Ethiopia: Umugore yakoze ikibazo ahejeje kwibaruka yaronse amanota yo hejuru

Uyo mwana bamutaziriye Abdi Bori, izina ry'ishure nyina wiwe Almaz yigako

Ahavuye isanamu, Almaz Derese

Insiguro y'isanamu, Uyo mwana bamutaziriye Abdi Bori, izina ry'ishure nyina wiwe Almaz yigako

Umugore wo muri Ethiopia yakoreye ikibazo mu bitaro inyuma y'iminota 30 ahejeje kwibaruka mu kwa gatandatu yaronse amanota 75%.

Almaz Derese w'imyaka 21 yabwiye BBC ko yishimiye amanota yaronse, kuko amuhaye uburenganzira bw'ukubandanya iyindi myaka ibiri imbere y'uko asaba kwiga kaminuza.

Uyo muvyeyi yipfuza kuba umu injeniyeri avuga ko amanota yaronse atari ayiteze kuko yakoze ikibazo amerewe nabi kandi imbanyi yiwe ikaba yari yamuruhishije.

Yabwiye BBC ati: "Igihe nari nibungenze, si nigera nsinzira mw'ijoro, naca nkoresha uwo mwanya kugira nige".

Yibaza ko iyo ataba afise imbanyi y'uko yari kuronka amanota asumba ayo yaronse.

Umugabo wiwe, Tadese Tulu, na we nyene aravyemeza, akavuga ariko ko bitari kumuryohera nk'uko bimuryoheye.

Almaz ati: "Arashaka ko niga amashure". Avuga ko abigisha n'abanyeshure bigana baguma bamutera intege.

Igihe yafatwa n'ibise, Bwana Tadese yamushikanye ku bitaro aca anyarukira kw'ishure gusaba ko bomureka agakora ikibazo.

Almaz Derese yakoze ikibazo ari mu bitaro

Ahavuye isanamu, ILU ABBA BOR ZONE COMMUNICATION OFFICE

Insiguro y'isanamu, Almaz Derese yakoze ikibazo ari mu bitaro

Yabwiye BBC ati: "Igihe yashika mu bitaro kwibaruka, nagize uko nshoboye kugira ngo vyose bigende neza nca ndamusigarana abanyamuryango. Naciye nsimbira mu biro vy'uwujejwe indero".

Ntiyabonye umwana wiwe ingene avuka, atari uko yumvise kuri telefone umwana arira.

Uyo mwana wiwe w'umuhungu ubu afise amezi atatu kandi ameze neza mu gihe nyina wiwe ariko yitegura gusubira kw'ishure.

Uyo mwana bamwise Yididiya, ni ukuvuga ngo "Impano y'Imana" rurimi rw'igihebreyi/igiheburayo - ariko se wiwe avuga ko azwi kw'izina ry'iritazirano "Abdi Bori".

Iryo naryo ni izina ry'ishure nyina wiwe Almaz yigako, rigasigura "icizere ca kazoza keza" mu rurimi rwabo rwitwa Afaan Oromo.