'Igituririre ni cinshi muri Afrika y'Epfo' - Akanama ka Zondo

Icegeranyo ca mbere ku giturire ku ntwaro ya prezida Jacob Zuma mu 2016 catumye haba imyiyerekano imusaba gutanga imihoho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icegeranyo ca mbere ku giturire ku ntwaro ya prezida Jacob Zuma mu 2016 catumye haba imyiyerekano imusaba gutanga imihoho

Inyuma y'icegeranyo gishira ahagaragara ubusuma bw'ama miriyaridi y'amadolari mu kigega ca reta ya Afrika y'epfo ku ntwaro y'uwamubanjirije, prezida Cyril Ramaphosa yariyemeje ko "ivyo bitazosubira kuba ."

Ariko abanye Afrika y'epfo ntibemera ko hari icigwa bakuyemwo. Barababajwe no kuba amahera yibwe yari gukoreshwa mu bisata vy'amagara y'abantu n'uburezi muri ico gihugu.

Ayo matohoza akomeye ku giturire co ku ntwaro ya prezida Jacob Zuma yerekanye ingene nk'ibisata vyose vya reta vyanigiwe mu menshi, birononwa n'abategetsi ba ANC (African National Congress), uri ku butegetsi kuva mu 1994 harangiye intwaro y'abazungu bari ku rushi.

Iki cegeranyo cagiriza ahanini uwo mugambwe. Prezida Ramaphosa ubwiwe yabwiwe n'ako kanama karongowe n'umucamanza, ko atakoze ibikwiye mu gukumira ubwo busuma igihe yari icegera ca Zuma.

Impapuro zirenga 5.000, akanama Zondo - kiswe izina ry'umucamanza wo mu rwego rwo hejuru akarongoye - karerekana ido n'ido ry'ingene ubutunzi bwa reta bwibwe.

Kiranerekana ingene abagwizatunga bavukana bo mu muryango wa Gupta, bagerageje kugira uruhara mu ngingo za politike n'ubutunzi mu ntumbero yiswe "kwigarurira reta".

Zuma yirukanywe ku butegetsi mu 2018 yagirizwa igiturire caguma congerekana, hanyuma Ramaphosa aca afata ubutegetsi yiyemeje guhanagura ivyo vyose.

Igice ca nyuma c'ico cegeranyo c'akanama ka Zondo cashikirijwe ku musi wa gatatu. Prezida akaba yavuze ko ivyo babonye ari "iceyi kuri demokrasi yacu kandi vyahonyanze uburenganzira bw'abanye Afrika y'Epfo bose."

Ariko bimwe muvyo ico cegeranyo casozerereyeko ni gusigira ibibazo prezida ahari ubu ategerezwa kwishura vyerekeye impamvu vyabaye arorera.

Ico cegeranyo kigira kiti: "Hari inkuru nyinshi zifise ifatiro zamenyekanye (...) zashobora kumutuma agira amatohoza akanafata n'ingingo kuri bimwe bivugwa bikomeye.

"Nk'icegera c'umukuru w'igihugu, yari afise ububasha bwo kubikora."

Umucamanza Raymond Zondo (i bubamfu) ariko arashikiriza icegeranyo ca nyuma prezida Cyril Ramaphosa ku musi wa gatatu

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umucamanza Raymond Zondo (i bubamfu) ariko arashikiriza icegeranyo ca nyuma prezida Cyril Ramaphosa ku musi wa gatatu

Mu ntango ayo matohoza yategerezwa kuba mu misi 180, ariko ukurengukisha abantu vyatwaye imisi 400 aho ivyabona 300 vyabajijwe. Ico gikorwa cose catwaye imyaka ine.

Ivyemezo vyarerekanye ingene abategetsi ba ANC, harimwo abashikiranganji b'ubu n'abakera bagiye canke bafashije mu busuma vyatumye igihugu gihomba amahera menshi.

Muri ivyo harimwo kubuza gukora igisata kijejwe gutoza amakori mu gihugu, gupfukama mu nda ishirahamwe ry'indege South Africa Airways, kwiba amahera mu gisata kijejwe ingendo za gariyamoshi muri ico gihugu no mu kwivanga mu biraba ikinyamakuru ca reta, SABC.

Igisata kijejwe iperereza na co nyene caragabanuwe inguvu mu kugena abakozi bo mu rwego rwo hejuru babujije ko haba amatohoza babisabwe na Zuma n'abandi bantu bifatwa ko bamwegereye.