Paraguay: Umushikirizamanza arwanya mafia yishwe ari mu karuhuko k'ubugeni muri Colombia

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Na George Wright
- Igikorwa, BBC News
Umushikirizamanza wo ku rwego rwo hejuru wa Paraguay yarwanije imirwi y'inkozi z'ikibi mu gihugu ciwe yishwe arashwe mu gihe yari mu karuhuko k'ubugeni muri Colombia.
Marcelo Pecci yari ku mweha (beach/plage) mw'izinga rya Baru rigenderwa cane n'ingenzi igihe yicwa n'abagabo babiri bari bitwaje inkoho.
Amasaha make imbere y'uko araswa, umugore we yari yatangaje kuri Instagram ko yibungenze.
Prezida wa Paraguay Mario Abdo Benitez yavuze ko iraswa rya Pecci ari "ubwicanyi bw'agahomerabunwa".
Umugore wiwe, umunyamakuru Claudia Aguilera, avuga ko abagabo babiri babegereye bari ku mweha ukwa bonyene imbere y'uko umugabo wiwe araswa. Avuga ko atari bwigere agira ubwoba gutyo.
Aguilera yabwiye ikinyamakuru El Tiempo ati: "Abagabo babiri bateye Marcelo. Baje mu bwato buto, ariko sinabonye neza".
Avuga ko umwe muri abo bicanyi yasohotse hanyuma "ata n'ijambo na rimwe avuze aca arasa Marcelo amasasu abiri, rumwe rwamugemye mu maso urundi mu mugongo".
Ihoteri Decameron aba bageni bashikiyemwo yasohoye itangazo aho ivuga ko "abicanyi bashitse ku mweha...hanyuma bica umwe mu bashitsi bacu".

Ahavuye isanamu, EPA
Umushikirizamanza wundi w'umunya Paraguay, Augusto Salas, umugenzi wa Pecci, avuga ko iki gitero gisa n'igifitaniye "isano na magendo y'ibiyayuramutwe".
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryandika ko Salas yagie ati: "Rero ivyo nivyo bizonguma mu mutwe gushika habaye ayandi makuru atandukanye".
Umukuru w'igipolisi ca Colombia n'abajejwe amatohoza bo muri Paraguay bashitse ahabereye iri bara.
Abategetsi bo muri Amerika nabo nyene bazofasha amatohoza, nk'uko bivugwa n'umukuru w'igipolisi ca Colombia, Jenerali Jorge Luis Vargas.
Pecci yanonosoye ibijanye n'ubukozi bw'ikibi bukorwa n'imirwi y'inkozi z'ikibi, magendo y'ibiyayuramutwe, kunyereza amafaranga no guterera iterabwoba.
Mu 2020 yakoze amatohoza ku rubanza rw'uwahoze ari umukinyi w'umupira wa Brésil, Ronaldinho, yari yahagaritswe ariko agerageza kwinjira muri Paraguay akoresheje igitabo c'inzira ca Paraguay c'amanyanga.
Perezida Marcelo Abdo wa Paraguay yanditse kuri Twitter ati: "Igandagurwa bunyamaswa ry'umushikirizamanza Marcelo Pecci muri Colombia ryashavuje igihugu cose ca Paraguay".
"Turiyamirije twivuye inyuma iri bara kandi twiyemeje kwongereza inguvu mu kurwanya ubukozi bw'ikibi bukorwa n'imirwi y'inkozi z'ikibi ikorera hamwe".












