Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ramazani: Haravugwa ubukene bw'icamwa ca tende kiribwa cane mu gifungo c'aba Islam
Ramazani: Haravugwa ubukene bw'icamwa ca tende kiribwa cane mu gifungo c'aba Islam
Mu gihe henshi kw'isi aba Islam batanguye igihe co kwisonzesha ca Ramazani, mu buseruko bwa Afrika haravugwa ikibazo c'ubuke bw'icamwa citwa tende mu giswahili canke dates mu congereza, gifungurwa cane mu gihe ca Ramazani.
Imwe mu mvo nyamukuru zatumye ico camwa kibura canke kibonetse kikazimba, ni umutekano muke mu muhora w'ikiyaga Gitukura aho ico camwa gicishwa mu bwato.