Perezida Trump yatsindiye agashimwe k'amahoro ka mbere ka FIFA

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Emma Smith
- Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino wa BBC
Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaraye ahawe agashimwe k'amahoro ka mbere ka FIFA imbere y'uko itombora ry'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ca 2026 mu mupira w'amaguru kw'isi ritangura nijoro.
Aka gashimwe katangujwe uno mwaka na Gianni Infantino, umukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu FIFA rihagarariye umupira w'amaguru, kakaba ari agashimwe kagenewe umuntu "yakoze ibikorwa bidasanzwe kandi vy'akarorero mu guharanira amahoro", kandi "yahuje abantu kw'isi yose".
Vyari vyitezwe cane ko Trump atsindira aka gashimwe, akaba mbere yari yitavye iri tombora ari kumwe na Infantino, kandi akaba yagiye aboneka akatari gake ari kumwe na we muri ano mezi ya vuba.
Hampande y'igikombe kinini c'inzahabu, Infantino yahaye kandi Trump umudari w'inzahabu hamwe n'urwete (certificat) imbere y'uko ashikiriza ijambo.
Trump yavuze ko yarokoye "amamiriyoni mirongo y'abantu" mu bikorwa biri mu rwego rw'imigenderanire kandi ko yahagaritse "intambara hasigaye akanya ubusa ngo zitangure".
"Koko aka ni kamwe mu bushimwe bukomeye cane ndonse mu buzima bwanje," niko Trump yavuze, imbere y'uko avuga ko igikombe c'isi yose ca 2026 caciye umuhigo mw'igurishwa ry'amatike.
Ati: "Gianni yakoze igikorwa kidasanzwe. Ni iteka ridasanzwe kuri wewe no ku rukino rw'umupira w'amaguru. Ibiharuro birasumba ivyo twari twiteze.
"Ubu isi iratekanye. Mu mwaka uheze Amerika ntiyari ihagaze neza, ariko ubu urabona ko turi igihugu gishushe".
Ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ca 2026 rizotegurwa n'ibihugu bitatu ari vyo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique, rikazoba kuva ku wa 11 Ruheshi (6) gushika ku wa 19 Mukakaro (7).
Trump yuguruye ibirori vy'iri tombora ari kumwe na Perezida Claudia Sheinbaum wa Mexique hamwe n'umushikiranganji wa mbere wa Canada Mark Carney.
Trump aronse aka gashimwe inyuma y'uko mu kw'icumi kw'uno mwaka aburiye akitiriwe Nobel kahawe María Corina Machado, Umunya-Venezuela aharanira demokarasi.
Ico gihe, yavuga ko yari akwiriye aka gashimwe kubera ibikorwa vyo kugarukana amahoro mu bice bitandukanye kw'isi yavuga ko yakoze.
Bimwe mu bikorwa vyo kugarukana amahoro Trump yahagarariye canke ahagarariye muri uno mwaka, harimwo nk'amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Israel na Hamas muri Gaza muri Gitugutu (10) uno mwaka, hagati ya Israel na Irani mu kwa gatandatu uno mwaka nyene.
Yarashoboye kandi guhagarika imishamirano yo kurasana mu kwa gatanu hagati y'Ubuhindi na Pakistani, ibihugu bibiri bitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara.
Trump kandi azwi ko ari we ahagarariye umugambi w'amahoro hagati ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo n'Urwanda, aho mu kwa gatandatu ibi bihugu vyateye igikumu ku masezerano yo guhagarika intambara, hamwe kandi n'amasezerano y'amahoro yagutse muri yateweko igikumu ku wa kane w'ino ndwi.
Mu kwa gatandatu, Perezida Félix Tshisekedi wa DR Congo yumvikanye avuga ko yoba "uwa mbere" mu gusabira Perezida Trump guhabwa agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel ari nka hamwe yorangiza imishamirano hagati y'igihugu ciwe n'Urwanda.
Trump ariko arita ku rutare kandi kugira ngo arabe ingene intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine mu 2022 yohagarara, nubwo bitariko biramworohera. Igihe yariko yiyamamariza ikiringo ciwe kigira kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yemereye abanyagihugu ko mu masaha 24 yari kuba yarangije iyi ntambara, ariko gushika ubu iracabia bigacika.













