US: Maison Blanche yagenye Karine Jean-Pierre nk'uwujejwe kumenyesha amakuru - umwiraburekazi wa mbere

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Joe Biden yagenye Karine Jean-Pierre nk'umuvugizi mushasha wiwe mukuru - bukaba ari bwo bwa mbere umwirabure, canke uwemanga ko ari mu bahuza ibitsina babisangiye (gay), agenwa muri ico kibanza.
Madamu Jean-Pierre Karine w'imyaka 44 yahora ari icegera c'umunyamabanga mukuru ajejwe kumenyesha amakuru kuva Biden atowe.
Agiye kuzosubirira Jen Psaki w'imyaka 43 muri ico kibanza kuva mu mpera z'indwi iza.
Abanyamabanga bajejwe kumenyesha amakuru bama bategura ibiganiro n'abanyamakuru ba Maison Blanche/White House umusi ku musi, ibi bikavuga ko iki gishobora kuba ikibanza gikomeye cane.
Madamu Psaki agiye gukora mu kinyamakuru MSNBC cegamiye uruhande rw'abashaka ko ibintu bihinduka (left-wing).
Aciye kuri Twitter, yavuze ko uwugiye kumusubirira ari "umugore adasanzwe" kandi "agendera ibanga".
Ati: "Ndindiranye igishika cinshi kumubona ingene akora neza kuko azananye ubuhinga, ubwira n'ubuntu bimuranga".
Umupfasoni Jean-Pierre, imbere y'aha akaba yari umuhinga kuri MSNBC, aje afise uburambe bw'imyaka irenga 20 muri poritike y'aba Démocrates.
Uyu mupfasoni yavukiye mw'izinga ry'Ubufaransa rya Martinique muri Caraïbes hanyuma agakurira i Queens muri New York, yari umwe mu bategetsi ba poritike ku ntwaro ya Obama.
Mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2016, yari umuvugizi mukuru wa MoveOn, ishirahamwe rikomeye riharanira ukwishira n'ukwizana.
Imbere y'uko yinjira mu murwi w'abajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche, yari umukuru w'ibiro vya Kamala Harris amaze kugenwa na Biden kugira yiyamamarize hamwe na we nk'icegera c'umukuru w'igihugu.
Igenwa ry'umupfasoni Jean-Pierre ribaye imbere y'amatora akomeye y'abashingamateka yo mu kwa cumi na rimwe azokwerekana ingene ikiringo kizoba gisigaye c'ubutegetsi bwa Biden kizoba kimeze.











