Ethiopia: Umugabo yinjiye ishure kaminuza ku myaka 69

Umugabo w'umunya Ethiopia w'imyaka 69 afise abana 11 yavuzwe cane ku mbuga hwaniro mu gihugu ce inyuma yo kwiyandikisha kw'ishure kaminuza afise imyaka 69.
Tadesse Ghichile yaramaze imyaka myinshi atarashobora kurangiza amashure yisumbuye inyuma y'aho aburiye abavyeyi akiri muto amaze kurangiza amashure mato.
Ubu yatanguye kwiga kw'ishure kaminuza ya Jimma iri mu burengero bw'igihugu aho yizeye ko azoharonkera urupapuro rw'umutsindo mu vyo ubuvuzi.
Tadesse Ghichile ni umurimyi. Iyo atari mu mirima yiwe, yisumamwo mu kaguriro k'ibifungurwa kugira ngo ashobore kuronka igitunga umuryango.
Ariko kandi, yashoboye kuronka akaryo ko gukora ikibazo - kandi aragitora - co kwinjira mw'ishure kaminuza.
Hari haciye imyaka cumi afashe ingingo yo gusubira kw'ishure yari yahagaritse ageze mu mwaka w'umunani inyuma y'aho abavyeyi biwe bapfiriye.
Yari amaze igihe kirekire arondera gusubira kw'ishure, ariko ntivyamworoheye na gato, cane cane amaze gushinga umuryango.
Ariko rero amaze kugaruka, yaciye yiyemeza kubandanya gushika ku kanyuma.
Ubu yinjiye rimwe mu mashure kaminuza makuru makuru mu gihugu.
Yabwiye BBC ko abanyeshure bagenziwe bamufashije cane mu myaka mike iheze kandi ko ubu yiteze kubona ibiri imbere.












