Ramazani: Haravugwa ubukene bw'icamwa ca tende kiribwa cane mu gifungo c'aba Islam
Ramazani: Haravugwa ubukene bw'icamwa ca tende kiribwa cane mu gifungo c'aba Islam
Mu gihe henshi kw'isi aba Islam batanguye igihe co kwisonzesha ca Ramazani, mu buseruko bwa Afrika haravugwa ikibazo c'ubuke bw'icamwa citwa tende mu giswahili canke dates mu congereza, gifungurwa cane mu gihe ca Ramazani.
Imwe mu mvo nyamukuru zatumye ico camwa kibura canke kibonetse kikazimba, ni umutekano muke mu muhora w'ikiyaga Gitukura aho ico camwa gicishwa mu bwato.



