Ethiopia: Gukoresha gusambanya ku nguvu nk'ikigwanisho mu ntambara ya Tigray - Amnesty

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Na Vivienne Nunis
- Igikorwa, BBC News
Igisirikare ca Ethiopia n'izindi ngabo zigishigikiye zirakorera abagore amabi ashingiye ku gitsina harimwo kubasambanya ku nguvu nk'umukenyuro w'intambara, nk'uko bivugwa na Amnesty International.
Intera y'amabi mu kiringo c'amezi icenda intambara imaze mu buraruko bw'igihugu iri ku rugero rw'ivyaha vyo mu ntambara, nk'uko iryo shirahamwe mpuzamakungu ribivuga.
Umugore umwe yavuze ingene yasambanijwe n'umugwi w'abantu benshi imbere y'abana biwe.
Abategetsi ba Ethiopia ntaco baravuga kuri ivyo birego. Amnesty ivuga ko "ivyemezo bikomeye" vyerekana ko ubukozi bw'ikibi bufatiye ku gitsina bwakozwe kuva mu minsi ya mbere y'intambara.
Yatanguye mu kwezi kwa 11 igihe umugambwe Tigray People's Liberation Front watera ikambi ya gisirikare ubwo wari umaze kutumvikana n'umushikiranganji wa mbere ku vyerekeye impinduka za poritike.
Muragaba: abantu bamwe bashobora gusanga ibiri muri iyi nkuru bibabaza cane
Iryo shirahamwe ryavuganye n'abagore n'abana 63 bo muri Tigray bavuga ko basambanijwe ku nguvu n'ingabo za Ethiopia canke iza Eritrea canke abagwanyi bo ku ruhande rwa reta bo mu migwi n'ingabo zo mu ntara bihana urubibe ya Amhara.
Uwanditse icegeranyo yabwiye BBC ko ivyo yabwiwe n'abo bavuganye biri mu vya mbere bibi cane yumvise mu kazi kiwe.
Madame Donatella Rovera yagize ati: "Urugero rw'ukuryoherwa no gukora ikibi no guhutaza abantu ataco bahorwa hongeyeko gusambanya ku nguvu vyavuna umutima."

Ahavuye isanamu, AFP
Umugore w'imyaka 39 yavuze ingene yafashwe n'abasirikare b'abanya Eritrea ari mu rugendo ari kumwe n'abana biwe babiri.
Yabwiye Amnesty ati: "Batanu muri bo baciye bansambanya ku nguvu imbere y'abana banje".
"Bakoresheje ikigegene c'icuma, basanzwe bakoresha mu kwoza inkoho, mu kunturira.
Barungika ibigegene vy'ivyuma mu gitereko canje; ivyo nivyo vyambaje cane. Hanyuma baca banta ngaho kw'i barabara."
Bamwe mu bagore Amnesty yabajije bavuze ko babagumije ikiringo c'indwi nyinshi basambanywa mu buryo bwisubiriza, rimwe na rimwe n'abagabo benshi.
Abarenga 50 kw'ijana muri abo bagore bagirije ingabo za Eritrea gukora ayo mahano, babamenyera ku buryo bavuga ururimi rw'igi-Tigrinya hamwe n'imyambaro yabo ya gisirikare.
Amnesty isaba ONU kurungika vyihuta umugwi w'abahinga muri Tigray gukora amatohoza asumba ngaho ku bishobora kuba ivyaha bikorewe zina muntu.
Abategetsi ba Ethiopia BBC yarondeye ntibishuye kugira hagire ico bavuze. N'akamo ka Amnesty ku bategetsi ba Ethiopia na Eritrea nako karirengagijwe.
Uburyo ubwo bubisha bwakozwe henshi bisigura ko abategetsi ba gisirikare bashobotra kuba bari bazi ibiriko biraba kandi ko abategetsi bo hejuru muri Ethiopia na Eritrea birabira hirya.
Icegerenyo kivuga kiti: "Uburyo amabi yakorwa ufatiye ku bishikirizwa n'abayakorewe bwerekana ko ayo mabi yabaye kimwe mu mikenyuro yo gutera ubwoba, gutesha agaciro no kumaramaza baba abayakorerwa waba n'umugwi w'ubwoko bwabo."
Madame Robera avuga ko abakorewe ayo mabi bataronse ingene bashikira ububasha bakeneye kugira bakire kandi benshi ubu babaye mu bukene mu makambi y'impunzi muri Sudan canke muri Tigray.
Ku wa kabiri, igihe umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia yahamagarira abanyagihugu basanzwe (aba Civil) kuja mu ngabo kugwana muri Tigray, yagirije ingabo za Tigray, zigizwe n'iza TPLF n'abafatanya nazo, kwinjiza abana mu ngabo, gusambanya abagore ku nguvu no kuzibira imfashanyo.
Amnesty ivuga ko ata mugore n'umwe baravugana yagiriza ingabo za Tigray gusambanya ku nguvu, ariko ivuga ko igiye kubikurikiranira hafi mu gihe ubu intambara yarenze imbimbibe z'iyo ntara.
Uwo mugambwe, ubu wiswe umugwi w'iterabwoba na reta, ariko wo ukabandanya uvuga ko ariwo reta yemewe ya Tigray, wagiriza reta gukoresha "amajambo y'uburozi" ku banya-Tigray hamwe no kuzibira imfashanyo.










