Umunezero w'abafana wo kwakira Messi mu Buhindi wavuyemwo induru

- Umwanditsi, Tom McArthur
- Umwanditsi, Ilma Hasan
Abafana buzuye uburakari bari bitavye ibirori vyo kwakira Lionel Messi mu rugendo arimwo mu Buhindi bateje imvururu mu kibuga c'i Kolkata kizwi nka Salt Lake Stadium kubera batahawe akaryo ko kwibonera neza uno mukinyi bakunda cane.
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abafana bari barishe gushika ku marupiya 12.000 (ni ukuvuga £100; $133) kugira ngo bibonere amaso mu yandi uno mukinyi rurangiranwa mu mupira w'amaguru, ariko baza guterwa n'ishavu amaze gusa gushika mu kibuga badashobora kumubona neza kubera yari azibiwe n'isinzi ry'abategetsi n'abandi bantu b'ivyamamare.
Hejuru y'iki, uyu mukinyi wa Argentine hamwe na Inter Miami amaze gushika mu kibuga, abajejwe umutekano baciye bihutira kumutwara inyuma y'iminota nka 20, ivyatumye bamwe muri iryo sinzi bari baje kumwakira batihangana, baca batanguza akajagari.
Umukuru w'intara ya West Bengal, Mamata Banerjee, yavuze ko yababajwe cane n'ivyabaye.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igihe yatangaza ko hagiye gutangura amatohoza, Banerjee yasavye imbabazi Messi n' "abakunzi b'inkino" ku vyabereye muri iki kibuga.
Umuvugizi wa Messi yavuze ko Messi yakoze ivyo yategerezwa gukora ku bijanye n'umwanya yategerezwa kuba ari mu kibuga kwiyereka abakunzi biwe, ariko ko abateguye ivyo birori—nk'uko vyemejwe n'imbabazi za Banerjee—ari bo babahemukiye.
Umutegetsi w'igipolisi yabwiye abanyamakuru ko uwateguye ibi birori yamaze guhagarikwa, ariko akaba ata nsiguro yatanze, nk'uko vyandikwa na AFP.
Uno mutegetsi avuga ko abategetsi bazokwihweza ingene ababiteguye basubiza amahera abari baguze amatike.
Messi, azwi nka "GOAT" [ni ukuvuga greatest of all time, twogereranya na igihangange ca mbere c'ibihe vyose], ari mu Buhindi mu rugendo, aho azokwitaba ibikorwa vyo kwamamaza mu ntara za Kolkata, Hyderabad, Mumbai na Delhi.
Urugendo rwiwe rwatangujwe no kwerekana ku mugaragaro igishusho ciwe c'imetero 21 i Kolkata, cari kimaze imisi 27 cubakwa n'abafundi 45. Messi yitabiriye ibi birori hakoreshejwe ubuhinga bwa none, ni ukuvuga ko atahishikiye ngo bamubone amaso mu yandi, ku mvo z'umutekano.
Ibihumbi n'ibihumbi bari bafashe urugendo rubashikana muri iki gisagara kugira bibonere imbona nkubone uno mukinyi.
Bagenda baririmba, bagura n'umwambaro (maillot) umuranga wandise ko "ndakunda Messi".
Igihe yariko arava mu kibuga, Messi yagenda aramutsa abafana, ariko rero amaze kuva mu kibuga bataramuhaga ejo ku wa gatandatu, abafana bamwe barakaye baciye bashwara ikibuga batabagura ivyapa n'amahema, abandi bamenagura intebe za plastiki batagaguza n'amacupa y'amazi.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryandika ko vyari vyitezwe ko uno mukinyi yatsindiye igikombe c'isi yose mu 2022 - akaba afatwa nk'umwe mu bakinyi b'akataraboneka mu mupira w'amaguru – yari gukinira kuri iki kibuga akanya gato mu ntumbero yo kuryohera abafana.
Mu mafoto: Ingene vyari bimeze

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Piyal Adhikary/EPA

Ahavuye isanamu, Piyal Adhikary/EPA

Ahavuye isanamu, Reuters
Umufana umwe yabwiye itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Buhindi, ANI, ati: "Abategetsi bonyene ni bo bari bazungurutse Messi…none baduhamagariye iki? Twaguze amatike y'amarupiya 12.000, ariko nta n'uko twashoboye no kubona isura yiwe".
Umufana umwe yari ashavuye cane yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Press Trust of India ko abantu bemeye bigoye bakemera kuriha amafaranga angana n'umushahara w'ukwezi kwose kugira ngo bibonere kino gihangange catsindiye Ballon d'Or (Umupira w'inzahabu) incuro umunani zose.
Ati: "Jewe narishe amarupiya 5000 yo kugura amatike kugira ngo nzanane n'umwana wanje w'umuhungu kuraba Messi, sinaje kuraba abanyaporitike.
"Abapolisi n'abasirikare ni bo baguma bifotozanya nawe, ababiteguye ni bo baduhemukiye".
Muri uru rugendo rwamaze akanya gato kuri iki kibuga, Messi yari yaherekejwe n'umukinyi bakinana muri Inter Miami, na we nyene akaba ari igihangange yamuka muri Uruguay, Luis Suarez, hamwe na Rodrigo de Paul wo muri Argentina.
Mu masaha yak are cane ejo ku wa gatandatu, ibihumbi n'ibihumbi batonze ku mabarabara bongera barundanira kw'ihoteri Messi yari yashikiyemwo kugira barabe n'uko bomurabukwa gusa.
Hitesh, umunyamategeko w'imyaka 24 yemeye gufata indege mu rugendo rw'ibirometero 1900 avuye mu gisagara ca Bengaluru mu bumanuko bw'Ubuhindi.
Ahagaze imbere y'ico gishusho, Hitesh yabwiye BBC ati: "Kuri jewe ntibisanzwe. Urabona ko ndi mugufi cane, kandi ndakunda gukina n'abagenzi umupira w'amaguru.
"Messi ni we mukinyi nibonamwo gusumba, nta muntu n'umwe amushikira. Ampa icizere ko ufise impano ushobora gukora ikintu ico ari co cose".
Messi yaranditse izina mu mupira w'amaguru, akaba ari ntibagirwa ku bakunzi b'umurwi Barcelona wo muri Espagne, yashitsemwo muri Nyakanga (9) 2000 afise imyaka 13, akaba yagiye gutangura gukinishwa ku mugaragaro mu 2004 afise imyaka 17.
Yagiye gusezera uno murwi mu 2021 yimukira muri Paris-Saint-Germain (PSG) gushika mu 2023, ubu akaba akinira Inter Miami n'umurwi nserukiragihugu wa Argentine.













