Ayo abanyagihugu bagorewe muri Uvira hagati y'ingabo z'igihugu n'aba Wazalendo – HRW

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira uburengenzira bwa zina muntu Human Rights Watch, HRW, risaba reta ya Repuburika ya Demokarsi ya Congo kuba ari yo yishinga umutekano w'abanyagihugu.
Mw'itangazo ku ruhagarara n'intureka vyamaze iminsi umunani mu gisagara ca Uvira, HRW yerekana na cane cane ingene Abanyamulenge – abanye-Congo bo mu bwoko bw'Abatutsi baba mu ntara ya Kivu y'Epfo – baburabujwe muri ico gihe.
Aba Wazalendo – imigwi y'abanyagihugu bitwaje ibigwanisho bakorana n'ingabo z'igihugu mu kurwanya umuhari witwaje ibigwanisho wa M23 – kuva itari 2 gushika itariki 9 z'uku kwezi kwa Nyakanga (9) barahagaritse ubuzima mu gisagara ca Uvira biyamiriza irungikwayo rw'umusirikare w'ingabo z'igihugu, Gen Olivier Gasita Mukunda.
Wazalendo bagiriza iyo ntwazangabo kuba icuditse n'umuhari M23.
HRW ivuga ko muri ico gihe c'uruhagarara n'intureka Abanyamulenge ari bo bahaboneye amakuba kurusha abandi.
''Abagwanyi ba Wazalendo baraburabuje, baratera ubwoba, baranyuruza, barabuza gushikira ivyankenerwa Abanyamulenge muri Uvira, babagiriza gushigikira M23'', niko HRW ivuga mw'itangazo yasohoye kuri uyu wa mbere.
Ku bwa Clémentine de Montjoye, umushakashatsi mukuru wa Human Rights Watch mu gisata ca Afrika, ''ukwunyuka kw'umutekano muri Kivu y'Epfo kwerekana urusobekerane rubangamye rw'ukunanirwa kw'intwaro, ukwinubana hagati y'ingabo z'igihugu n'imigwi y'abafise ibigwanisho bakorana, hamwe n'icuka kibi gifatiye ku moko kiguma congerekana''.
HRW ivuga ko ibihugu vyose bifise uruhara mu ntambara yo mu buseruko bwa Congo ''bikwiye kubona ko amabi akorwa n'impande zose yerekana ko bikwiye kwitaho gukingira abanyagihugu basanzwe no guha inzira ababa bakeneye guhunga intambara''.
Aho HRW ivuga ko muri urwo ruhagarara n'intureka vyabaye muri Uvira, aba Wazalendo bashize bariyeri mw'ibarabara, cane cane mu rija ku mupaka n'Uburundi…babuza abantu kujabuka''.
HRW ivuga ko umwe mu bakozi bo ku mupaka yayibwiye ko ''[Wazalendo] batashaka ko abantu bahungira mu Burundi''.
HRW ivuga ko ku ruhande rw'Uburundi, kw'itariki 8 abaporisi n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi [Imbonerakure] bafashe abanye-Congo amajana bari bahunze ''babahitishamwo'' kuja mw'ikambi y'impunzi izwi canke gusubira muri Congo, abashika 80 baravyemera.
Gushika ubu mu Burundi hamaze guhungira abanye-Congo barenga 70.000 kuva mu kwezi kwa mbere igihe M23 yagaba ibitero vyo gufata Goma na Bukavu.
HRW isaba ibihugu vyose kworohereza abanyagihugu bahunga intambara.
Igarutse ku ntureka zabaye muri Uvira, HRW ivuga ko ku wa 5 Nyakanga, aba Wazalendo barashe inkoho ntonto na nini nini.
HRW ivuga ko ku wa 6 Nyakanga, aba Wazalendo bakikuje urugo rw'umukuru w'ishirahamwe ridaharanira inyungu za poritike wo mu bwoko bw'Abanyamulenge bagerageza kumutwara.
Babwiye uwucunze urugo rwiwe ngo ''Uwo munyarwanda ari he? Uno munsi turamurangiza'', bamwagiriza kuba incuti ya Gasita. Abo bagwanyi bahavuye habanje kuza umukuru mu butegetsi, nk'uko HRW ibandanya ivuga.
Ingabo z'igihugu nazo, nk'uko HRW ibivuga mw'itangazo ryayo, itariki 8, zugururiye amasasu ku bantu bari mu myiyerekano biyamiriza irungikwa rya Gen Gasita gukorera muri ako karere. Izo ngabo zararashe abantu mu mugongo bariko barahunga, barica umwana w'umuhungu w'imyaka 8, hakomereka abandi icenda, harimwo umukobwa w'imyaka 11.
Iyo myiyerekano yabaye hari haheze amezi hari icuka kibi hagati y'ingabo za reta n'aba Wazalendo bagirizanya ibiturire, gucengetera no guta ibirindiro, nk'uko iryo shirahamwe ry'agateka ka zina muntu ribandanya rivuga.
HRW ivuga ko impande zirwana muri Congo zikabura ibijanye n'amoko maze bigatuma haba ikumira n'ayandi mabi. Iryo shirahamwe rivuga ko menshi muri ayo mabi y'aba Wazalendo yatumbereye Abanyamulenge bagirizwa gushigikira M23.
Ku wa 11, intumwa zivuye i Kinshasha, zirimwo icegera c'umushikiranganji ajejwe intwaro mu gihugu hagati, zaragiye Uvira guhoyahoya no gusubiza abantu hamwe'' nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vy'aho.
Ibintu vyatanguye gukomera itariki 25 Myandagaro(8) igihe abagwanyi ba Wazalendo bamara iminsi banka ko haba amaziko y'umusirikare w'ipete rya colonel wo mu bwoko bw'Abanyamulenge bavuga ko ''umunya-Rwanda adakwiye guhambwa ngaha'' nk'uko HRW isubiramwo uwavyiboneye.
HRW iavuga ko abategetsi ba Congo bakwiye guhagarika gushigikira aba Wazalendo n'uko uwukoze amabi aheza akayabazwa imbere y'ubutungane.
N'ubwo igisirikare ca Congo gisa n'icananiwe kugenzura aba Wazalendo, kiguma kibaha uburyo bw'amafaranga hamwe n'ibigwanisho.
Kuba abategetsi baguma baha ibigwanisho imigwi yitwaje ibigwanisho kandi bazi ikora amabi, ni nko gufatanya mu vyaha ikora, ku bwa HRW.
''Abanyagihgu basanzwe bo mu buseruko bwa Congo bagotewe hagati y'ingabo zitandukanye, akenshi hataboneka neza uwubazwa umutekano wabo'', niko de Montjoye avuga.
''Abategetsi ba Congo barakwiye kwumvisha ingabo z'igihugu ko ari zo ubwa mbere na mbere zijejwe gukingira abanyagihugu no kubafasha gushikira ivyankenerwa, hamwe no kurangiza ikumira n'amabi [bakorerwa].''












