Umugore afise HIV/SIDA afasha abandi kugira 'urupfu rwiza'

Thembi standing by a board with HIV symbols

Ahavuye isanamu, Shali Reddy

    • Umwanditsi, Na Megha Mohan
    • Igikorwa, BBC

Thembi Nkambule amaze kuba hafi y'abantu amajana bicwa na SIDA muri Eswatini - igihugu aho umwe ku bantu bane agendana umugera wa SIDA. Ibi ni bimwe mu vyo yatahuye ku co yokwitwa gupfa ''urupfu rwiza''.

Thembi asanga hari ubwoko butatu bw'urupfu.

Urwa mbere ni rwo rukunze gushika kenshi. Ugira apfe aramuraba n'amaso ubona ko kabaye avuga ati: "Birarangiye. Ndaneshejwe.''

Thembi araraba ingene bakozanyako ingohe bakigira. Ubuzima babayemwo mw'ibanga bukarangirira mu kamaramaza. Uru ni urupfu rubi.

"Hanyuma hari ubwoko bugira kabiri," nk'uko Thembi abivuga. "Uwo muntu aba afise ubutumwa, canke rimwe na rimwe imburi ashaka guha abasigaye. Hari icigwa yahakuye ashaka ko cotangwa ku bandi."

Ubwa gatatu ni bwo bwoko bwiza bw'urupfu kurusha izindi. Umuntu aba ari hafi yo gupfa azi y'uko asize ibintu mu muryango wiwe no mu kibano bituganye neza, amatati yose yaratorewe inyishu. Bene ubu bwoko bw'urupfu ntibukenera ko Thembi aba ahari n'ubwo akenshi ku muntu wese yishwe n'iyo ndwara aba ari hafi muri ivyo bihe vya nyuma.

Iyo ndwara ni SIDA kandi Thembi n'umwirimizi, iwe hanyuragiranwa inkoko mu mirima minini ikikuje urugo rwiwe, aho mu ngoma ya Eswatini muri Africa y'ubumanuko.

Ico gihugu - cahora kizwi kw'izina rya Swaziland - ni co ishami rya ONU riraba amagara kw'isi (OMS/WHO) ryita ''imbizi y'umugera n'indwara ya SIDA kw'isi" - ikiza abahinga bavuga ko congeye gukomera cane kubera Covid-19.

N'ubwo Eswatini cateye intambwe imbere mu kurwanya ico kiza muri iyi myaka iheze, ico gihugu c'abantu miriyoni 1,3 n'ubu ni co gifise urugero rwa mbere runini kw'isi rw'abandura n'abagendana umugera wa Sida, rugereranywa ku 26%.

Ariko mu myaka nka 30 iheze vyari bibi gusumba aho.

Ikigereranyo c'ingene Thembi yaja mw'ishure akabona intebe igaragara

Ahavuye isanamu, Shali Reddy

Insiguro y'isanamu, Thembi avuga ko yamenya ko abantu bafise umugera kuko baca baheba kaminuza ''ntihagire uwusubira kubakubita ijisho''

'Ico gihe urupfu rwari rudusagirije'

Aribuka neza igihe yumva ubwa mbere havugwa umugera wa SIDA (VIH/HIV). Hari hagati mu myaka ya 90 kandi yari akiri umuvyeyi mushasha aherutse kwubaka yariko ariga kaminuza ya Swaziland. Barahimiriza abantu gutanga amaraso mu gihugu. Benshi mu bagenzi ba Thembi barayatanze, ariko haheze iminsi baciye baheba kaminuza, ntibigera bagaruka.

"Hari ibihuha vyavuga ko amaraso yabo yari yatowemwo indwara yica", nk'uko abivuga.

"Ntivyigeze vyemezwa na reta canke abandi bategetsi ariko hari ibihuha ko uwanduye iyo ndwara, vyaba biheze waca upfa.''

Ubwoba bwaciye bukwira kaminuza yose, hanyuma Thembi n'abandi bagenzi biwe batari bake baranka kuja gutanga amaraso.

"Twibaza tuti tutagiye gutanga amaraso ntitubwirwe ko amaraso yacu yanduye, azoba ari amahoro."

Haheze imyaka itari imike, Thembi asigaye ari umwigisha mw'ishure ryisumbuye, niho yatangura kwumva vyinshi ku ndwara ya SIDA. Ico gihe yavugwa ko yari imaze gushika mu bantu benshi mu gihugu, harimwo abandi bigisha, abagenzi, n'ikibabaje kuruta, n'abanyeshuri biwe.

ikigereranyo ca Thembi ariko aradodora

Ahavuye isanamu, Shali Reddy

Insiguro y'isanamu, Thembi yaraja kuraba abantu bari ku mpfiro batagira n'umwe abarabara

Aribuka ingene abantu barwara, kuko akenshi bararaba. Hanyuma bakinyegeza ntihagire uwusubira kubabona. Mu nyuma agasoma amakuru yabo mu matangazo y'abapfuye mu binyamakuru vyo ngaho - n'ubwo indwara yabahitanye itigera ivugwa.

Ariko ico gihe hari mu ntango z'imyaka ya 2000 kandi umugera wa SIDA wari usigaye uvugwa mu binyamakuru no mu biganiro mu maradiyo. Thembi aca aja kurondera ibitabo arasoma ivyerekeye uwo mugera, wariko urafata abantu kw'isi yose. Aca asanga ujana no gutungwa agatoki.

Vyari bizwi ko uwo mugera wandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina ariko abarongoye ikibano hari ibindi biyongererako.

Abapasitori bamwe basigura mu nyigisho zabo mu masengero ko handura gusa abafise ingeso mbi, bakora imibonano y'ibitabanga n'ivya shetani. Thembi yarumva ko ivyo atari vyo, umugore yari azi ko ata wundi mugabo bigeze baryamana atari umugabo wiwe yari amaze kwicwa n'iyo ndwara.

Hakwinuba abo bantu 'b'amashetani' yikeka ko barwaye, bari basigaye binubwa n'ababo n'abagenzi, Thembi yiyemeje kuja kubaraba iwabo kubaremesha.

Avuga ati : "Hari igihe nadodora uwo muntu akanka kwugurura. Baba bafise ibimaramare vyinshi.

"Ariko nararindira nkababwira ko ndahari hamwe bonkenera. Sinabatinya."

Hinge rero, mu 2002, Thembi afatwe n'agakorora katamuvako. Ubwa mbere, kuko ari we yitaho umuryango wiwe ukiri muto, yibaza ko ari ibicurane. Ariko agakorora karabandanya. Umunsi umwe agira iciyumviro.

"Kumbure", aribwira, "iyo nkorora idakira n'ukubera umugera wa SIDA." Thembi aca aja kwipimisha. Inyishu iza ivuga ko afise umugera.

Iminsi ya mbere amaze gupimwa yabaye igihuhusi c'ubwoba.

"Nayikuye he?", yibaza, "Abana banje batatu bagiye kuba abande?"

ikigereranyo ca Thembi abwira umuryango wiwe ko afise umugera wa Sida

Ahavuye isanamu, Shali Reddy

Insiguro y'isanamu, Thembi yabwiye umuryango wiwe ko adashaka ko indwara yiwe iba ibanga

Ico gihe imiti yo gupfupfahaza umugera wa SIDA yagurwa amadorari 50 ku kwezi, ico cari igice kinini c'uburyo bw'umuryango wa Thembi.

"Ayo nzoyakura he?"

"Nzopfa ryari?"

Hari vyinshi vyo gutunganya. Thembi aca akora ivyo yabona abandi benshi batinya. Abarira uwo bahuye wese ko azi ko afise umugera.

Ati: "Nari nzi ko ibizonshikira vyose nzokenera abamfasha n'abanshigikira mu bantu nakunda.

"Iyo ndabinyegeza mu bimaramare no mw'ibanga, ubu naje nashobora kuba narapfuye."

Be n'umugabo wiwe baciye bicarika abana babo barababwira ko bafise umugera wa SIDA.

Barababwira ko iyo ndwara itandukira mu kuramukanya canke gusangira ubwogero. Barababwira ko bazoronka imiti , kandi Thembi arababwira ko yari asanzwe azi vyinshi bijanye n'uwo mugera.

Kuva amenye ko afise umugera, yaciye amenya ko hariho umugambi witwa People Living With HIV - abantu babana n'umugera wa SIDA - wafasha abantu kumenya ingene bitwara muri iyo ndwara.

Mu 2002 Thembi nta co yari awuzi ko, ariko mu myaka mike gusa yahavuye aba umuyobozi w'uwo mugambi ku rwego rw'igihugu. Ingene yitwara mu kugendana uwo mugera vyatumye abantu bamwugurukira.

Thembi yari bitumwako kuja kuraba aho abantu bandika ubutumwa bwerekeye ubuzima bwabo bw'ingene bagwaye SIDA canke bagendana umugera wayo.

Umugore umwe w'umupfakazi yamenye ko umugabo wiwe yishwe na SIDA bahejeje kumushingura, mu guhumuka kw'ikete ryari mu bubiko munsi y'igitanda cabo, ibanga bari bamaze imyaka baryamako.

Umugore yari yatunganije umugambi wo gufasha abo mu kibano bari bafise iyo ndwara, nawe aca ararwara cane, ntiyabaho kugira ashitse umugambi yari yiyemeje. Abagabo basiga abana babo b'abakobwa baciga gutambuka bariko bararira. Abahungu buzuye ibimaramare, babaza Thembi niba mu buzima bw'inyuma y'urupfu bazogirirwa imbabazi. Amajana n'amajana y'impfu.

Benshi mu baremvye, barasaba Thembi, nawe yagendana umugera wa SIDA nka bo, kuba hafi yabo mu bihe vya nyuma vy'ubuzima bwabo.

"Ivyo ndavyubaha cane," nk'uko abivuga. "Ndabona ico baba bankeneyeko muri ico gihe ca nyuma n'ubwo bo nyene ata na kimwe baba bambariye. Bamwe baba bakeneye ko ndabafata. Abandi ntibaba bakeneye uwubakorako ariko bagashaka ko haba umuntu hafi yabo. Umuntu umwe umwe wese ndamufata ukwiwe. Kugira ndabahe ako gateka."

Aba ashaka kubafasha gupfa urupfu rwiza.

'Urupfu rwiza' ni iki?

Kuvuga urupfu rwiza n'ibintu vya kera cane. Mu 1601, umumenyeshamana wo mw'ishengero ry'aba Anglikani, Christopher Sutton, yanditse ko gupfa neza bikeneye aho upfira n'abaguherekeza bagukunda. Yasanze ko urupfu rwa giturumbuka rusigura ko utaronse umwanya wo gusezera, ariko kurwara igihe kirekire (uretse kubabara) bituma uba umuruho ku bandi.

Ubu n'ikintu kivugwa cane mu bantu batanga ubufasha ku bantu bari mu bihe vyo gupfa. Ku bw'ishirahamwe ryo muri Amerika ritegamiye reta, The National Academy of Medicine, urupfu rwiza ni ''urutagira umwitwarariko ushobora kwirindwa n'ukubabara ku murwayi, umuryango n'abakwitaho, rugendeye ku vyifuzo vy'uwurwaye n'umuryango wiwe, kandi ruhuye n'ivyisungwa mu kuvura, imico n'ibibereye."

Niba i Buraya bashimikira ku gupfa umuntu atababaye cane, muri Afrika bahagarara cane ku kugene urupfu rwawe ruzogira ingaruka ku bo usize, ku bwa Dr Rabi Ekore."Abantu.... bafise ico betegerezwa kubazwa mu buzima bw'abandi bantu," nk'uko avyandika muri The Journal of Palliative Care. Gutyo, ibimaramare canke gutungwa agatoki bijanye n'indwara nka SIDA, n'ikindi kintu congereza intambamyi ku "rupfu rwiza".

"Ubu mu 2021, n'abantu bake bandura umugera wa SIDA canke bicwa nayo muri Eswatini ugereranije n'igihe natorwa uwo mugera" nk'uko Thembi abivuga, "ariko kubera ingingo zijanye na Covid, mfatiye ku vyo numva bivugwa ku rubuga, turashobora kwitega ukwiyongera kwa SIDA."

Rose Craigue, ahagarariye UNAIDS muri Eswatini, asigura ko ihungabana ry'imigambi yo kwitaho amagara y'abantu mu bihugu vy'amikorro make - harimwo gutanga imiti yo kwirinda gusama inda - bishobora gutuma haba abatwara inda batifuza bashika miriyoni indwi, ku bw'umugambi wa ONU w'ababa kw'isi, FNUAP/UNFPA.

Rose Craigue avuga ko "Hamwe abantu batokoresha uburyo bwo kwikingira mu gihugu aho umuntu umwe kuri bane agendana umugera wa SIDA, birumvikana kuvuga ko Covid izotuma abandura biyongera."

Avuga kandi ko hiyongera ubukozi bw'ikibi bushingiye ku gitsina harimwo gusambanya ku nguvu.

Hagati aho, icigwa c'icerekezo casohotse mu kinyamakuru c'ubuvuzi The Lancet, cavuze ko ukutabandanya gutanga imiti ipfupfahaza SIDA kubera ikiza ca Covid bishobora kuduza urugero rwo gupfa gushika kuri 10% mu kiringo c'imyaka itanu yimirije.

Imbere y'ico kiza, Eswatini cari cateye intambwe mu kurwanya SIDA nk'uko Rose Craigue abivuga, ''na cane cane mu kwirinda no mu gukurikirana abarwaye".

"Abantu ntibakiriha amadorari 50 ku kwezi kugira baronke imiti yo gupfupfahaza, ubu ntashika n'idorari rimwe, ariko haracari vyinshi vyo gukora.

"Abarenga 50% mu gihugu bafise munsi y'imyaka 20 kandi hafi igice c'abakiri bato bafise ivyago vyinshi vyo gushobora kwandura umugera wa SIDA."

UNAIDS ivuga ko mu 2020, abakiri bato hagati y'imyaka 15 na 24 bangana na 42% y'abantu bashasha bandura umugera wa SIDA kw'isi kandi muri abo 80% (miriyoni 4) bakaba bari muri Africa yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Illustrations of hands touching

Ahavuye isanamu, Shali Reddy

Insiguro y'isanamu, Thembi avuga ko urupfu rwiza ari ugupfana agateka, utagiye hari ivyo wagumije mw'ibanga

Kuri Thembi, n'ubwo abantu atari ibiharuro, kandi iyo ahuye n'umuntu umugera umaze kujana ku ndwara, kandi akaba ata mahirwe menshi afise ko amagara yiwe atera imbere, aca abibutsa ivyo.

"Urupfu rwiza ni amahoro,'' nk'uko Thembi abivuga.

"Ku bantu barwaye canke bafise umugera wa SIDA, biragoye ko biha ayo mahoro yo kuva kuri iyi si baticuza."

"Ndababwira nti uko bigenda kwose, ubuzima n'ukwiha amahoro muri wewe nyene ku ngingo ufata ushingiye ku bihe uba urimwo.

"Abantu bazogufata nk'uko wewe nyene wifata", nk'uko Thembi abivuga.

"Nta n'umwe azogushiramwo ibimaramare wewe nyene udafise. Kandi nta n'umwe akwiye guterwa ibimaramare n'indwara."