Total yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara bijanye n'ubwicanyi bwabereye muri Mozambique

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Andrew Harding
- Igikorwa, Paris correspondent
Kompanyi y'Abafaransa TotalEnergies iriko iragirizwa ivyaha vy'intambara (naho yoyo ibihakana), kubera ubwicanyi bwabereye hafi y'ihinguriro ryayo rya gaze (gaz) ryo ku rwego mpuzamakungu rifise agaciro k'imiriyaridi nyinshi z'amadolari, riherereye mu buraruko bwa Mozambike mu 2021.
Mu birego vyatanzwe n'abashikirizamanza b'Ubufaransa, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryagirije TotalEnergies ko yagize uruhara mu vyaha vy'intambara, harimwo gukorera amabi no kwica abana n'abakuze amajana bari bafungiwe mu makonteneri yari mu kibanza c'iyi kompanyi bari bafashwe n'inzego z'umutekano za Mozambique.
Total yahora yama ihakana ko ataco yagirizwa mu bikorwa vy'igisirikare ca reta hamwe n'abasirikare b'amashirahamwe y'umutekano bitwaje ibirwanisho bari bashinzwe gukingira ibikorwa vy'iterambere mu karere ka Afungi Peninsula.
Muri ico gihe, Iryo hinguriro niryo ryari rinini Totalenergie yari yashizemwo amahera menshi muri muri Afrika.
Urubanza rwashingishijwe n'Ishirahamwe rya Bulaya riharanira uburenganzira bwa muntu (European Center for Constitutional and Human Rights, ECCHR).
"Amakompanyi n'abayarongoye ntibakwiye kuba ba sindabibaazwa iyo bakorera mu bibanza birimwo intambara. Iyo bafashije canke bagatuma haba ivyaha, bishobora kuboneka ko babirimwo nabo, kandi bategerezwa kubibazwa," niko Clara Gonzales, umwe mu batwara ibijanye n'ubudandaji n'agateka ka zina muntu muri ECCHR yavuze.
Ubwicanyi bwakozwe n'ingabo za Mozambique bwabereye mu ntara ya Cabo Delgado, irimwo ubutare bwinshi, aho abasirikare ba reta bariko barwana n'abarwanyi biyitirira idini rya Islam, bakorana n'umuhari wiyitirira Reta ya Kisilamu (Etat Islamique/Islamic State) usanzwe uzwi cane mu bijanye no guca imitwe abantu.
Mu kwa gatatu mu 2021, uwo murwi w'iterabwoba wafashe igisagara ca Palma aho bishe bongera banyuruza abanyagihugu 1.563 baba hafi y'aho ikompanyi TotalEnergies icukura gaz ku rubibe rw'akarere ka Afungi mu buraruko bwa Mozambique, nk'uko vyashikirijwe na Alex Perry.
Uwo munyamakuru w'ubushakashatsi ni we yatororokanije ubwa mbere igitigiri c'abapfuye i Palma, hamwe n'ubundi bwicanyi bwakurikiye bwakorewe aho hantu TotalEnergies yakorera, akabishira ahabona biciye mukinyamakuru Politico mu 2024.
Perry yavuze ko vyari "ikiza casheshe amaraso kurusha ibindi vyose mu mateka y'ubutare na gaz."
Abanyagihugu bari bahungiye aho TotalEnergies yakorera , bagirijwe n'igisirikare ko bafasha abarwanyi. Abagabo baratandukanywa ku nguvu bagaca bashirwa mu vyuma bitwara ibidandazwa bita konteneri.
Igitigiri nyaco c'abishwe n'ingabo za Mozambike zari zijejwe umutekano wa Total ntikiramenyekana neza. Perry yamenye abapfuye 97, ariko akemeza ko bishobora kuba incuro zibiri ivyo biharuro.
Perry yabwiye BBC ari : "Abantu benshi nta na kimwe bari bazi kuri ibi vyose kuko Total itigeze ivyemera. Uno munsi ni umusi w'intsinzi ku kuri no ku kubaza neza ivyabaye".
BBC yarondeye TotalEnergies kugira igire ico ibivuzeko.
Mu ntango, reta y'Ubwongereza yari yemeye gushigikira amakompanyi yo mu Bwongereza yari kwipfuza kwinjira mu bikorwa vyari vyamamajwe nk'akaryo kadasanzwe ko guteza imbere ubutunzi muri Mozambike
Ariko inyuma yo guhagarika ubwo bufasha bivuye ku bwicanyi bwabereye i Palma, Ubwongereza buhimirizwa n'amashirahamwe aharanira ibidukikije gukurayo akarenge, kuko uburemere bw'ivyagirijwe Total bitegerezwa kuba umurongo ntarengwa ku baterera amafaranga mu mugambi waryo wa gaz (LNG) muri Mozambique.
Lorette Philippot wo mw'ishirahamwe Friends of the Earth France yavuze ko " Total ibandanya kwerekana ko itigeze yigira ku vyabaye mu kahise: imaze gutangaza ko ikuyeho ingingo yo guhagarika ibikorwa muri uwo mugambi wayo w'ugucukura gaz, naho ibibazo vy'umutekano n'ivy'ubutabazi bikiboneka mu buryo bukomeye.
Yarongeye avuga ko reta y'Ubwongereza n'iy'Ubuholande zikwiye kudasubira gufata mu mugongo umugambi LNG muri Mozambique, nk'uko n'amabanki yo mu Bufaransa, Société Générale na Crédit Agricole yabigize.
Abashigikiye ko TotalEnergies ibandanya umugambi munini muri Cabo Delgado bavuga ko ari umutahe ukomeye cane ushobora kuzana ubuzi n'ubutunzi bwinshi muri ako karere ka Afurika katitaweho.
Abayinegura bavuga ko ivyo ari akaga ku bidukikije, ku mico n'ivy'ubutunzi. Bagereranya ibikorwa vya Total n'ingorane z'iyindi kompanyi ikomeye yo mu Bufaransa, Lafarge, iri mu rubanza mu Bufaransa muri kuno kwezi hamwe n'abakozi umunani bahoze bakora muri yo, ku birego vy'uko yishuye imirwi y'abarwanyi biyitirira idini rya Islam muri Syria kugira ngo uruganda rwayo rw'isima yari ifiseyo rubandanya rukora.













