Guinea: Amatora mu ruhagarara

Umwe mu bashigikiye leta yitwaje ikirwanisho
Insiguro y'isanamu, Umwe mu bashigikiye leta yitwaje ikirwanisho

Abanyagihugu ba Guinea biriwe mu matora ya mbere y'abashingamateka abaye kuva hatembagajwe ubutegetsi mu 2008.

Kwiyamamaza vyaranzwe n'ubwicanyi, indyane z'amoko n'amadini, gushwana kw'abitoza hamwe n'ukutizerana kw'imigambwe mikuru.

Aya matora azozubiriza inama nshingamateka mfatakibanza yari itwaye igihugu kuva hahagaritswe intwaro y'igisirikare mu 2010.

Itariki y'amatora yari imaze kugenwa kenshi hanyuma igahinduka, kenshi bitewe n'uko abatavuga rumwe na leta bayagiriza gushaka kwiba amajwi.

Amatora mu ntango yagomba kuba nyuma y'amezi atandatu Alpha Konde agiye ku butegetsi, aho hari mu 2010.