jane aramushavurira cane. Mbere aca aramubwira ngo: 'Iwawe ni aho hafi, kandi abawe baraguhevye. Wibaza ko ari jewe nzoshobora kugufasha'?''

''Yahora ambarira ati : 'Turindiriye urupfu','' nk'uko umunyamakuru yibuka.

Haciye amayinga atandatu imbere y'uko uwo mugabo ajanwa kwa muganga, ku mafaranga atanzwe n'umuryango wiwe.

Man with skin condition at care home
Insiguro y'isanamu, Uwo mugabo yumvikana muri iyo nkuru avuga ko yumva umengo ariko ''arasha''

Ku mafoto yafashwe n'uwo munyamakuru rwihishwa, umubiri wiwe wuzuyeko ibigaragamba vyera kuva mu rukenyerero gushika hejuru kw'izosi. Ntibizwi iyo ndwara iyo ari yo.

Madame Gaturu yaranse kugira ico avuze ku kuba yarahawe amafaranga kugira uwo mutama avurwe hanyuma ntihagira ico akora.

Amategeko ya reta avuga ko ibigo [bibamwo abageze mu za bukuru] bitegerezwa kwitaho amagara yabo.

''Jewe ubwanje narababajwe cane n'ingene uwo mugabo yariko arababara kandi ntagira ico ndi bumufashe,'' bivugwa n'uwo munyamakuru rwihishwa.

''Hari igihe narira. Kenshi naja mu kazu ka surwumwe [toilette]. Narazimya kamera[camera] hanyuma nkarira.''

Umwe mu banyamakuru rwihishwa yarafashe amasanamu y'umukecuru ariko ararya ayoza intoke ivyo kurya vyashizwe ku meza ata sahani kuko atashobora kurisha ikiyiko.

Umugore umwe mu bahoze bakora muri ico kigo yavuze ko nawe nyene bene ivyo yahora abibona, avuga ingene abakozi bahora bamubwira ko atofasha abo batama n'abatamakazi kurya.

''Bambwira ngo sindabafashe uyu munsi kuko bukeye atawuzobafasha'', niko avuga.

Umwe mu banyamakuru rwihishwa [w'umugore] yarafashe rwihishwa amasanamu y'ikiyago n'umwe mu bakozi ku bijanye n'abakozi batagaburira abafise intege nke baba muri ico kigo

''Wibaza ko ariwe wa mbere azoba apfuye yishwe n'inzara ngaha?'' niko uwo mukozi amubwira.

''Benshi barapfuye bishwe n'inzara ngaha. [Abakozi] ntibabaha ivyo kurya ku murango, bakabima ivyo ku mugoroba, vyose kubera badashaka gufata umwanya ngo baze kubagaburira.''

Vyinshi mu vyo kurya muri ico kigo bija gutangwa ahandi, incuro zitatu abo banyamakuru rwihishwa barabonye ivyo kurya biriko birapakirwa imodoka y'umwe mu bakozi bakuru.

Umwe mu banyamakuru rwishihishwa nawe nyene yarabajijwe niba ashaka gutwara ivyo kurya avanye muri ico kigo, ariko aranka.

Umwe mu bahora bakora muri ico kigo yavuze ko ivyo kurya vyibwa n'abakozi.

''Hariho ivyo kurya, ariko kenshi vyibwa n'abakozi. Barapakira imodoka ikuzura ivyo kurya. Barapakira imodoka ivyo kurya vyinshi cane gushika aho igenda irazungazunga,'' niko avuga.

BBC yareretse Joseph Motari, amwe mu masanamu yafashwe rwihishwa. Motari ni umunyamabanga mukuru ajewe gukingira abantu mu mibereho [yabo] hamwe n'ibibazo vy'abageze mu za bukuru- akaba ari we ajejwe kwitaho abageze mu za bukuru muri reta ya Kenya.

Joseph Motari
Insiguro y'isanamu, Joseph Motari, umutegetsi muri reta

''Hamwe twobona uwo ari we wese, afata nabi, ahohotera canke asinzikaza abo bageze mu za bukuru, nokwizeza ko igihano kibereye kizohabwa uwo wese abikora,'' niko yavuze.

''Tugiye kuzosuzuma ibigo vyigenga bitandukanye hanyuma turabe ko bikora vyisunga urugero vyategerezwa gukorerako. Twiteguriye gufata ingingo ku kigo cose cigenga c'abageze mu za bukuru kibafata nabi,'' nk'uko yongeyeko.

Ivyo twarabibwiye Madame Gaturu.

''Iki kigo ni ishirahamwe ritarondera inyungu rikora ku kwitanga kw'abantu ku bushake kandi ata handi rivana uburyo atari ku mfashanyo z'abagiraneza,'' niko avuga.

Yongeyeko ko ata bakozi gifise bazi kuvura nk'umwuga ko bifashisha abandi, ''ariko kuvuga ko batitaho ababa muri iki kigo bakeneye kuvuzwa ari ibinyoma n'umutima mubi''.

''Abafise ingorane zo kwigaburira nibo baza imbere mu bahabwa ubufasha kandi uwo ari we wese afashwe asohokanye ivyo kurya ategerezwa guca yirukanwa.

'' Ikigo hamwe n'abakijejwe ntibihanganira uburyo ubwari bwo bwose bwo guhutaza canke gusindira abageze mu za bukuru. Abakozi ni bo basindirwa n'abo batama n'abatamakazi.

''Ikigo cama gikurikiza amategeko kandi kiguma cisunga ishimikiro rukristu catanguranye [kigishingwa],'' niko Madame Gaturu avuga.

[Ku bumva ururimi rw'icongereza] Raba inkuru yose Bahemukiwe: Ukwitaho Abageze mu za bukuru kwashizwe ahabona kuri YouTube channel ya BBC Africa