Ukraine: Ingabo ziri i Severodonetsk zishobora guta zikomoka mu gihe iza Russia ziriko zisatira

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ingabo za Ukraine zirashobora kuva mu gisagara kinini co mu buseruko, Severodonetsk, mu gihe ingabo z'Uburusiya ziri hafi kukigota, nk'uko bivugwa n'umutegtsi.
Serhiy Haidai, buramatari wa Luhansk, avuga ko ingabo z'Uburusiya ziri mu gice kimwe c'iki gisagara. "Birashobora ko, kugira ngo ntibahave bugaranwa, ari ngombwa ko bavayo".
Kwigarurira akarere kose ka Donbas nico cabaye intumbero nyamukuru y'iyi ntambara ku Burusiya .
Ukraine iriko iratabaza isaba ibirwanisho birasa kure kugira ngo ishobore guhangana n'Uburusiya bubandanya busatira, ariko gushika ubu Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntizirashobora kuyibiha.
Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson yavuze ko Ukraine ikeneye ibirwanisho birasa kure kandi bitera ibisasu vyinshi ica rimwe.
Yabwiye ikinyamakuru Bloomberg ati: "Mfise ubwoba ko Putin, ku giciro kinini kuri we no ku gisirikare c'Uburusiya, abandanya atema atongora i Donbas".
"Kumbure afise kuba ata kintu kiboneka arashikako, ariko abandanya atera intambwe buke buke, rero ni ngombwa ko tubandanya dufasha igisirikare ca Ukraine".
I Severodonetsk, Haidai avuga ko inzu zirenga igice zasenyuwe kandi ko inyubakwa hafi zose zononywe, abayagihugu basigayeyo bari mu kangaratete.
Ibarabara riva muri ico gisagara rija hagati muri Ukraine riracari mu masasu y'urutavanako, ariko rirarengana, nk'uko abivuga.
Hanyuma kandi, ingabo zishigikiwe n'Uburusiya zarigaruriye igisagara ca Lyman kiri mu burengero bwa Severodonetsk, ibi bikazishoboza guca zibandanya gushika mu bisagara bikuru bikuru vya Slovyansk na Kramatorsk.


Donbas irageramiwe
N'umunyamakuru Paul Kirby
Gufata Lyman ni ikintu gikomeye ku ngabo zishigikiwe n'Uburusiya zigenda zisatira bukebuke mu buseruko bwa Ukraine. Urugamba rwo kurwanira iki gisagara ntirwari rworoshe, n'aho ingabo za Ukraine zari zatanguye gukura meza mu ntango z'ino ndwi. Ni iyindi ntzinsi ikomeye ku Burusiya muri ino ndwi, inyuma y'aho bufatiye Svitlodarsk mu bumanuko.
Lyman ubwayo si igisagara kinini, ariko giha akaryo ingabo zishigikiwe n'Uburusiya kugenura ibarabara rikomeye riva mu buseruko rija mu burengero. Bisigura kandi ko ubu zigeze ku birometero 20 uvuye mu gisagara ca Slovyansk, utera uja mu bumanuko bushira uburengero.
Izindi ntambara zikomeye ziri kure mu buseruko, aho ingabo z'Uburusiya zisugereje ibisagara bibiri vya Severodonetsk na Lysychansk. Ibi ni ibisagara bikomeye muri aka karere-mutima k'amahinguriro ka Ukraine kazwi nka Donbas, kugatakaza rukaba rwoba ari uruhombo rukomeye ku gisirikare.

Hanze y'urubuga rw'intambara, Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yagirije Ukraine "gutoba" umugambi w'amahoro mu kiganiro yagiranye kuri terefone n'umukuru wa reta (Chancelier/Chansellor) ya Autriche/Austria Karl Nehammer.
Mu mpapuro zasohowe na Moscou zerekana ivyo bavuganye muri ico kiganiro, Putin arahakana ivyo igihugu ciwe cagirizwa ko ari co gituma imfungurwa zikena kw'isi kubera cazibiye ibivuko vya Ukraine, akavuga ko ahubwo ubu bukene buva ku bihano Amerika n'Ubumwe bwa Bulaya vyafatiye Uburusiya.
Ishirahamwe ONU riragabisha ko igitero c'Uburusiya gishobora guteza ikibazo c'imfungurwa kw'isi gishobora kumara imyaka myinshi. Caratumye intete zishorwa hanze, nk'ibigori n'ingano, co kimwe n'amavuta yo guteka bigabanuka, ivyatumye n'ibiciro vy'ibifungurwa vyo kubisubiriza biduga cane. Ibiciro vy'ibifungurwa ku rwego rw'isi vyaduze hafi kugera ku rugero rwababa 30% ibegeranije n'igihe nk'iki co mu mwaka uheze, nk'uko bivugwa na ONU.
Hagati aho, ishami ry'Ishengero rya Orthodox rya Ukraine i Moscou rivuga ko rihagaritse ubucuti n'Uburusiya kubera Ishengero rya Orthodox ry'Uburusiya rishigikiye iyi ntambara.
Mw'itangazo iri shengero ryasohoye, rivuga riti: "Turahakanye aho Kirill, umukuru w'ishengero i Moscou, [ Patriarch Kirill of Moscow] ahagaze... kuri iyi ntambara".
Ukraine ifise ikibanza kidasanzwe mw'Ishengero rya Orthodox ry'Uburusiya kandi ifise inyubakwa zikomeye. Igice kimwe c'ishengero rya Orthodox rya Ukraine ryari ryamaze guhagarika ubucuti na Moscou mu 2019.












