Ibitero ku Banyarwanda muri Kongo vyiyamirijwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunye-Kongo yatsindiye agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel, Dénis Mukwege, hamwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati Daniel Aselo, basavye ko hahagarikwa ibitero bivugwa ko vyibasira abatutsi muri Republika ya Demokrasi ya Kongo.
Amasanamu y'abantu bitwaje imipanga bariko barahiga abatutsi ku murwa mukuru Kinshasa, hamwe no mu yindi miji mikuru yarakwirakwijwe ku mbuga hwaniro mu mpera z'indwi iheze.
Harahanahanywe kandi amajwi na za video vyerekana ahaherereye abatutsi.
Ibi biriko biraba mu gihe i Nairobi muri Kenya hakoraniye inama y'abakuru b'akarere k'ubuseruko bwa Afrika, ngo bige ku kibazo c'u Rwanda na Kongo.
Ibi bitero ku Banyarwanda muri Kongo bije mu gihugu uruhagarara ari rwose hagati ya Kongo n'igihugu kibanyi cayo c'u Rwanda.
Republika ya Demokrasi ya Kongo yagiriza u Rwanda gushigikira abarwanyi b'umugwi M23, ikaba yarahagaritse amasezerano yose y'urudandaza yari hagati y'ibihugu vyombi.
U Rwanda rwarahakanye gushigikira umugwi M23, ugizwe ahanini n'abatutsi b'abanye-Kongo.
Mu ndwi iheze, imyiyerekano yo kwiyamiriza u Rwanda yadutsemwo gusahura amaduka y'Abanyarwanda mu muji wa Goma, mu buseruko bwa Kongo.










