South Africa yemeje ikoreshwa ry'umuringa ukingira abagore umugera wa SIDA

Umuringa wa dapivirine

Afrika y'Epfo yemeje uburyo bushasha bwo kwirinda umugera wa SIDA mu ntumbero yo gukingira abagore kugira ntibandure.

Ni umuringa ukozwe muri silicone winjizwa mu gitsina c'umugore maze ukarekura umuti witwa dapivirine urwanya umugera.

Iyi ni intambwe ikomeye muri ico gihugu aho bibiri vya bitatu vy'abandura ari abagore.

Uwu muringa - wemejwe mu mwaka uheze muri Zimbabwe ukaba ukigeragezwa mu bihugu bitari bike vya Afrika - werekana ko ufise ubushobozi bwo gukingira ku rugero rwa 50%.

Ni bwo buryo bwa mbere bukoreshwa igihe kirekire mu gukinga umugera wa SIDA cane cane bugenewe abagore.

Uwu muringa ni ubundi buryo buje busubirira ibinini vya PrEP bifatwa buri musi ugategerezwa gusubirizwa buri kwezi.

Igisata ca Afrika y'Epfo kijejwe amagara y'abantu cemeje uwu muringa ku bagore bafise imyaka kuva kuri 18 kuduga.

Uwu muringa wahinguwe n'ikigo International Partnership for Microbicides (IPM).

Ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO rirashigikiye iyi ngingo.

Hagati aho, ibikorwa vyo gutanguza ubu buryo bizotegerezwa kubangira kubera iki gisata kijejwe amagara y'abantu kiciga urugero rwo gukora neza rw'uwu muringa n'igiciro cawo.

ONU ivuga ko Afrika y'Epfo ari yo ifise ibitigiri binini vy'abagendana umugera wa SIDA kw'isi yose.