Icegera c'umukuru w'inama nshingamateka ya Bulaya yahagaritswe kubera igiturire

Eva Kaili yabaye arakurwa mu murwi w’inama nshingamateka uhurikiyemwo abasosiyalisti n’abaharanira demokarasi (Socialists and Democrats Group)

Ahavuye isanamu, Anadolu Agency

Insiguro y'isanamu, Eva Kaili yabaye arakurwa mu murwi w’inama nshingamateka uhurikiyemwo abasosiyalisti n’abaharanira demokarasi (Socialists and Democrats Group)

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka ya Bulaya Eva Kaili yaraye ahagaritswe mu matohoza ariko arakorwako ku vyerekeye igiturire yoba yarahawe n’igihugu co mu Kigobe c’Abarabu.

Abashikirizamanza bo mu Bubirigi bemeza ko iki gihugu batavuze cagerageje kwivanga mu bikorwa vy’iyi nama nshingamateka gikoresheje amahera canke utundi turusho.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP rivuga kandi ko hari n’abandi bane bahagaritswe.

Ibinyamakuru vyo mu Bubirigi bivuga ko iki gihugu co mu Kigobe c’Abarabu ari Qatar – ariko umuvugizi wa Qatar avuga ko atazi ivy’aya matohoza kandi ko ata kibi igihugu ciwe ciyagiriza.

Kaili, umushingamateka wo mu nama nshingamateka ya Bulaya akongera akaba n’umwe mu vyegera 14 vy’umukuru w’inama nshingamateka batowe, yabaye arakurwa mu murwi w’inama nshingamateka uhurikiyemwo abasosiyalisti n’abaharanira demokarasi (Socialists and Democrats Group), aca yirukanwa no mu mugambwe Pasok wo mu Bugiriki akomokamwo.

Mw’itangazo, uyu murwi, Socialists and Democrats Group, uvuga ko udashobora “na gato kwihanganira” igiturire kandi ko uzoshigikira aya matohoza.

Amafaranga yababa ibihumbi 600 vy’ama-euro (600.000) ni ukuvuga 632.000 mu madorari y’abanyamerika, ari yo yafashwe n’igipolisi c’Ububirigi mu bibanza 16 vyasatswe ku mugwa mukuru Bruxelles ku wa gatanu.

Inyabwonko n’amaterefone ngendanwa na vyo nyene vyarafashwe n’igipolisi kugira ngo kirabe ibirimwo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abajejwe amatohoza biketse ko igihugu co mu Kigobe c’Abarabu civanze mw’ifatwa ry’ingingo zijanye n’ubutunzi hamwe na poritike muri iyo nama nshingamateka mu kiringo c’amezi atari make, nk’uko bivugwa n’umuvugizi w’umushikirizamanza mukuru w’igihugu mu Bubirigi mw’itangazo yasohoye.

Iki gihugu cagirizwa ko caciye ku bakozi bo muri iyi nama nshingamateka.

Iri tangazo rivuga riti: “ Ibi bica mu guha amafaranga menshi canke uturusho twinshi abakoreshwa basanzwe bafise ibibanza bikomeye muri poritike canke mu bisata bijejwe imigambi mu nama nshingamateka ya Bulaya”.

Iri tohoza ryagutse ryerekeye umurwi w’inkozi z’ikibi, igiturire no kunyuruza amafaranga.

Ibinyamakuru vyo mu Bubirigi Knack na Le Soir bivuga ko iki gihugu co mu Kigobe c’Abarabu ari Qatar, bishingiye ku makuru bahabwa “n’amasoko abizi neza”. BBC ntiyashoboye guhinyuza ibi bivugwa.

Umuvugizi wa reta ya Qatar yabwiye AFP ati: "Nta makuru arambuye dufise yerekeye amatohoza. Ikintu ico ari co cose coza kivuga ko igihugu ca Qatar citwara nabi coba ari ikinyoma”.

Yongerako y’uko iki gihugu ciwe "gikora cisunze amategeko n’amabwirizwa mpuzamakungu".

Umuvugizi w’inama nshingamateka ya Bulaya yabwiye Reuters ko idashobora kugira ico ivuze ku matohoza akibandanya, ariko ko mu gihe vyokenerwa izokorana n’abategetsi b’igihugu.

Uyu mutegetsi yahagaritswe kw’ikenekerezo rya 09 Kigarama (12), umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igiturire, ukaba washinzwe n’ishirahamwe ONU wemezwa kandi n’inama nshingamateka ya Bulaya.

Igiturire gihomvya ubutunzi bw’Ubumwe bwa Bulaya hagati y’imiriyaridi 179 na 990 z’ama euro ku mwaka, angana na 6% y’umwimbu rusangi (GDP) y’Ubumwe bwa Bulaya mu makori n’imitahe bitakara, nk’uko vyerekanwa n’urwandiko rwo mu 2016 rwasohowe n’inama nshingamateka ya Bulaya mu guhimbaza uyu musi.

Qatar ibandanya yagirizwa igiturire, harimwo n’ukurondera gutegura ihiganwa ry’igikombe c’isi yose 2022.

Irahakana ivyo yagirizwa mbere n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, rikaba ryarayejeje ku biturire yagirizwa.