Ntimusubire kwiba muri Air Force One, bisabwa abanyamakuru

Indege ya Air Force one irerura umukuru w'igihugu ca Amerika Joe Biden.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abamenyeshamakuru basabwe kudasubira kwiba utuntu bazokwibukirako ko bagendeye mu ndege irerura umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden.

Igenzurwa ryakozwe mu ndege ya Air Force One inyuma y'urugendo perezida Biden yakoze mu karere kegereye ibahari ya Pacific (US Wwest Coast) mu kwa kwezi kwa kabiri ryasanze hari ibintu vyinshi bitakiboneka mu bibanza vyicaramwo abamenyeshamakuru.

Ibitambara vy'imisego, ibirahuri n'amasahani afise imbiga zisize inzahabu ni bimwe mu bikoresho bivugwa ko vyabuzwe irengero muri iyo ndege.

Ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru bakurikirana amakuru yo mu biro vy'umukuru w'igihugu ryari ryagabishije ko kizira gutwara ikintu na kimwe co mu ndege.

Mu kwezi guheze, iryo shirahamwe ryarungikiye ubutumwa bwa email abamenyeshamakuru bubabwira ko inyifato nk'iyo ityoza umurwi w'abamenyeshamakuru bajana mu ngendo n'umukuru w'igihugu - kandi ko bategerezwa kuyiheba.

Hari aho abamenyeshamakuru bahabwa ama chocolats ya M&M ariko ikidodo c'umukuru w'igihugu nk'icibutso.

Ariko gutwara ibikoresho biriko ikirango ca Air Force One - birimo ibikoresho vyo ku meza [nk'mbugita n'ibiyiko] n'ibitambara vyo kwihanagura vyarabaye akamenyero kuva kera nk'uko ivyegeranyo bivyemeza.

Umumenyeshamakuru Misha Komadovsky, w'insamirizi y'Ijwi rya Amerika akora amakuru yo mu biro vy'umukuru w'igihugu, yaregeranije utuntu tutari duke mu ngendo yagize mu ndege y'umukuru w'igihugu.

Ama chocolats ya M&M ahora ahabwa abamenyeshamakuru bajana mu ngendo n'umukuru w'igihugu ca Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amasanamu ya M&Ms yo muri Air Force One yafashwe mu 2016 ku ntwaro ya Barack Obama.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yabwiye igisata ca BBC News ati: " Ntawe nateye ingorane canke ngo nkoshereze mu kwegeranya utu tuntu,'' niko yabwiye BBC afashe mu minwe igikombe gikozwe mu gipapuro kiriko ikirango ca Air Force One avuga ko ''yibagiwe guta."

Komadovsky arafise kandi agapaki k'ama chocolats y'umukuru w'igihugu ya M&M ariko umukono wa Biden.

Yavuze ati: "Ndabira nk'iyi. Ni M&M zisanzwe zitekeye mu gapaki keza".

Air Force One, ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika (White House/Maison Blanche) vyita "ibiro vy'umukuru w'igihugu vyo mu kirere", ingana metero kare 372 zigizwe n'ibice bitatu.

Ifise ivya nkenerwa vyo gutangarira birimwo icumba cagutse c'umukuru w'igihugu, ikibanza co kuvuriramwo kirimwo n'imeza yo gukorerako (kubaga) umurwayi, icumba c'amanama n'aho bafungurira, ibibanza bibiri bateguriramwo ibifungurwa bishobora gukwira abantu 100 n'ibibanza bigenewe abamenyeshamakuru, abanyacubahiro, abajejwe umutekano n'abanyamabanga b'umukuru w'igihugu.

Iyo ndege iharurwa mu ndege za gisirikare yakozwe kugira ishobore guhangana n'ibitero vyo mu kirere.

Ishobora kandi kunywa igitoro iri mu kirere, ibi bikayifasha kuguma mu kirere umwanya wose vyokenerwa- ikintu gikomeye cane mu bihe bidasanzwe.

Air Force One kandi ifise ibikoresho vyo guhanahana amakuru vyizewe, bifasha indege gukora nk'ikigo ngendanywa co gutangiramwo amategeko y'intambara.

Irimwo amaterefone 85, amaradiyo ya gisirikare n'uruhererekane rw'imashini mudasobwa (ordinateurs/computers).

Umukuru w'igihugu yicara imbere, abamenyeshamakuru nabo bakicara mu ruhande rw'inyuma rw'iyo ndege.