Jenoside-Rwanda: Charles Onana yasabiwe ibihano vy'akarorero

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru i Paris
Sentare mpanavyaha y'i Paris yaraye isozereye urubanza rwa Charles Onana umunya-Cameroun afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa yagirizwa ivyaha vy’uguhakana jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.
Uwo mugabo w’imyaka 50 yagirizanywa icaha kimwe na Damien Sirieix nyene inzu « l’Artilleur » yamufashije gusohora igitabo ciwe La vérité sur l’opération turquoise, quand les archives parlent arico catumye amashirahamwe indwi arwanya jenoside amushingishiriza urubanza.
Muri ico gitabo c’impapuro zirenga 650, ahantu 19 muri ico gitabo niho abamwitariye bisunze kuko bemeza ko harimwo amajambo yeruye ahakana jenoside yakorewe Abatusi mu Rwanda, ahandi naho akayigabaniriza uburemere.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
Mu ntahe y'amasaha arenga 11 bitoroshe kuronka aho uhonyora
Muri iyo ntahe ya nyuma y'urwo rubanza ku wa gatanu, ntivyari vyoroshe kuronka aho uhonyora canke wicara ahabera urwo rubanaza kubera ubwinshi bw’abantu
Sentare yari yahinduye icumba urubanza ruberamwo irondera icagutse gusumba ariko ubwinshi bw’abantu bwarahungabanije ibikorwa vya sentare kubera urwamo rw'abantu rwari rwinshi imbere mu cumba c’iburaniro.
Hanze naho hari umusunikano w'abipfuza kwinjira imbere mu cumba kiberamwo urubanza. Igipolisi cari cagavye kubera guterana amajambo mabi hagati y’abashigikiye impande ziburana kuva urubanza rugitangura.
Intahe yo ku wa gatanu yamaze amasaha arenga 11 yatanguye Sentare yumviriza amasura ya nyuma.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
Uwa mbere yumvirijwe ni umunyamategeko Rethy Hamuli. Ni umugabo w’imyaka irenga 60 afise ubwenegihugu bwa Republika ya Demokarasi ya Congo n’Ubufaransa.
Hamuli yahoze ari umwunganizi w’abagirizwa jenoside imyaka irenga 6 muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda TPIR, yumvirijwe nk’icabona ca Charles Onana.
Hamili yavuze ko yanabaye umukuru w'abunganizi (avocats) bose ba TPIR.
Uwo mugabo yemeje ko ibiri mu gitabo ca Onana no muri sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda vyavuzwe .
Hamuli yavuze kandi zimwe munnyandiko ziri mu bubiko bw’inyandiko (archives mu gifaransa) z'iyo sentare zerekana ko ivyo Charles Onana yavuze vy’abahutu bishwe n’abasirikare ba FPR bakiri inyeshamba zibigaragaza.
Rethy Hamuli yavuze ko n’abari mu gisirikare ca kera ''FAR'' ku ntwaro y’uwari president w’Urwanda Juvenal Habyarimana yaburaniye hari abambitswe izera na sentare kuko basanze ivyo babagiriza ari ibinyoma.
Hamili yagirije ishirahamwe ry’abacikacumu Ibuka ryo mu Rwanda na reta y’Urwanda kugerageze gushira igitutu kuri iyo sentare, ivyatumye n’abambitswe izera na sentare vyanka ko baronka ikindi gihugu kibakira kubera igitutu leta y’Urwanda yashira ku bihugu vya Buraya vyipfuza kubakira nk’impunzi .
Hamili yarangije avuga ko uwuvuze ko hariho ubwicanyi bwakorewe Abahutu nk'uko Onana yavyanditse mu gitabo ciwe atoca yitwa uwuhakana jenoside yo mu Rwanda.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
Hakurikiye Marcel Kabanda, arongoye ishirahamwe ry’abacikacumu Ibuka ishami ryo mu Bufaransa, Ibuka France
Kabanda w’imyaka 68 mw’ijwi rishimitse ririmwo ibigumbagumba (émotion) yabwiye sentare ko jenoside yakorewe Abatutsi yateguwe irashirwa mu ngiro, na cane cane mu gukwiragiza imvugo zibiba urwanko.
Kabanda yagarutse ku mabwirizwa cumi y’Abahutu yasohotse mu kinyamakuru Kangura. Yagarutse kandi kuri mwe mu majambo yakoreshwa n’ibindi binyamakuru nka Radio-Television Libre des Mille Collines, RTLM.
Imvugo Kabanda yise iyakangurira Abahutu guhonya Abatutsi no kubafata nk’abansi na cane cane ku ma bariyeri yari acunzwe n’Interahamwe.
Kabanda aba mu Bufaransa guhera mu myaka ya 80 yavuze ko icamurokoye ari uko atari mu Rwanda ariko abiwe bariyo n’ibindi bihumbi vy’Abatutsi avuga ko bataronse ayo mahirwe.
Kabanda yanagarutse no kw’ijambo ry’uwahoze ari umukuru w’Urwanda w’imfatakibanza/inzibacyuho Theodore Sindikubwabo yavugiye mu cahoze ari perefegitura ya Butare mu majepfo y’Urwanda, aho avuga ko yakoresheje ijambo ''kora'' ivyo wewe yise ko kwari guhamagarira guhonya Abatutsi.
Yarangije asaba ko guhakana ko habaye jenoside ari ugutoneka imiryango y’ababuze ababo, nayo kubona Charles Onana yayise ubuswaganyi ''escroquerie'' mu gifaransa ata kindi bigamije atari guha inguvu aboba bipfuza gukora iyindi jenoside aho bari kw’si hose.
Hakurikiye Jean François Dupaquier, umufaransa w’imyaka irenga 80 yumvirijwe nk’icabona c'abitwariye Charles Onana.
Dupaquier, umwanditsi yahoze ari ni umunyamakuru ni umuhinga w’akarere k’ibiyaga binini mu ntahe yiwe yagaragaje agashavu ariko avuga ibiri mu gitabo ca Charles Onana aho yakoresheje amajambo akarishe mu kucita ko ari ibintu bitagira umutwe n'amaguru ''idioties'' mu rurimi rw’igifansa.
Dupaquier yibukije sentare ko yari umuhinga muri sentare yashiriweho Urwanda TPIR ko ibiri muri ico gitabo ca Onana casohowe na Damien Sirieix mu nzu yiwe yo gusohora ibitabo L’Artilleur ata na hamwe vyigeze bivugwa, akabona ko igitabo nk’ico ataho gitaniye n’imvugo aba Nazi ba Hitler bakoresha mu kwankisha Abayahudi ''shoah'' mu rurimi rw'Igiheburayo .
Afise ibinyamakuru mu ntoke vyanditswe imbere ya jenoside nka Kangura n’ibindi, Dupaquier yarangije asaba sentare ko amajambo ari mu gitabo ca Onana ata kindi umuntu yoyita atari guhakana jenoside vyeruye, hakwiye ibihano vyeruye kugira vyihanikirize abanditsi nk'abo bahakana jenoside zabaye kw’isi .
'Abantu nka Onana ntibakwiye kwidegemvya'-abunganira abamwitwariye
Hakurikiye uwaserukiye ishirahamwe ry’abacikacumu Survie, rimwe mu yitwariye Charles Onana. N'aho atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona nawe nyene yasavye ko Charles Onana yohanwa bikwiye kubera igitabo yanditse gihakana jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda.
Ku mugoroba w’ijoro ahagana isaha imwe imwe y’ijoro niho sentare yaha ijambo rya nyuma abunganira ababurana kugira basozere imburano.
Abunganira amashirahamwe indwi yitwariye Charles Onana na Damien Sirieix nibo bafashe ijambo ubwa mbere.
Uko ari abunganizi indwi batakambiye sentare gufata ingingo ya kigabo yo kubuza ko abahakana jenoside zabaye kw’isi kubandanya bakora mu bisebe abacikacumu bazo kuko ari ukubica kabiri.
Bongeye babwira sentare ko uwitwariye Onana atari reta y’Urwanda ahubwo ari abarwanya jenoside bo kw’isi yose ari naco gituma abantu nka Onana badakwiye kwidegemvya kugira guhakana jenoside ntibibe umuco kw’isi.

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga
'Yavuze ukuri abandi bakorako bagasha'-abunganira Onana
Hakurikiye umushikirizamanza yasavye sentare guha igihano c’akarorero Charles Onana na Damien Sirieix yamufashije gusohora igitabo yise ko kirimwo uburozi bwo guhakana jenoside.
Naho atashimye gutomora igihano abasabiye, yabwiye sentare ko bakwiye igihano co hejuru kingana n’uburemere bw’icaha bakoze kuko jenoside ari icaha gisumba ibindi vyose.
Hasozereye abunganira abaregwa Charles Onana na Damien Sirieix yamufashije gusohora igitabo.
Mu masaha arenga 2 uko ari babiri basavye sentare kureka abanditsi n’abashakashatsi bakisanzura aho bemeje ko Onana uretse ko ivyo yanditse yabikuye ku nyandiko zanditswe ku Rwanda, ico ahorwa ari uko yavuze ukuri abandi bakorako bagasha. Nawe Damien Sirieix yamufashije kugisohora, basavye ko yokwezwa kuko ngo yakoze akazi kiwe.
Inyuma yo kwumviriza impande zose, hafi y’isaha zitatu z’ijoro sentare yasozereye imburano, ishira urubanza mu mwiherero. Ibizovamwo bizotangazwa itariki 09 z’ukwezi kwa Kigarama (kwa cumi na kabiri) 2024.










