Intambara yo muri Ukraine: Putin asabwa kuja mu biganiro 'amaso mu yandi' na Zelensky

Ahavuye isanamu, EPA
Abakuru b'igihugu vy'Ubufaransa n'Ubudagi basavye Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya kuja mu biganiro "amaso mu yandi kandi ashimitse", n'umukuru w'igihugu ca Ukraine, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umukuru wa reta y'Ubudagi.
Emmanuel Macron, umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, hamwe na Olaf Scholz umukuru wa reta y'Ubudagi (Chancelier/Chancellor) bavuganye na Perezida Putin kuri terefone mu kiringo c'iminota 80.
Aba bategetsi babiri "bashimangiye ko ari ngombwa ko intambara ihagarara vuba bwango kandi ko ingabo z'Uburusiya zitahukanwa", nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umukuru wa reta y'Ubudagi.
Nk'uko bivugwa na Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), Perezida Putin yababwiye ko Moscou yiteguriye gusubira mu biganiro na Kyiv.
Ntivuga ariko ko ibiganiro amaso mu yandi bishoboka hagati ya Perezida Putin na mugenziwe wa Ukraine, Volodymyr Zelensky.
Imbere y'aha, Perezida Zelensky yari yavuze ko ata shaka afise ryo kuja mu biganiro, ariko akavuga ko ari vyo bishobora kuba inzira nyyo yo kurangira intambara.
Intumwa z'Uburusiya n'iza Ukraine ziramaze kubonana incuro zitari nke amaso mu yandi canke bari kure na kure kuva Uburusiya butanguye igitero ku wa 24 Ruhuhuma (2), ariko utu twigoro twahavuye duhagarara.
Ubufaransa n'Ubudagi kandi vyasavye Putin kurekura abarwanyi ba Ukraine 2500 bafashwe mpiri ku rugamba bakagirwa imbohe z'intambara kuri rwa ruganda rw'ivyuma rwa Azovstal i Mariupol.
Uru ruganda runini rwabaye agace ka nyuma k'isekaniro muri ico gisagara kiri ku nkengera y'inyanja, camaze igihe cose gicucagirwa amabombe y'urutavanako n'ingabo z'Uburusiya ubu kikaba ari umusaka.
Mu ntango za kuno kwezi, abategetsi ba Moscou bavuze ko abarwanyi ba nyuma bariko barwanira uru ruganda bamanitse amaboko, mu gihe Perezida Zelensky avuga ko bahawe uruhusha rwo kuhava.
Uburusiya bwari bwavuze ko abarenga 900 muri abo barwanyi batwawe mw'ibohero ryuguruwe rya Olenivka, ikigwati kiri mu karere kari mu minwe y'Uburusiya muri Donesk. Bakeya muri bo bakomeretse cane batwawe mu bitaro mu gisagara ca Novoazovsk, muri Donesk nyene.
Ukraine yizeye ko bazorekurwa mu mugambi wo guhanahana impfungwa - ariko Uburusiya ntiburavyemeza. Bamwe mu bashingamateka bavuga ko aba barwanyi bakwiye kurengutswa mu bucamanza canke mbere bakanyongwa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri ico kiganiro nyene, aba bategetasi b'Ubufaransa n'Ubudagi basavye kandi Putin kwugurura ikivuko ca Odesa muri Ukraine cugawe n'Uburusiya, kugira ngo intete zishobore gushorwa hanze.
Kremlin ivuga ko Perezida Putin yemeye ko agiye kuraba icokorwa, kugira ngo ntihahave haba ikibazo c'imfungurwa kw'isi - ariko akaba yasavye Uburengero ko bwokuraho ibihano bwafatiye igihugu ciwe.
Uburusiya kandi bwagabishije Ubufaransa n'Ubudagi ku ngendo yavyo yo kwongereza ibirwanisho biha Ukraine, akavuga ko bishobora gutuma indyane ziyongera kandi zikamara igihe kirekire.
Abategetsi ba Ukraina bavuga ko intambara zibandanya mu mabarabara y'igisagara ca Severodonetsk kiri mu buseruko, akarere ko hirya cane mu buseruko kakiri mu minwe ya Ukraine.
Buramatari w'intara ya Luhansk, Serhiy Haidai, avuga ko Abarusiya babandanya bacucagira amabombe ico gisagara, n'aho ingabo zabo zahatakarije ibitari bike.
Ku wa gatanu, abategetsi bavuze ko bibiri vya bitatu vyaco vyagoswe n'ingabo z'Uburusiya.
Buramatari Haidai yamenyesheje ko ingabo za Ukraine zashobora kuva muri Severodonetsk, mu kuvuga ati: "Birashoboka ko biba ngombwa ko bavayo kugira ngo ntibahave bugaranirwayo".
Avugana na BBC ejo ku wa gatandatu, umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Denys Shmyhal yavuze ko igitero c'Uburusiya ku gihugu ciwe cabomoye ibirometero 25.000 vy'amabarabara, ibiraro bitari bike, hamwe n'ibibuga vy'indege 12.
Ibigo birenga 100 vy'amashure, amavuriro arenga 500, hamwe n'amahinguriro 200, navyo nyene vyaratikiye canke birononwa, nk'uko abivuga.
Asaba ko Uburusiya bwotegekwa kuriha ivyo "bwasambuye", akavuga ko amatungo y'Uburusiya yafashwe yorungikwa muri Ukraine kugira ngo akoreshwe mu bikorwa vyo gusanura igihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images










