Mu Burundi guhagararira amatora ntivyumvikanwako

Gutegura amatora mu Burundi ntibibonwa kumwe
Insiguro y'isanamu, Gutegura amatora mu Burundi ntibibonwa kumwe

Mu Burundi abatavuga rumwe leta, hamwe n'amashirahamwe yigenga bavuga ko kugena umugwi uhagarariye amatora ku rwego rw'amakomine, CECI, vyabaye aka mwana wa mama.

Hirya no hino mu gihugu, imigambwe itavuga rumwe na leta n'iyisanzwe izwi ko icuditse nayo, barinubira igikorwa co gushirako uwo mugwi.

Umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri iragi rya Ndandaye, usanzwe uri no muri leta, avuga ko warungitse abawuserukira mu makomine yose agize igihugu, ariko ko hariho henshi batigeze baserukirwa.

Ngo umugambwe uri ku butegtesi CNDD-FDD wakoreshe uruyeri mu gutanga amazina y'abawuserukira kugira ibibanza nka vyose biwegukire.

Abo bazohagarikira amatora ku rwego rw'amakomine nibo bazoca bashiraho abazogira rusansuma rw'abanyagihugu bazitaba amatora kandi bashireho n'abarongora ibiro vy'amatora.

Mw'ishirahamwe COSOME risanzwe rikurikiranira hafi ivy'amatora, bavugako mugushiraho uwo murwi batashize imbere inyungu z'amatora.

Ngo basavye umurwi w'igihugu utegura amatora CENI gukora ibishoboka kugira imyidogo y'aba n'abariya ihave, ariko ko gushika ubu ata nyishu bararonka.

Ayo mashirahamwe n'iyo migambwe vyibutsa umurwi CENI ko itegerezwa kwigenga.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora ku rwego rw'igihu CENI wari wiyamirijijwe n'imigambwe itavuga rumwe n'amashirahamwe yigenga yo mu gihugu kuva ugishirwaho.

Aho yavugako ata cizere bafitiye bamwe mu bawugize, harimwo umukuru w'uwo murwi n'umuvugizi wawo, babagiriza ko batavyifashemwo neza mu matora yo mu 2010.

Umgwi CENI nturagira ico uvuga kuri bivugwa n'iyo migambwe.