Igiturire mu nama nshingamateka ya Bulaya: Eva Kaili arahakana ko Qatar itamuhaye igiturire

Ahavuye isanamu, Reuters
Eva Kaili, umushingamateka w’umugirikikazi mu nama nshingamateka ya Bulaya arahakana ko ata ruhara afise mu giturire kivugwa muri iyo nama nshingamateka ya Bulaya ko catanzwe n’igihugu kiriko kiberamwo amahiganwa y’igikombe c’isi yose, Qatar.
Ni umwe mu biketswe inyuma y’aho abajejwe amatohoza mu Bubirigi bafatiye imiriyoni 1.5 z’ama-euro mu mihana ibiri no mu gasaho.
Abashingamateka ba Bulaya bemeje – ku majwi 625 kuri rimwe – kwaka umupfasoni Kaili amabanga yiwe nk’umwe mu vyegera 14 vy’umukuru w’iyo nama nshingamateka.
Umukuru wayo, Roberta Metsola avuga ko "demokarasi ya Bulaya iri mu bihe bigoye”.
Qatar irahakana ko ata caha yakoze.
Ejo ku wa kabiri, umushingwamanza wiwe Michalis Dimitrakopoulos yabwiye imboneshakure y’Ubugiriki ati: "[Eva Kaili] atangaza ko ari umwere kandi ko ataho ahuriye n’igiturire catanzwe na Qatar”.
Abashikirizamanza baramaze imisi bakora isaka, bakavuga ko amafaranga yababa ama-euro 600.00 yatowe ku muhana w’umwe mu bikekwa, ama-euro 150.000 mu nzu y’umushingamateka wa Bulaya, hamwe n’ama-euro 750.000 yatowe mu gasaho kari mu cumba c’ihoteri y’i Bruxelles mu Bubirigi.
Igipolisi c’Ububirigi casohoye isanamu ku wa kabiri yerekana ibipfungo vy’inoti za €200, €50, €20 na €10.

Ahavuye isanamu, Belgian police
Amakuru avuga ko aya ma-euro 150,000 yatowe mu nzu ya Kaili. Abajijwe nimba ibi ari vyo, umushingwamanza wiwe yishuye ati: "Nta kintu na kimwe nzi nimba hari amafaranga yafashwe canke igitigiri cayo”.
Abikekwa muri ibi bintu bamaze guhagarikwa n’igipolisi c’Ububirigi bagirizwa “kugira uruhara mu murwi w’inkozi z’ikibi, kunyereza amahera n’igiturire”, nk’uko abashikirizamanza babimenyesheje ku wa Mungu. Vyitezwe ko bumvirizwa kuri uno wa gatatu imbere y’uko babacira urubanza.
Ibi birego vyateje umwijima (igicuucu mu Kinyarwanda) ku ruhara rw’imirwi yivanga mu bikorwa vy’inama nshingamateka ya Bulaya.
Muri ino ndwi niho hari hategekanijwe ko haba amatora mu nama nshingamateka ya Bulaya yo kwemeza canke guhakana icipfuzo c’uko abanyagihugu ba Qatar bokwinjira mu bihugu vy’umuryango wa Bulaya ata visa barinze gusabwa, ariko vyabaye ngombwa ko abanza guhagarikwa.
Harabaye isaka mu Butaliyano co kimwe n’i Bruxelles. Kuva ku wa gatanu, amamashini nyabwonko y’abashingamateka cumi yarafashwe kugira ngo amakuru nkenerwa muri iri tohoza ntahave atakara.
Mu nama yabo yabereye i Strasbourg ejo ku wa kabiri, abashingamateka baremeje hafi bose ko umupfasoni Kaili yakwa amabanga nk’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka.
Urugi rw’umuryango w’ibiro vyiwe mu ngoro y’amakoraniro rwarugawe, ruriko n’urwandiko ruvuga ngo “nta n’umwe yemerewe kwinjira”.
Yabaye kandi arakurwa mu murwi w’inama nshingamateka uhurikiyemwo abasosiyalisti n’abaharanira demokarasi (Socialists and Democrats Group), aca yirukanwa no mu mugambwe Pasok wo mu Bugiriki akomokamwo.
Abategetsi b’Ubugiriki barafashe amatungoyiwe, ay’umugabo wiwe n’ay’umuryango wiwe.
Ibikorwa vy’ikompanyi yari imaze indwi zibiri itangujwe n’uyu mushingamateka n’umugenzi wiwe i Athenes navyo nyene vyarahagaritswe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Abantu batandatu barahagaritswe ku wa gatanu muri ano matohoza ku bivugwa ko Qatar yahaye igiturire abategetsi b’Umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya kugira bayorohereze. Babiri muri bo bahavuye barekurwa.
Abandi batatu bagirizwa bose ni Abataliyano. Umugenzi wa Kaili, Francesco Giorgi, akaba akora muri iyo nama nshingamateka, ari mu bavugwa ko bamaze kwagirizwa.
Bivugwa ko uwahoze ari umushingamateka wa Bulaya, Pier Antonio Panzeri, ubu akaba arongoye ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu Fight Impunity, nawe nyene ari muri aba bane. Umugore wiwe n’umukobwa wiwe nabo nyene bivugwa ko bahagaritswe.
Uwundi yahagaritswe nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Butaliyano Ansa, ni Niccolò Figa-Talamanca. Arongoye ishirahamwe rivugira abantu No Peace Without Justice, rifise ibiro muri iyo nyubakwa nyene ahitwa Rue Ducale ku biro vy’umuryango wa Bulaya Bruxelles.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abakozi International Trade Union Confederation, Luca Visentini, nawe yararengukishijwe kugira abazwe hanyuma avamwo ararekurwa. Yamenyesheje ko yashoboye kwishura ibibazo vyose yabajijwe.
Umunyamakuru wa BBC i Bruxelles Jessica Parker ivyatangajwe n’abategetsi b’Ububirigi mu misi iheze vyatangaje cane abantu mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya.
Imbere y’amatora yo kwambura Kaili amabanga yiwe nk’icegera ciwe muri iyo nama nshingamateka, umupfasoni Metsola yavuze ko "Demokarasi ya Bulaya igeramiwe, co kimwe n’ubwigenge n’intwaro rusangi mu bihugu vyacu”. Yongerako y’uko we n’inama nshingamateka bazokora ibishoboka vyose kugira ngo batuze igiturire.
Mu kwezi guheze, mu gihe bagenziwe bariko bashimikira kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu muri Qatar, wewe yashikirije ijambo ry’igishika cinshi inama nshingamateka ashimagiza Qatar kubona yashoboye kwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi yose n’uruhara rwayo “nk’igihugu cafashe iya mbere mu gutsimbataza uburenganzira bw’abakozi”.
Ku wa kabiri, Komiseri ajejwe imigenderanire w’Ubumwe bwa Bulaya, Ylva Johansson, yabwiye abashingamateka ko imbere y’aho yari umwere, ariko ko ubu vyerekana ko habaye icaha gikomeye gitegerezwa gukurikiranwa: "Ku muntu wese yemera gupfumbatishwa, ibiturire, mvuze ko uteye isoni…kubona warahonyanze icizere abanyagihugu ba Bulaya bagushizeko”.
Inama nshingamateka ya Bulaya ni rwo rwego rwonyene rw’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya rwitorewe n’abanyagihugu.
Abashingamateka bayo bababa 705, bitorerwa n’abanyagihugu bo nyene mu bihugu 27 bigize uyu muryango wa Bulaya, barakorana kugira ngo bihweze integuro z’amategeko barungikiwe hanyuma bagatora bisunze amategeko ya Bulaya.
Abashingamateka ba Bulaya mu bisanzwe bafise ubudahangarwa bwo kudakurikiranwa n’ubutungane, ariko aha si mu gihe “hagize uwufatwa ariko arakora icaha”, nk’uko bivugwa n’iyi nama nshingamateka.










