Kubera iki Stevie Wonder yanezerewe cane no guhabwa ubwenegihugu bwa Ghana?

Stevie Wonder (i bubamfu) yahawe ubwenegihugu bwa Ghana n'umukuru w'ico gihugu Nana Akufo-Addo (i buryo)

Ahavuye isanamu, Ubushikiranganji bwa Ghana bw'intwaro yo hagati

Insiguro y'isanamu, Stevie Wonder yari mu kamwemwe igihe umukuru wa Ghana Nana Akufo-Addo (i buryo) yamuha ubwenegihugu bwa Ghana.
    • Umwanditsi, Thamas Naadi
    • Igikorwa, BBC News, Accra

Umuririmvyi rurangiranwa Stevie Wonder kuva ku wa mbere ni umunya-Ghana.

Ku wa mbere, umunsi w'isabukuru yiwe ya 74, ni ho ico camamare c'umunyamerika mu muziki, cahabwa ubwenegihugu n'umukuru w'igihugu wa Ghana.

''Biraheze. Ndagukeje!'', Nana Akufo-Addo abwira Stevie Wonder, ko amuhaye urupapuro rwemeza [ko abaye umwenegihugu wa Ghana] mu birori vyabereye ku kirimba c'umukuru w'igihugu.

Wonder yabwiye BBC ko kuronka ubwenegihugu bwa Ghana ku munsi w'isabukuru yiwe ari ''ikintu c'igitangaza''.

Ico camamare mu muziki yavukiye kandi akurira mu ntara ya Michigan muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ariko kuva kera yamye yiyumvamwo cane Ghana, igihugu co muri Afrika y'uburengero kiri ku birometero ibihumbi uvuye iwabo muri Amerika.

Mu 1975, inyuma y'inkurikirane z'indirimbo zakunzwe cane, Wonder yaravugiye ku mugaragaro icifuzo ciwe co guhagarika kuririmba akaja kuba muri Ghana. Yibaza ko ba sekuruza biwe bashobora kuba bari abanya-Ghana, ku bw'ivyegeranyo bimwe bimwe.

Ariko Wonder yarabandanije kuririmba kandi aguma muri Amerika, ariko amaze kuza kw'isonga ry'isabukuru ry'umuziki ryo muri Ghana mu myaka ya 1990, yaciye avyura icifuzo ciwe co kuba muri ico gihugu.

Mu rugendo yahavuye akora muri ico gihugu mu nyuma, Wonder ni ho yandikiye indirimbo zose z'urukurikirane Conversation Peace. Mu kiganiro yatanze haraheze imyaka itatu, yavuze ko yimukiye muri Ghana kugira ahunge akarenganyo gashingiye ku bwoko muri Amerika.

Urukundo rwiwe n'igihugu ca Ghana rwakabuwe n'abantu bahuye muri ico gihe.

Yabwiye BBC ko umwe mu bantu bahuye yari uwahoze ari umukuru w'ico gihugu, umuhisi Jerry Rawlings, yamwakiriye mu myaka ya 1990 ku kirimba ciwe.

''Ndibuka umuhisi perezida Rawlings, yanyemereye kumubera umwunganizi mu ndege'', nk'uko Wonder avuga.

''Twarajanye mu ndege urugendo rwose kuva ku mpera imwe ya Ghana gushika ku yindi. Narashoboye kugendana na we mu ndege kuva ku mpera imwe ya Ghana gushika ku yindi , kuva mu buraruko gushika mu bumanuko, ntiwari kuraba''.

Wonder mu mwambaro kavukire w'abanya-Ghana muri ivyo birori

Ahavuye isanamu, Ubushikiranganji bwaq Ghana bw'intwaro yo hagati

Insiguro y'isanamu, Wonder mu mwambaro kavukire w'abanya-Ghana muri ivyo birori
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ari kumwe n'umuryango wiwe yambaye n'igishora co mu mpuzu ya kente kavukire ka Ghana, Wonder vyaragaragara ko anezerewe no kuba amaherezo abaye umunya-Ghana.

Igihugu ca Ghana gisanzwe kuva kera cishimira kuba imboneza mu guteza imbere ivyiyumviro vy'ikinya-Afrika (panafricanisme) - uwubonwa nk'uwashinze ico gihugu, Kwame Nkrumah, yacita ''Maka ya y'abirabure (Mecque noire/Black Mecca)''.

Wonder ni we wa vuba w'icamamare w'umunyamerika w'umwirabure ahimbaje ubwo butumwa: umwanditsi WEB DU Bois yaragiye kuba muri Ghana ari na ho yahambwe mu 1963, mu gihe Martin Luther, Malcom X na Muhammad Ali bose bagize ingendo zavuzwe cane mu makuru muri ico gihugu kugira basubire ku mizi yabo ya Afrika.

Mu 2001, Ghana cabaye igihugu ca mbere co muri Afrika cahaye abamuka ku banyafrika uburenganzira bwo kuguma muri ico gihugu.

Kuva ico gihe, abanyafrika baba mu mahanga bashobora kuba no gukora muri Ghana badategerezwa kujabararihaimpusha zabo zo kwinjira muri ico gihugu (visa) canke zo gukora akazi.

Mu 2019, reta ya Ghana yatanguje umugambi witwa ''Umwaka wo kugaruka'' kugira bahimirize abanyafrika baba hanze kuza kuba muri ico gihugu.

Abanyafrika barenga 300 baba hanze bararonse ubwenegihugu kuva ico gihe.

Mw'itangazo, ubushikiranganji bwa Ghana bujejwe intwaro yo mu gihugu hagati bwatangaje ko kuba Stevie Wonder yaronse ubwenegihugu bwa Ghana ''ari intambwe ikomeye mu twigiro tw'igihugu two gukwegakwega Abanyafrika bo mu mahanga no gushima intererano zidasanzwe zabo''.

Wonder ubwiwe yavuze ko kuva ubu ategekanya kugira uruhara mu migambi yoshobora kuzana amahirwe yo kugwiza ubuzi ku rwaruka rwa Ghana, rungana hafi 38 kw'ijana y'abantu bagize ico gihugu.

''Abantu bakiri bato kuruta ahandi kw'isi bari muri Afrika. Dutegerezwa gutangura kwibaza ingene ubwo bwinshi bwabo bushobora gusayangana'', nk'uko yavuze.