Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwicanyi bukorerwa abagore: 85,000 bishwe mu mwaka umwe
Ubwicanyi bukorerwa abagore n'abakobwa ku isi bukomeza kwiyongera nubwo hari umuhate wo kuburwanya.
Ubwicanyi bukorwa n'abagabo babana nabo cyangwa abo mu miryango yabo bugize igice kinini cy'ubwicanyi bwose bushingiye ku gitsina, nk'uko raporo iheruka ya ONU ibivuga.
60% by'ubwicanyi bwose ku bagore bukorwa n'abagabo babana cyangwa abo mu miryango. Afurika ni yo ifite imibare iri hejuru y'indi migabane ku isi, kandi yiyongereyeho 8%.
Gusa ishusho nyayo y'iki kibazo ishobora kuba ari mbi kurushaho kuko hari ubwicanyi nk'ubu buhishirwa, ntibuvugwe ngo bumenyekane.