Philly Lutaaya: Umunyamuziki wa Uganda yatanguje urugamba rwo kurwanya inenwa kubera SIDA

Ahavuye isanamu, Tezra Lutaaya
Umuririmvyi w'umuganda, umuhisi Philly Lutaaya, yarakunzwe cane n'abakunzi b'umuziki wari ugizwe n'urufatanye rw'imidiho kama ya Uganda, reggae, na pop.
Mu gihe umwuga wiwe wari umaze kugera ku rugero rukomeye mu 1989, yatowe umugera wa SIDA.
Muri ico gihe c'ubwoba n'urwikekwe, cunyuwe n'ubumenyi buke ku vyerekeye iyi ndwara, yabaye Umuganda wa mbere azwi cane yishize ahabona ko yanduye uwo mugera.
Isi yose yaramushimye ku ngingo yiwe, ariko nka se w'abana yari areze wenyene - yapfuye afise imyaka 38 - yashize abana biwe bakiri bato mu ngorane zo kunenwa no gukumirwa atari navyo yipfuza.
Umukobwa wiwe Tezra yavuganye n'umunyamakuru wa BBC, Emily Webb, kuri iki kibazo.

Nari mfise imyaka 12 igihe dawe atubwirwa ko yanduye umugera wa SIDA, yaragize umwikomo aca afata ingendo yo kwiyonona. Yaranywa, akiryohera n'abagenzi mbere akagerageza kurenza urugero muri vyose.
Ariko harageze igihe aratekereza. Nibaza ko yiyumviriye abana biwe bari bakiri bato aca afata ingingo yo guhinduka.
Yari amaze gutandukana na mama, yari yadutwaye - twebwe abana biwe batatu - muri Suède/Sweden inyuma y'intambara ya Uganda yo mu 1980-1986.
Yabandanije n'umuziki wiwe muri Uganda ariko kandi agakora n'udukorwa tundi kugira ngo ashobore kuronka amafaranga kugira ashobore kutwitaho.
Igihe kimwe ku mugoroba twari duteramye, akaba yari yazanye ama CD mashasha.
Twariko twumviriza umuziki wa Phil Collins wavuga ngo "I Can Feel It in the Air". Dawe yarakunda ingoma zari muri uwo muziki; nico gituma ntashobora kuwibagira. Nk'umuvuzi w'ingoma we nyene ubwiwe, wari umuziki yakunda cane.
'None ugiye gupfa?'
Mu buryo bwadutangaje, yahagaritse uwo muziki aca atubwira ati: "Nkeneye kuganira namwe". Yatubwiye ko yanduye umugera wa SIDA. Ntitwatahuye.
Twavuze tuti: "None ugiye gupfa? Ariko nta ngorane tukubonako".
Ndibuka ko mushikanje mukuru yaciye arira; musazanje muto ntaco yabibonyemwo. Nanje rero, nk'umuguruguru, navuze nti: "None ugiye gupfa? Gupfa hoho bisigura iki?". Vyarangoye kwihanganira iyi nkuru.
Agerageje kuvugana n'umuryango wiwe ku bijanye no kwishira ku mugaragaro, mwenewabo yaramwihanije ashimitse ko atohirahira kubera ingene abarwayi ba SIDA bafatwa ico gihe.
Abantu barugaranwa bagatandukanywa n'imiryango yabo. Hafi bose barungikwa mu mitumba bakomokamwo kugira bapfireyo.
Yabwiye mwenewabo ati: "Raba, nimba utabikoranye nanje, nzobikorana jenyene".

Ahavuye isanamu, Tezra Lutaaya
Datawacu, yahavuye yemera, hanyuma dawe aramenyesha ko yanduye mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru ku mugwa mukuru wa Uganda, Kampala.
Mu ntango, abantu ntibavyemeye kuko ntiyaboneka ko arwaye na gato.
Yari yasohoye urukurikirane rw'imiziki (album) Born in Africa, rwateye imbere, abantu bibaza ko amakompanyi yo kumenyekanisha yo mu bihugu vy'uburengero ari yo yamuhimirije kwimenyekanisha kugira ngo ashobore kugurisha cane umuziki.
Dawe yavuze ati: "Numva nshaka guterera ijwi hejuru kuri aka kaga. Narihojeje abantu banyita umubeshi, banyita ko nishakira amaronko. Nari nzi ko hazogera igihe bagatahura".
Iki gihe, twaciye turungikwa kurerwa n'imiryango y'abagiraneza muri Suède kubera yari we muvyeyi wenyene dufise, nawe akama mu bitaro, agenda agaruka. Twabifata nk'ugufyinata, tutazi icabimutuma.
'Haguruka urwane'
Igihe yari atoye mitende, yaciye adusiga muri Suède asubira muri Uganda aca asohora album yise Alone and Frightened (Mu kirundi twosigura tuti: 'Ndi jenyene mu bwoba'). Iyi yahanganye n'ikibazo co kunenwa kubera umugera wa SIDA.
Mu ruririmbo rwa mbere, yaririmba avuga ati: "Ni ngombwa ko duhaguruka tukarwana urugamba. Tuzoba urumuri mu rugamba rwo kurwanya SIDA. Duhaguruke".
Amaze gusohora iyi album, abaganga bamusavye gusubira muri Suède kugira abandanye akurikiranwa, ivyo yakoze.
Ariko amaze kubona ko amagara yiwe atera aba nabi, yasavye ko yosubizwa muri Uganda.
Twese twasubijwe muri Uganga kumwe na we. Yari yataye inguvu, amaze kuva mu ndege baciye bamushira ku nderuzo atwarwa ubwo nyene mu bitaro aho yamaze indwi zibiri za nyuma z'ubuzima bwiwe.
Izi zabaye indwi zibiri ndende nibaza ko ntari bwigere ngira.
Ku wa 15 Kigarama (12) 1989, yarashengeye.

Ahavuye isanamu, Tezra Lutaaya
Aho twaja hose, abantu bari bazi ko turi abana b'umuhisi Philly Lutaaya.
Narumvise umengo ndarwaye tumaze gusubira muri Uganda. Kubera ibi, hari abantu bavuga ko kumbure dawe ashobora kuba yaranyanduje umugera wa SIDA.
Twarumva isoni n'imbere y'uko apfa. Muri Suède, abagenzi biwe hafi bose bari bahevye kudutumira iwabo. Ntibari bagishaka ko dukinana n'abana babo.
Haciye imyaka itanu, narasubiye muri Suède ariko sinigeze nimenyekanisha kw'izina rya Tezra Lutaaya.
Imyaka cumi yo gukira
Vyabaye ngombwa ko nitandukanya n'iri zina kugira nshobore gukira. Ico gihe cose nari ndamushavuriye kubera yadushize muri iyi ngorane. Nta n'uko nari nkibuka iyi ndwara yari afise.
Vyamfashe imyaka cumi kugira ngo nemere urupfu rwiwe, kugira ngandare nongere ntahure ko bitaraba jewe gusa; ko ari ikibazo gikomereye isi yose.
Iki gihe cashitse niga kuri kaminuza muri Amerika. Naguye kw'ireresi (documentaire) yari ifise izina nari menyereye - Born in Africa, yavuga ibikorwa vyo kumenyekanisha vyakozwe na dawe amezi makeya imbere y'urupfu rwiwe muri Uganda.
Sinari bwarabe iyi reresi. Nibuka ko yasohotse inyuma y'urupfu rwa dawe, ico gihe nkaba ntashaka kuyibona.
Haciye imyaka cumi, nashoboye kuraba iyi reresi, ica irasubira iranyugurura ubwenge.
Niho nashoboye gutahura urugendo rwiwe n'ico yarwaniye. Naciye mfata ingingo yo kugira ico nkoze nca ntanguza ishirahamwe ry'ubutabazi, Philly Lutaaya Cares.

Ahavuye isanamu, Tezra Lutaaya
Ubu ibitari bike birazwi kandi ivyo kunena vyaragabanutse, ariko ndabandanya n'iragi rya dawe mu gufasha urwaruka mu bijaye n'ubumenyi, kubigisha kwitunga hamwe n'ivyerekeye n'irondoka rijanye n'amagara meza.
Ibi birashobora kubafasha kuko ubukene ni kimwe mu bituma abantu bandura umugera wa SIDA.
Igihe cose mpuye n'ikintu kingora, nca nibwira nti: "Oyaaa, nta kintu na kimwe cogereranywa n'ivyo uyu mugabo w'ijunja yakoze. Rero, ni ukwihagararako nk'uko so wawe yigeze kubikora".
Iragi rya Philly Lutaaya ntirigarukira gusa ku gikorwa kidasanzwe yakoze ku bijanye n'umugera wa SIDA; indirimbo ziwe za Noël ziracugurura igihe ca Noël.
Aho kumbabaza nk'uko vyari bimeze, dawe yashaka ko abantu bumviriza umuziki wiwe; igihe cose hageze Noël, ndanezerwa no kwugurura album yiwe nkavugiriza umuziki abana hanyuma nkababwira nti: "Uyu ni sogokuru ariko araririmba".
Uwo ni wo munezero.
Iki kiganiro catunganijwe na Eric Mugaju.












