Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'Imvano ku mugambi mushasha wo kurwanya igiturire mu Burundi
Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 3 ukwezi kwa mbere mu 2026. Mu kiganiro c'uyu musi tuvuga ivyerekeye umugambi mushasha wo kugwanya igiturire mu Burundi. Ni mu gihe ico gihugu ari kimwe mu birangwamwo igiturire kurusha ibindi ku mugabane wa Afrika no kw'isi. Kiri kandi mu bihugu vya mbere bikenye cane kw'isi. Mu cegeranyo co mu 2021, ikigo INSBU gitororokanya uko ibiharuro vy'ubutunzi n'imibereho vyifashe mu Burundi , cavuga ko abantu barenga 80 kw'ijana bemeza ko igiturire ciraye mu Burundi.
Hagiye harashirwaho ibisata bitandukanye n'amategeko bijejwe kukigwanya, ariko gushika ubu nta karusho karaboneka. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yihaye ihangiro ryo kugwanya igiturire, aguma asemerera anerekana aho ibintu bipfira n'ingene bobitorera inyishu. Kw'igenekerezo rya 17 na 18 z'ukwezi guheze kwa 12, urwego rujejwe kugenzura ibikorwa vya reta, inspection generale de l'Etat mu rurimi rw'igifaransa, rwarakoranije abantu bose bafise uruhara mu kugwanya igiturire, bemeza icegeranyo ngenderwako kigiye kwisungwa mu ntumbero yo gutuza igiturire mu Burundi.
Muvyo bumvikanye, harimwo ko ico cegeranyo kizoba cemejwe n'inama nshikiranganji mu ntango y'uku kwezi, hanyuma inyuma y'amezi atatu hihwezwe intambwe bateyeko. Vyinshi mubiri muri ico cegeranyo si bishasha. None ubu bigiye gushirwa mu ngiro gusumba uko vyahora gute?
Ubu ku bategetsi imvugo igiye kujana n'ingiro ? Bamwe mu bagwanya ibitirire bahora bavuga ko amategeko agenga ico gisata yahahora ari nk'igikanganyoni. None ubu agiye noneho gukurikizwa? Abafashwe bagirizwa ivyaha bijanye n'ibiturire bagiye kuja barabihanirwa hagusubiza gusa ivyo bivye? Amahera yasubijwe agiye kuja aratangazwa uko angana, aho abitswe n'ico akoreshwa? Ibi ni bimwe mu bibazo tuza guca hirya no hino muri kino kiganiro kigiye kuremeshwa na Cyriaque Muhawenayo.
Muri kino kiganiro rero, turi kumwe na Jerome Niyonzimaa, umunyamabanga mukuru akaba n'umuvugizi wa reta y'Uburundi, nkaba ndamuramukije Turi kumwe kandi na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe ryigenga rigwanya igiturire no gusesagura itunga ry'igihugu, OLUCOM.
Na we nyene ndamuramukije. Uwundi turi kumwe ni Dr Diomede Ninteretse, umuhinga muvyo kugwanya igiturire. Nawe nyene ndamuramukije. Mu gutangura rero kino kiganiro, reka mbanze mpe ijambo Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucom atubwire uko igiturire cifashe mu Burundi.