Ingabo nibura 100 za Koreya ya Ruguru zimaze gupfira mu ntambara ya Ukraine, bivugwa na Koreya y'Epfo

Ukraine ivuga ko abasirikare ba Koreya ya Ruguru bababa 11,000 bari mu ntara ya Kursk

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ukraine ivuga ko abasirikare ba Koreya ya Ruguru bababa 11,000 bari mu ntara ya Kursk
    • Umwanditsi, Robert Greenall
    • Igikorwa, BBC News

Umushingamateka wo muri Koreya y'Epfo avuga ko abasirikare nibura 100 ba Koreya ya Ruguru bamaze gupfira ku rugamba muri Ukraine kuva binjiye muri iyi ntambara ku ruhande rw'Uburusiya mu ntango z'uku kwezi.

Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru inyuma y'amakuru inama nshingamateka yahawe n'igisata c'igihugu kijejwe igendereza, Lee Sung-kwon yavuze ko abandi basirikare 1000 bamaze gukomereka.

Yavuze ko mu bapfuye canke bagakomereka harimwo intwazangabo nkuru, kandi ko bishobora gutumwa n'uko izi ngabo zitamenyereye urubuga, hamwe n'intambara zirangwamwo ikoreshwa ry'indege zitarimwo abadereva.

Amakuru ya mbere y'ingabo za Koreya ya Ruguru zapfiriye ku rugamba yagiye ahabona mu ntango z'ino ndwi. Muri Gitugutu (10), niho vyamenyekana ko Koreya ya Ruguru yarungitse ingabo 10.000 gufasha Uburusiya mu ntambara.

Kuva mu mezi aheze, Uburusiya bubandanya butsimbataza ubucuti na Koreya ya Ruguru

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Kuva mu mezi aheze, Uburusiya bubandanya butsimbataza ubucuti na Koreya ya Ruguru

Ku wa mbere, umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe kwivuna abansi (Pentagon) yavuze ko hari ingabo za Koreya ya Ruguru zari zishwe, ariko ntiyatanze igitigiri.

Haciye umusi umwe naho umutegetsi wa Amerika atavuzwe izina yavuze ko hari "abaharurwa mu majana" bishwe canke bakomerekejwe.

BBC ubwayo ntirashobora guhinyuza ibi bivugwa.

Bivugwa ko ingabo za Koreya ya Ruguru, mu gihe muri zo ata n'umwe yari amaze kuja ku rugamba imbere y'aha, zamaze amayinga ya mbere mu Burusiya mu myimenyerezo, hanyuma zigahabwa ibikorwa vyo kuremesha urugamba.

Bivugwa ko izi ngabo zoba zapfiriye canke zigakomerekera mu ntara ya Kursk mu Burusiya, aho ingabo za Ukraine ziriko zirwanira akarere gatoyi k'ino ntara zafashe mu gitero cazo zakoze giturumbuka muri Myandagaro (8).

Ku wa gatandatu w'indwi iheze, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko Uburusiya bwatanguye gukoresha "igitigiri kitari gito" c'ingabo za Koreya ya Ruguru mu bitero vyabwo muri Kursk.

Birashoboka ko boba batararungikwa muri Ukraine ubwayo, aho ingabo z'Uburusiya zateye intambwe mu duce tumwe two mu buseruko bwayo mu mezi aheze.

Lee Sung-kwon avuga ko hari amakuru y'uko hariko hategurwa irungikwa ry'izindi ngabo, kandi ko indongozi ya Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un, ashobora kuzohagarikira imyimenyerezo.

Asubiramwo abategetsi bo mw'igendereza bavuga ko igitigiri kinini c'abapfuye gishobora kuba catewe n'"ukuba batari bwamenyere urugamba, hamwe n'ukubura ubushobozi bwo kwivuna ibitero vy'indege zitarimwo abadereva[drone]".

Yongerako ati: "Mu gisirikare c'Uburusiya, hari imyidogo ko ingabo za Koreya ya Ruguru, kubera ata bumenyi zifise ku bijanye n'ama-drone, zabaye umuzigo gusumba uko zari kuba akarusho".

Yaba Uburusiya canke Koreya ya Ruguru, nta ruhande na rumwe ruremeza irungikwa ry'izi ngabo, ariko itangazo rya Koreya ya Ruguru ryasohowe ku wa kane n'itororokanirizo ry'amakuru rya reta KCNA rivuga ko urunani rwayo n'Uburusiya ruriko "rurabuza Amerika n'Uburengero intego yabo mbi yo kwiganza".