Charles Taylor yahamijwe icaha

Ahavuye isanamu, BBC World Service
Icumba cihariye ku gihugu ca Sierra Leone kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye mu Buholandi, cahamije icaha uwahoze atwara Liberia, Charles Taylor.
Yahamwe n'icaha co gufasha no guhimiriza abandi gukora ivyaha bihohotera ikiremwa muntu, ubwicanyi, gusambanya ku nguvu hamwe n'iterabwoba.
Umucamanza yavuze yuko Charles Taylor yagirwa n'icaha co gufasha umugwi w'abarwanyi Revolutionary United Front (RUF) mu gihugu kibanyi ca Sierra Leone, mu gihe c'intambara yo hagati mu gihugu mu myaka y'1990.
Umucamanza Richard Lussick yavuze ko ubushinjacaha bwerekanye incuro nyinshi ko abo barwanyi bagandaguye, basambanya ku nguvu, banaca abantu ibihimba vy'imibiri mu ntambara yo muri Sierra Leone.
Ariko ntiyigeze avuga nimba sentare yarasanze Charles Taylor we wbite yagirwa n'ivyo vyaha.
Uru rubanza ruciwe rumaze hafi imyaka itanu rwumvirizwa, bwana Taylor akaba ariwe muntu wa mbere yahoze ari umukuru w'igihugu aciriwe urubanza na sentare mpanavyaha mpuzamakungu, kuva haba imanza za Nuremburg zerekeye ivyaha vyo mu ntambara ya kabiri y'isi.






