Umuhungu wa Joe Biden ashobora gukurikiranwa ku vyaha bijanye n’amakori

Hunter Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abarepubulikani bariyemeje kumukorako amatohoza mu nama nshingamateka mu gihe boronka intebe nyinshi mu matora yimirije mu kwezi kuza.

Na Bernd Debusmann Jr

BBC News, Washington

Ikigo c’igendereza ryo hagati muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika FBI gifise ivyemezo bikwiye kugira ngo birengutse Hunter Biden ku vyaha bijanye no kunyegeza ikori hamwe no gutanga insiguro z’ibinyoma mu ntumbero yo kugura inkoho, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika.

Uyu muhungu wa Perezida Joe Biden amaze igihe akorwako amatohoza kuva mu 2018.

Ingingo yo kumwugururira dosiye mpanavyaha ubu iri mu minwe y’umushikirizamanza mukuru muri reta ya Delaware.

Umushingwamanza wa Hunter avuga ko ata mutegetsi wo mu rwego rw’igendereza yigeze amwegera. Abandanya ahakana ko ata mategeko yahonyanze.

Igisata ca Amerika kijejwe ubutungane canse kugira ico kibivuzeko.

Hunter Biden w’imyaka 52 ni umunyamategeko akaba n'umuntu uvuga rikumvwa yakoreye hanze, harimwo mu Bushinwa no muri Ukraine.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu 2014 yarasezerewe mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi bamaze gusanga yaranyoye ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa kokayine (Cocaine).

Nk’uko vyandikwa na Washington Post, abajejwe igendereza ku rwego rw’igihugu batanguye kumugirako amatohoza mu 2018, mu ntango aya matohoza akaba yashingiye ku mafaranga yakoresha mu bikorwa vyiwe yakorera mu mahanga.

Inyuma y’imisi, amatohoza yatanguye kwibanda ku kumenya nimba Hunter yaramenyesheje amatungo yiwe akanatanga insiguro z’ibinyoma mu mpapuro ziwe yakoresheje mu kugura inkoho mu 2018.

Mu gitabo casohowe umwaka uheze, yaremeje ko yari akinywa ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa kokayine ico gihe.

Ariko Washington Post yandika ko yavuze ngo “oya” kw’ifishe (fiche) y’igihugu yamubaza nimba “yarakoresha ikiyayuramutwe co mu bwoko bwa marijuana, canke ikindi kiyayuramutwe ico ari co cose camutwara ubwenge”.

Ibirego mpanavyaha bifise inkomoko ku binyoma biri kw’ifishe yo kugura inkoho bibandanya biba imbonekarimwe kandi bigaharurwa mu majana buri mwaka.

Mw’itangazo ryarungikiwe CBS, umushingwamanza w’uyu muhungu wa Perezida wa Amerika avuga ko yiteze y’uko igisata kijejwe ubutungane “kizokora amatohoza ataho gihengamiye congere kiburanye” abo bose basohoye amabanga ku bijanye n’iri tohoza.

Itangazo ry’umushingwamanza Chris Clark rivuga riti: “Nk’uko ari nkenerwa kandi bisabwa n’amategeko, twizeye ko abashikirizamanza muri runo rubanza bariko barihweza mu bwitonzi bwinshi, atari ivyemezo bitangwa n’abajejwe igendereza gusa, ariko kandi n’ibindi vyabona muri iyi dosiye, harimwo ivyabona vy’uwuburanywa”.

"Iki ni igikorwa c’abashikirizamanza. Ntibategerezwa guterwa igitsure, kwihutishwa canke ngo banengwe kubera bariko barakora ico bajejwe”.

Clark yongerako y’uko atigeze avugana n’umuntu n’umwe mu bariko barakora amatohoza.

Avuga ko inkuru iyo ari yo yose yatanzwe n’abajejwe amatohoza – yavuzwe na Washington Post, ari nayo yasohoye ubwa mbere iyi nkuru – yari “ihengamye, y’uruhande rumwe kandi ntiyari iy’ukuri”.

Hunter Biden amaze igihe kitari gito agenzurwa n’abo ku ruhande rw’aba Conservateurs/Conservative basanzwe bavuga ko ibikorwa vyiwe vy’ubucuruzi akorera mu mahanga vyuzuye ibiturire.

Abarepubulikani bariyemeje kumukorako amatohoza mu nama nshingamateka mu gihe boronka intebe nyinshi mu matora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yimirije mu kwezi kuza.

Mu gihe Hunter Biden yemera ko ubuzima bwiwe bwabayemwo ibibazo kandi ko yigeze kunywa ibiyayuramutwe, yaba se wiwe canke we nyene, bompi barahakana ko ata bikorwa biteye kubiri n’amategeko yagiyemwo.

Yemeye ubwa mbere ko yari azi ko hari amatohoza ariko arakorwa mu kw’icumi na kabiri 2020.

Mw’itangazo, Hunter yari afise icizere ko “isuzumwa ry’abahinga kandi ataho ryegamiye muri ibi bintu rizokwerekana neza ko nakoze ibikorwa vyanje mu nzira nziza kandi nkurikije amategeko, ndabifashijwemwo n’abahanuzi b’abahinga mu bijanye n’amakori”.

Mu kwa kane, umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu Joe Biden, Ron Klain, yavuze ko umukuru w’igihugu "yizeye ko umuhungu wiwe atigeze ahonyanga amategeko”, ariko ko ari igikorwa kiraba igisata c’ubutungane kandi ko ibiro vy’umukuru w’igihugu bidashobora kuvyivangamwo.

Mu 2018, Hunter Biden yarakozweko amatohoza inyuma y’aho uwari umukunzi wiwe ico gihe ataye inkoho yiwe mu gikapu c’imyanda hafi y’ishure, nk’uko vyavuzwe n’ibinyamakuru vya Amerika.

Abakozi bo mu gisata c’igendereza bavugwa ko baciye baseruka, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Politico, mu kugendera iduka rya Delaware yari yaguriyemwo iyi nkoho mu ntango z’uko kwezi baca basaba ko baronswa ifishe yerekana kahise kiwe.

Nyene iyo duka y’inkoho yaranse kubaha izo mpapuro, nk’uko vyandikwa n’iki kinyamakuru co ku rubuga ngurukanabumenyi kandi nta vyaha yagirijwe.