Umunezero w'abafana wo kwakira Messi mu Buhindi wavuyemwo induru

Umufana ariko amena ivyari vyateguriwe Messi
    • Umwanditsi, Tom McArthur
    • Umwanditsi, Ilma Hasan

Abafana buzuye uburakari bari bitavye ibirori vyo kwakira Lionel Messi mu rugendo arimwo mu Buhindi bateje imvururu mu kibuga c'i Kolkata kizwi nka Salt Lake Stadium kubera batahawe akaryo ko kwibonera neza uno mukinyi bakunda cane.

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abafana bari barishe gushika ku marupiya 12.000 (ni ukuvuga £100; $133) kugira ngo bibonere amaso mu yandi uno mukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru, ariko baza guterwa n'ishavu amaze gusa gushika mu kibuga badashobora kumubona neza kubera yari azibiwe n'isinzi ry'abategetsi n'abandi bantu b'ivyamamare.

Hejuru y'iki, uyu mukinyi wa Argentine hamwe na Inter Miami amaze gushika mu kibuga, abajejwe umutekano baciye bihutira kumutwara inyuma y'iminota nka 20, ivyatumye bamwe muri iryo sinzi bari baje kumwakira batihangana, baca batanguza akajagari.

Umukuru w'intara ya West Bengal, Mamata Banerjee, yavuze ko yababajwe cane n'ivyabaye.

Igihe vyagaragara ko akanya Messi yategerezwa kumara ku kibuga karangiye, ibintu vyaciye biba nabi cane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igihe vyagaragara ko akanya Messi yategerezwa kumara ku kibuga karangiye, ibintu vyaciye biba nabi cane

Igihe yatangaza ko hagiye gutangura amatohoza, Banerjee yasavye imbabazi Messi n' "abakunzi b'inkino" ku vyabereye muri iki kibuga.

Umuvugizi wa Messi yavuze ko Messi yakoze ivyo yategerezwa gukora ku bijanye n'umwanya yategerezwa kuba ari mu kibuga kwiyereka abakunzi biwe, ariko ko abateguye ivyo birori—nk'uko vyemejwe n'imbabazi za Banerjee—ari bo babahemukiye.

Umutegetsi w'igipolisi yabwiye abanyamakuru ko uwateguye ibi birori yamaze guhagarikwa, ariko akaba ata nsiguro yatanze, nk'uko vyandikwa na AFP.

Uno mutegetsi avuga ko abategetsi bazokwihweza ingene ababiteguye basubiza amahera abari baguze amatike.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Messi, azwi nka "GOAT" [ni ukuvuga greatest of all time, twogereranya na igihangange ca mbere c'ibihe vyose], ari mu Buhindi mu rugendo, aho azokwitaba ibikorwa vyo kwamamaza mu ntara za Kolkata, Hyderabad, Mumbai na Delhi.

Urugendo rwiwe rwatangujwe no kwerekana ku mugaragaro igishusho ciwe c'imetero 21 i Kolkata, cari kimaze imisi 27 cubakwa n'abafundi 45. Messi yitabiriye ibi birori hakoreshejwe ubuhinga bwa none, ni ukuvuga ko atahishikiye ngo bamubone amaso mu yandi, ku mvo z'umutekano.

Ibihumbi n'ibihumbi bari bafashe urugendo rubashikana muri iki gisagara kugira bibonere imbona nkubone uno mukinyi.

Bagenda baririmba, bagura n'umwambaro (maillot) umuranga wandise ko "ndakunda Messi".

Igihe yariko arava mu kibuga, Messi yagenda aramutsa abafana, ariko rero amaze kuva mu kibuga bataramuhaga ejo ku wa gatandatu, abafana bamwe barakaye baciye bashwara ikibuga batabagura ivyapa n'amahema, abandi bamenagura intebe za plastiki batagaguza n'amacupa y'amazi.

Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryandika ko vyari vyitezwe ko uno mukinyi yatsindiye igikombe c'isi yose mu 2022 - akaba afatwa nk'umwe mu bakinyi b'akataraboneka mu mupira w'amaguru – yari gukinira kuri iki kibuga akanya gato mu ntumbero yo kuryohera abafana.

Mu mafoto: Ingene vyari bimeze

Messi aramusta abafana igihe yashika

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Messi aramusta abafana igihe yashika
Messi yari azibiwe n'abategetsi, gutyo abafana ntibashobora kumubona

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Messi yari azibiwe n'abategetsi, gutyo abafana ntibashobora kumubona
Urugendo rwiwe rwari rwiteguriwe n'abafana bari barwitabiriye cane

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Urugendo rwiwe rwari rwiteguriwe n'abafana bari barwitabiriye cane
Abafana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu kibuga, abantu bari mu kavuyo

Ahavuye isanamu, Piyal Adhikary/EPA

Insiguro y'isanamu, Ariko rero abafana batewe n'uburakari kubera batahawe akaryo ko kubona Messi
Akavuyo

Ahavuye isanamu, Piyal Adhikary/EPA

Akavuyo

Ahavuye isanamu, Reuters

Umufana umwe yabwiye itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Buhindi, ANI, ati: "Abategetsi bonyene ni bo bari bazungurutse Messi…none baduhamagariye iki? Twaguze amatike y'amarupiya 12.000, ariko nta n'uko twashoboye no kubona isura yiwe".

Umufana umwe yari ashavuye cane yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Press Trust of India ko abantu bemeye bigoye bakemera kuriha amafaranga angana n'umushahara w'ukwezi kwose kugira ngo bibonere kino gihangange catsindiye Ballon d'Or (Umupira w'inzahabu) incuro umunani zose.

Ati: "Jewe narishe amarupiya 5000 yo kugura amatike kugira ngo nzanane n'umwana wanje w'umuhungu kuraba Messi, sinaje kuraba abanyaporitike.

"Abapolisi n'abasirikare ni bo baguma bifotozanya nawe, ababiteguye ni bo baduhemukiye".

Muri uru rugendo rwamaze akanya gato kuri iki kibuga, Messi yari yaherekejwe n'umukinyi bakinana muri Inter Miami, na we nyene akaba ari igihangange yamuka muri Uruguay, Luis Suarez, hamwe na Rodrigo de Paul wo muri Argentina.

Mu masaha yak are cane ejo ku wa gatandatu, ibihumbi n'ibihumbi batonze ku mabarabara bongera barundanira kw'ihoteri Messi yari yashikiyemwo kugira barabe n'uko bomurabukwa gusa.

Hitesh, umunyamategeko w'imyaka 24 yemeye gufata indege mu rugendo rw'ibirometero 1900 avuye mu gisagara ca Bengaluru mu bumanuko bw'Ubuhindi.

Ahagaze imbere y'ico gishusho, Hitesh yabwiye BBC ati: "Kuri jewe ntibisanzwe. Urabona ko ndi mugufi cane, kandi ndakunda gukina n'abagenzi umupira w'amaguru.

"Messi ni we mukinyi nibonamwo gusumba, nta muntu n'umwe amushikira. Ampa icizere ko ufise impano ushobora gukora ikintu ico ari co cose".

Messi yaranditse izina mu mupira w'amaguru, akaba ari ntibagirwa ku bakunzi b'umurwi Barcelona wo muri Espagne, yashitsemwo muri Nyakanga (9) 2000 afise imyaka 13, akaba yagiye gutangura gukinishwa ku mugaragaro mu 2004 afise imyaka 17.

Yagiye gusezera uno murwi mu 2021 yimukira muri Paris-Saint-Germain (PSG) gushika mu 2023, ubu akaba akinira Inter Miami n'umurwi nserukiragihugu wa Argentine.