Umuntu ashaje gusumba abandi i Buraya yarokotse Covid imbere y'isabukuru y'imyaka 117

Ahavuye isanamu, AFP
Umubikira w'umufaransa, umunyabulaya ashaje gusumba abandi bose kuri uwo mugabane, yarokotse Covid-19, mu gihe hasigaye imisi mike ngo ahimbaze isabukuru y'imyaka 117 amaze avutse.
Lucile Randon, yiswe izina ry'ikibikira rya Mama Andre mu 1944, yamenyekanye ko yanduye coronavirus ku wa 16 z'ukwa mbere ariko nta bimenyetso na bimwe yagaragaje.
Yabwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko ata n'uko yari azi ko yayanduye.
Yaciye yitaramura mu nzu y'abakukuruke iri ahitwa Toulon mu bumanuko bw'Ubufaransa, ariko ubu aboneka ko yakize neza.
Mama Andre, ubu akaba atabona kandi agendera kw'igare y'abamugaye, ariko yitegurira guhimbaza ivuka ryiwe ejo ku wa kane - n'aho azohimbaza uwo musi ari kumwe n'abantu bake cane, gusumba uko vyahora.
Umuvugizi w'ikigo c'abakukuruke ca Sainte Catherine Labouré, David Tavella, avuga ati: "Yaragiriwe amahirwe menshi".
Yabwiye ikinyamakuru Var Matin ati: "Ntiyambajije ibijanye n'amagara yiwe, ahubwo yambajije ibijanye n'imibereho yiwe. Nk'akarorero, yaripfuje kumenya nimba amasaha yo gufungura no kuryama bigiye guhinduka".

Ahavuye isanamu, AFP
"Ntiyigeze yerekana ko atinya iyi ndwara. Ahubwo yari afitiye impungenge abandi basanzwe babana muri ico kigo".
Mamar Andre yavutse ku wa 11 z'ukwa kabiri mu 1904.
Mu gihe azwi ko ari we muntu wa mbere ashaje ku mugabane wa Buraya, azwi kandi nk'umuntu agira kabiri ashaje kw'isi yose, nk'uko biri ku rutonde rw'ikigo Gerontology Research Group's (GRG) gisanzwe gikora ubushakashatsi bwo kurondera abantu bashaje kw'isi.
Abajijwe n'ikinyamakuru co mu Bufaransa BFM nimba yari afise ubwoba bwo kuba yaranduye Covid, Mama Andre yishuye ati: "Oya, nta bwoba nari mfise, kubera ntatinya gupfa".
"Ndanezerewe no kuba kumwe na mwe, ariko nipfuza ko mba ndi ahandi hantu - kumwe na mukuru wanje, sokuru wanje na nyokuru wanje".










