Ku myaka 99 yaronse umudari w'ifeza w'isi mu kunyonga ikinga

Kenneth Judd with his medal and trophy

Ahavuye isanamu, Road Worlds For Seniors

Insiguro y'isanamu, Kenneth Judd yakanyaze ikinga 3.779 km mu minsi irenga 26 kugira atsindire ikibanza ca kabiri mw'ihiganwa ry'isi

Kenneth Judd afise imyaka 99, ariko mu gukanyaga ikinga/igare ni bitumwako.

Uwo mugabo w'imyaka hafi 100 mu kwezi guheze yatsindiye umudari w'ifeza (yabaye uwa kabiri) mw'ihiganwa ry'isi ryo gutwara ikinga ryitabwe n'abantu 5.000.

Kugira atsindire ikibanza ca kabiri, Judd yakanyaze ibirometero 3.779 mu minsi irenga 26. N'ukuvuga muri rusangi ibirometero birenga 140 mu masaha 24, ikirere benshi muri twebwe b'imyaka mike cane gusumba tudashobora kumara dukanyaga ikinga ku munsi umwe, ubanje kureka kubikora iyindi minsi 25 ikurikirana.

Judd yabikoreye aho avuka muri Yorkshire no muri Lake District (mu Bongereza).

Iryo higanwa rimaze imyaka ine ryitwa Road World For Seniors (Isi y'ibarabara y'abageze mu za bukuru).

Abemerewe kuryitaba n'abageze mu za bukuru n'abafise indwara zikunda kujana n'ubusaza , abitaba ihiganwa bakaba bakanyaga amakinga aguma aho ari (nk'arya yo mu nzu zo kwinonora imitsi, gym) akorwa na kompanyi yo muri Norvege Motitech.

Ayo makinga aba acometseko imashini ya ordinateur, nayo ikaba icometse kuri television, uwuriko aranyonga iryo kinga rero akaguma yibona muri television nk'uko yoba ari mw'ibarabara vy'ukuri.

Road Worlds For Seniors entrants at a care home in Canada

Ahavuye isanamu, Road Worlds For Seniors

Insiguro y'isanamu, Aho abashaje bahiganirwa mu kigo c'abageze mu za bukuru muri Canada

Ubwo buhinga bumaze imyaka bukoreshwa mu ma gym canke ku wushatse kunyonga ikinga ari iwe, ariko Motiview, ubuhinga bwa Motitech bwo kwibona muri television, bugenewe cane cane abantu bageze mu za bukuru n'abafise indwara zikunda kujana n'ubusaza.

Intumbero n'uko ababukoresha bakanyaga ikinga bajana na vídeo y'amabarabara, utuyira n'uturere, hafi y'aho babaye bakiri abana canke bakiri imikangara, kugira bagorore imitsi ku mubiri no mu mutwe.

Bo nyene canke ababafasha baratora urukurikirane rw'uturirimbo two kwumviriza kugira bagire ingoga zo kubandanya bakanyaga.

Ihinganwa ry'uyu mwaka ryabaye kuva itariki 6 za Nyakanga/Nzeri (ukwezi kw'icenda) gushika kw'itariki ya mbere Gitugutu/Ukwakira (ukwezi kw'icumi).

Abatsinze n'abanyonze ikinga ibirometero vyinsi muri ico kiringo -ubwo buhinga buja burandika ikirere bagize.

Bwari ubugira kabiri uwo mutama ageze mu myaka ya 90 yitaba iryo higanwa. Uwo yatwara indege mu ntambara ya kabiri y'isi, yabaye uw'indwi mu 2020 (kuko na Covid ntiyabujije ko ihiganwa riba), kuva ico gihe akaba yaciye aguma akora imyimenyerezo kw'ikinga rya Motiview kuva mu kwezi kwa mbere kugira yitegurire ihiganwa ry'uyu mwaka.

Avuga ati: "Nashaka kurusha aho nashitse mu mwaka uheze, nca ndakora kugira menye ibirometero n'amasaha nshobora kugira buri munsi".

"Nanyonga ikinga ata wundi n'umwe ari hafi, mw'ijoro cane canke mu masaha ya kare cane. Abakora mw'ijoro bari bameze neza cane, baranzanira ivyo nywa n'ubwo icayi canje caruhira guhora kuko nitaho kunyonga ikinga.

"Witaho umuvuduko wawe n'aho ushobora gushika. Hari aho nagenda ndaraba Yorkshire, ikindi gihe-nkaraba ibindi- uturere tw'ibiyaga"

A competitor being cheered on at a care home in Harrogate, Yorkshire

Ahavuye isanamu, Paul David Drabble

Insiguro y'isanamu, Uwuri mw'ihiganwa ariko araterwa intege mu kigo abamwo muri Harrogate , Yorshire

Lindy Renaud, ajejwe kubaho neza mu kigo c'abageze mu za bukuru i Londres, avuga ko igituma nyamukuru Motiview iriko irakundwa n'abantu benshi, n'uko abo bageze mu za bukuru banyonga amakinga bahimirizwa kwibuka ubuto bwabo.

Avuga ati: "Ni vyiza ku bwenge, umubiri n'umushasha vyabo."

"Bibibutsa ibihe vyiza aho baca bavuga bati 'Oh, ico ndacibutse'."

N'ubwo abantu bageze mu za bukuru bose badakeneye gukoresha ubuhinga (technologie), hariko harahinduka vyinshi mu gukoresha ubuhinga mu kubafasha guhangana n'ibibazo bitandukanye birimwo kuba inyakamwe, umutekano n'indwara, canke kuguma banonotse.

Abantu bageze mu za bukuru baguma baba benshi kw'isi: gushika mu 2050, 16% y'abantu bose kw'isi bazoba bafise imyaka irenga 65, mu gihe gushika ubu bari 9% ku bw'ibiharuro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU. .