Stevie Wonder, umu nya muziki rurangiranwa wa USA m’ubwenegihugu bwa Ghana

Insiguro ya video, Stevie Wonder, rurangiranwa m'umuziki muri USA yaronse ubwenegihugu bwa Ghana.
Stevie Wonder, umu nya muziki rurangiranwa wa USA m’ubwenegihugu bwa Ghana

“Ni hano nkeneye kuba”, niko umuririmvyi rurangiranwa w’umu ny’Amerika yavuze ahawe ubwenegihugu bwa Ghana.

Stevie Wonder yemeza ko yavyiyumviriye kuva mu myaka 1970s.

Perezida Nana Akufo Addo wa Ghana, yavuze ko yemerewe iryo teka nk’ukwemeza ubuhinga bwiwe, n’utwigoro two kunywanisha imico itandukanye ikomoka muri Africa.

Stevie Wonder, rurangiranwa m'umuziki muri USA yaronse ubwenegihugu bwa Ghana.
Insiguro y'isanamu, Stevie Wonder, rurangiranwa m'umuziki muri USA