'Ni ingingo ataho ishingiye atari gutuntuza ababuze muri genocide' - abahinga ku Rwanda

Bamwe mu bari mu nama y'abahinga ku mateka ya genocide mu Rwanda i Buruseli
Insiguro y'isanamu, Mu bari mu nama barimwo abaserukira umuryango Ibuka uharanira abacitse kw'icumu rya genocide mu Rwanda
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Yakoze inkuru ari, Brussels

Mu gihe inama mpuzamakungu y'abahinga kuri genocide yabaye mu Rwanda vyari bimenyerewe ko ibera mu ngoro y'inama nshingamateka y'Ububiligi buri mwaka imbere y'icunamo, iyo nama nshingamateka y'Ububiligi yaraye ihagaritse ku munota wa nyuma ko iyo nama yari itegekanijwe ibera muri iyo ngoro kuri uyu wa kane 27 ukwezi kwa gatatu 2025.

Ibi vyateye ishavu amashirahamwe y'abacikacumu ba genocide yabaye mu Rwanda bavuga ko ari ugukora mu gikomere ababuze.

Nk'uko ishirahamwe Ibuka rihurikiyemwo abacikacumu bo mu Rwanda ribimenyesha, ngo abacitse kw'icumu batunguwe niyo ngingo babona ko ataho ishingiye atari ugutuntuza abababuze ababo mu gihe ca genocide.

Igihe BBC Gahuzamiryango yabasanga mu kibanza barondeye igihutihuti kugira kiberemwo iyo nama inyuma yo nkwankirwa gukorera mu nama nshingamateka y'Ububiligi, agahinda, ishavu n'umubabaro nivyo vyibonekeza mubari bitavye iyo nama bari bagizwe ahanini n'abahinga k'Urwanda, abacitse kw'icumu rya genocide y'Abayahudi n'Abanyarwanda, na bamwe mu Banyarwanda baba mu Bubiligi.

Abantu bicaye hamwe mu nama harimwo uwufise mikoro
Insiguro y'isanamu, Vyabaye ngombwa ko bahindura ikibanza vuba vuba

Eugène Twagiramutabazi arongoye ishirahamwe Ibuka ry'abacitse kw'icumu rya genocide yabaye mu Rwanda yavuze ko biteye agahinda kubona Ububiligi bwitiranya politike n'ukwibuka abazize genocide.

Yagize ati: "uyu muryango Ibuka ni ishirahamwe ry'Ububiligi rigengwa n'amategeko y'Ububiligi, nta politike turimwo ntaniyo twigeze tujamwo, turatangazwa no kubona batubuza kwibuka abacu".

Avuga ko ivyo ata kindi bizana atari ugutuntuza ababuze ababo muri genocide, ngo haciye imyaka 30 bibuka ababo mu mutekano, rero ntibatahura ukuntu uno mwaka bobabuza birateye agahinda. Yasavye ko Ububiligi bwokwisubirako kuko genocide ari icaha gisumba ibindi, kitagira imbibe, kandi ko ata kindi basaba atari ukwibuka ababo bazize uko bavutse.

Nayo Igor César aserukira igihugu c'u Rwanda mu Budagi no mu Bumwe bwa Bulaya, yari yishikiye gukurikirana iyo nama yavuze ko ivyo bitabaca intege.

Ngo 'abibaza ko 'biduhungabanya barihenda', tuzobandanya kwibuka abacu'.

Igor César
BBC
Barihenda, tuzokwama duharanira uburenganzira bw’abazize genocide kandi ukuri ni kumwe guca muziko ntigusha.
Igor César
Aserukira u Rwanda mu Budagi
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu nama nshingamateka y'Ububiligi bisigura bavuga ko iyo nama y'uno mwaka yari yafatanijwe na politike y'Urwanda aho batanga akarorero k'umwe mu batumire Jean Damascène Bizimana umushikiranganji w'ubumwe w'Urwanda yari yatumiwe muri iyo nama ngo atange ikiganiro mu gihe afatwa nk'uwuvuga propagande y'Urwanda.

Umushingamateka Michel de Maregd wo mu nama nshingamateka y'Ububiligi yari guhagarikira iyo nama kw'izina ry'inama nshingamateka y'Ububiligi yabwiye abamenyeshamakuru ko yabasokoye amaze kubona ko leta y'Urwanda yavyivanzemwo gutyo inama nshingamateka ica yisubirako ku ngingo y'uko ivyo Birori bihabera.

Ivyo bir'uko mu gihe amwe mu ma komine y'Ububiligi yahora yifatifikanya n'amashirahamwe ry'abacikacumu kwibuka genocide yo mu Rwanda aza yisubiyeko, iyo ni nka Commune ya Liège ibamwo Abanyarwanda benshi mu Bubiligi, aho abayirongoye bamenyesheje basokoye kwifadikanya n'amashirahamwe y'abacikacumu kwibuka abazize genocide bahora bakorera hamwe mu myaka 30 iheze. Abacitse kw'icumu babona ko ari ingingo yo guhakana genocide iturutse ku mubano utameze neza wa politike.