Isoko nkuru ya Bujumbura mu misi mike iratangura kwubakwa - umuvugizi wa reta

Ahavuye isanamu, OLUCOME
Umuvugizi wa reta y'Uburundi Jérôme Niyonzima avuga ko umugambi wo kwubaka gushasha isoko nkuru ya Bujumbura ushobora gutangura mu mpera z'ukwezi kwa kabiri kuza canke mu ntango z'ukwa gatatu.
Iyo soko imaze imyaka 13 ihiye.
Mu gihe atari bwo bwa mbere reta itangaza ko iri soko rigomba ryubakwe ariko amaso agahera mu nzira, mu kiganiro na BBC Gahuzamiryango Jérôme Niyonzima yijeje ko ubu ibintu bigiye kugenda neza, kuko "amasezerano y'intangamarara yamaze gutegurwa hagati ya reta n'isosiyete izoshira mu ngiro iyo nyubakwa".
Avuga kandi ko "mu nteguro yasubiwemwo y'amafaranga reta izokoresha muri uyu mwaka hategekanijwe amafaranga y'intangamarara y'imiriyaridi 15 z'amarundi azokoreshwa muri iki gikorwa". Avuga ko iruhande y'aha, hari n'ayashika imiriyaridi cumi "zitegekanywa kwegeranywa n'abikorera utwabo bazokorana muri uno mugambi.
Mu gatondo ka kare ko ku wa 27 Nzero (1) 2013 niho haduka umuriro uteye ubwoba, watumye abatari bake mu bari basanzwe bakorera muri iyi soko yari nini gusumba ayandi yose mu gihugu bahatakariza.
Imodokari za kizimyamoto zarananiwe no kuzimya uno muriro, na kajugujugu yarungitswe na reta y'Urwanda yashitse akaba kabaye, nta kinini yarokoye nubwo yafashije kuwuzimya.
Ni isoko yari yubatswe mu 1994 ku mfashanyo ya reta y'Ubufaransa. Yegukira igisagara ca Bujumbura (Mairie) cari cashize ibikorwa vyayo vya minsi yose mu minwe ya sosiyete izwi nka Société de Gestion du Marché Central, SOGEMAC mu mpfunyapfunyo.
Umuvugizi wa reta yizeza kandi ko integuro ihari ari ukwubaka inyubakwa nini cane izokorerwamwo ibikorwa bitandukanye bizoha igihugu akarusho.
Ati: "Reta yagumye ikurikiranira hafi uruhombo rwabaye, ari na co gituma yahavuye ifata umugambi wo gusubira kwubakisha ico kibanza, kukinagura kugira ngo havemwo inyubako nini cane, mbere ataho ihuriye n'irya yahiye".
Abajijwe igihe iyubakwa ryayo rizomara, Jérôme Niyonzima avuga ko bikiri mu masezerano ariko arategurwa, kandi ko vuba azoterwako igikumu kugira ngo ibikorwa bibandanye.
Si bwo bwa mbere reta itangaje ko iyi soko yagomba yubakwe, ariko abanyagihugu bararindiriye amaso ahera mu nzira. Ishirahamwe OLUCOME rigwanya igiturire n'isesagurwa ry'amatungo yar eta rivuga ko biva ku bagwizatunga bafise amazu yahindutse amasoko matomatyo hafi y'ikibanza iyi soko yahozemwo, bakabona rero ko mu gihe iyi soko yokwubakwa bashobora kuhahombera vyinshi, ku bwa Alexis Nimubona avugira iri shirahamwe.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri, Alexis Nimubona yagize ati: "Ugiye mu bibanza bikikije icahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura, hari ibibanza vy'amadandarizo binini vyinshi. Ugiye kuraba neza, usanga mu bafata ingingo, muri abo batanga n'amasoko, usanga bamwe bafisemwo imitahe, ibituma rimwe na rimwe ingingo zo gutanga amasoko ku bantu babibereye zicererwa kugira ngo inyungu z'abantu zibandanye ziduga gusumba inyungu rusangi".
Umuvugizi akongera akaba umunyamabanga mukuru wa reta yizera Abarundi ko hazokora amategeko kandi ko atawe agera umutwe.
Ati: "Ico nzi ntakekeranya, ni uko ata muntu n'umwe muri kino gihugu ashobora kuja hejuru y'amategeko canke y'inyungu rusangi".
Gushika ubu ikibanza cahozemwo iyi soko kiracari umusaka, mu gihe abari bafise uburyo baciye bimukira mu masoko yandi matomato ari mu gisagara ca Bujumbura, nk'ayazwi nka Jabe, Ruvumera, kwa Siyoni, iyi ikaba iherutse gusha igice kimwe, hamwe rero n'isoko y'ahazwi nka Cotebu yubatswe ngo ibe irasubiriye iyi yari isoko nkuru ya Bujumbura.
Hejuru y'umubabaro uno muriro wateye, abatari bake babandanya bibuka amajambo yavuzwe n'uwari umuhuza w'Abarundi, Edouard Nduwimana mu 2016, imbere y'abashingamateka, aho yavuga ko ugusha kwaryo kumbure wari "umugambi w'Imana kugira ngo twubake isoko nziza kandi igezweho".
Iruhande y'iyi soko nkuru ya Bujumbura, hari n'ayandi yagiye asha irya n'ino mu gihugu kuva mu 2013, amwe muri ni nk'isoko ya Kiremba ca Ngozi: 05/01/2014; isoko mfatakibanza ya Kayanza: 30/5/2014; Matana: 13/01/2019; Rukaramu 23/03/2019; Kamenge: 03/10/2020; Ngozi 27/03/2021; Kwa Siyoni (Bujumbura City Market): 25/01/2026












