Igiturire kirihaye ibara i Bulaya: ibiro vy’inama nshingamateka vyasatswe

Eva Kaili yahagaritswe ku wa gatandatu bikavugwa ko n'amatungo yiwe yafashwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Eva Kaili yahagaritswe ku wa gatandatu bikavugwa ko n'amatungo yiwe yafashwe

Ejo ku wa mbere, abajejwe amatohoza barasatse ibiro vy’ingoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka ya Bulaya i Bruxelles (Brussels) mu Bubirigi, mu matohoza ku giturire kivugwa ko catanzwe n’igihugu ca Qatar gisanzwe kiriko kiberamwo ihiganwa ry’igikombe c’isi yose.

Ryari isaka rigize 20 kuva ku wa gatanu, umukuru w’iyo nama nshingamateka, Roberta Metsola, akagabisha abayigize ko “demokarasi igeramiwe”.

Igipolisi c’Ububirigi kimaze guhagarika abantu bane, muri bo hakaba harimwo icegera c’umukuru w’inama nshingamateka ya Bulaya, umugirikikazi Eva Kaili.

Qatar irahakana ko atacaha yakoze. Vyitezwe ko kuri uno wa kabiri abashingamateka ba Bulaya biga iki kibazo.

Abashikirizamanza b’Ububirigi bavuga ko amafaranga yababa amaeuro 600.000 (ni ukuvuga amadorari y’abanyamerika 632.000) yatowe ku muhana w’umwe mu bikekwa, ama euro 150.000 nayo agatorwa mu nzu y’umushingamateka.

Ayandi aharurwa mu bihumbi amajana n’amajana vy’amaeuro nyene agatorwa mu gasaho kari mu cumba c’ihoteri y’i Bruxelles. Inyabwonko n’amaterefone ngendanwa navyo nyene vyarafashwe.

Kuva ku wa gatanu, imashini nyabwonko z’abakozi cumi bo muri iyo nama nshingamateka “zarafashwe” kugira ngo amakuru nkenerwa muri ano matohoza ntatakare.

Bane mu bikekwa bamaze guhagarikwa n’igipolisi c’Ububirigi bagirizwa “kugira uruhara mu murwi w’inkozi z’ikibi, ukunyereza amafaranga hamwe n’igiturire”, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’abashikirizamanza ku wa Mungu.

Umupfasoni Kaili – amaze imyaka umunani ari umushingamateka wa Bulaya – yarahagaritswe vy’agateganyo n’umukuru w’iyi nama nshingamateka mu mabanga yiwe nk’umwe mu vyegera 14 vyiwe.

Yabaye kandi arakurwa mu murwi w’inama nshingamateka uhurikiyemwo abasosiyalisti n’abaharanira demokarasi (Socialists and Democrats Group), aca yirukanwa no mu mugambwe Pasok wo mu Bugiriki akomokamwo.

 Ibi birego kuri ino nama nshingamateka ya Bulaya bishobora kuba ari rimwe mu mahano akomeye ya ruswa muri kahise kayo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibi birego kuri ino nama nshingamateka ya Bulaya bishobora kuba ari rimwe mu mahano akomeye ya ruswa muri kahise kayo

Abashikirizamanza mu Bugiriki bivugwa ko bahagaritse amatungo yose y’umupfasoni Kaili.

Ku wa gatanu, abantu batandatu barahagaritswe mu rwego rw’aya matohoza mu bivugwa ko Qatar yahaye ruswa abategetsi ba Bulaya irondera ko boyishigikira. Mu nyuma babiri muri bo bahavuye barekurwa.

Nta n’umwe mu bikekwa arigera avugwa izina ku mugaragao, ariko umupfasoni Kaili azwi ko ari muri abo bantu bamaze kwagirizwa.

Abandi batatu mu bagirizwa bose ni Abataliyano, umugenzi wiwe Francesco Giorgi, na we akaba ari umufasha mu nama nshingamateka, ari mu bagirizwa.

Umunyamakuru wa BBC i Bruxelles, Jessica Parker, avuga ko aya makuru amaze gushirwa ahabona n’abategetsi b’Ububirigi muri ino misi mike iheze yatumye abantu basigara bajumarariwe mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya.

Abashingamateka bavuganye n’umunyamakuru wa BBC bavuga ko bumiwe.

'Demokarasi ya Bulaya irageramiwe'

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umukuru w’Inama nkuru y’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya Ursula von der Leyen avuga ko ibi birego “bikomeye cane”, aca asaba ko hoshingwa umurwi ujejwe inyifato kugira ngo uze uragenzura uyu muryango.

Umupfasoni Metsola yemereye abashingamateka ba Bulaya ko agateka k’inama nshingamateka kagiye kugarukirwa.

Ati: "Demokarasi ya Bulaya irageramiwe, kandi n’ubwigenge n’intwaro rusangi vy’ibihugu vyacu birageramiwe”.

Inderetsi be n’abashingamateka ba Bulaya bavuga ko iri tohoza ku biturire rishobora kuba ari rimwe mu mahano akomeye ya ruswa muri kahise k’iyi nama nshingamateka.

Abashikirizamanza bavuga ko bikeka ko igihugu kimwe co mu Kigobe c’Abarabu cagerageje kwivanga mu ngingo z’ijanye n’ubutunzi na poritike z’iyi nama nshingamateka mu kiringo c’amezi atari make, cane cane baciye ku bakozi bayo.

Ibinyamakuru vy’Ububirigi bivuga ko iki gihugu ari Qatar, n’aho reta yaco ivuga ko ibirego ivyo ari vyo vyose vy’inyifato itabereye “ari ibinyoma bikomeye”.

Mu vyo umupfasoni Kaili ajejwe nk’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka harimwo akarere k’Uburasirazuba bwo hagati. Muri kahise, yarashigikiye cane Qatar.

Inama nshingamateka ya Bulaya ni rwo rwego rwonyene rw’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya rwitorewe n’abanyagihugu.

Abashingamateka bayo bababa 705, bitorerwa n’abanyagihugu bo nyene mu bihugu 27 bigize uyu muryango wa Bulaya, barakorana kugira ngo bihweze integuro z’amategeko barungikiwe hanyuma bagatora bisunze amategeko ya Bulaya.