HRW yagiriza abacangero ba Russia amarorerwa muri Central African Republic

Abacangero b'Abarusiya bagiye baboneka ku mugwa mukuru wa Centrafrique bacungereye umutekano - aha ni mu gihe c'amatora mu 2020

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abacangero b'Abarusiya bagiye baboneka ku mugwa mukuru wa Centrafrique bacungereye umutekano - aha ni mu gihe c'amatora mu 2020

Abacangero b'Abarusiya bagirizwa ubwicanyi ndengerabutungane, iyicarubozo, no gukubita abasivire muri Centrafrique (CAR).

Ababibonye babwiye ishirahamwe Human Rights Watch (HRW) ko kimwe mu vyabaye mu kw'indwi, abawanyi bavuga ikirusiya barashe n'imiburiburi abantu 12 batari bafise ibirwanisho kuri bariyeri.

Bavuga ko abishwe hafi bose batawe mu kinogo gitoya ku nkengera z'ibarabara hafi y'igisagara ca Bossangoa.

Reta ya Centrafrique irahakana ko atabacangero b'umurwi Wagner wo mu Burusiya yahaye akazi mu ntambara n'inyeshamba.

Muragabe - iyi nkuru irimwo ibintu bishobora gutera ubwoba

Abahinga ba ONU nabo nyene baragiriza abacangero b'Abarusiya kugenda bahonyanga bikomeye agateka ka zina muntu muri Centrafrique, kimwe mu bihugu bikenye cane kw'isi ariko gitunze cane ubutare bwa diyama (diamant), inzahabu, na uranium.

Umurwi Wagner uravugwa cane ko warungitse ingabo mu tundi turere twa Afrika - muri Mali na Libya - kandi ko wagize uruhara rukomeye cane mu ntambara zo muri Syria na Ukraine.

Mu kwezi guheze, abikekwa ko ari abacangero b'abarusiya bari mu bagirizwa kugandagura abanyagihugu bababa 300 muri Mali mu cegeranyo ca HRW.

Muri ino ndwi, umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Lavrov yarashimangiye aho Moscou ihagaze kuri uyu murwi, avuga ko Wagner ataho uhuriye na reta y'Uburusiya.

Mu cegeranyo cayo, HRW ivuga ko yegeranije ivyemezo bikomeye ko abarwanyi b'Abarusiya bakoreye abasivire amabi y'agahomerabunwa muri CAR kandi ko ata bihano bafatiwe kuva mu 2019.

Hagati ya Ruhuhuma (2) 2019 na Munyonyo (11) 2021, iri shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ryavugishije abantu 40, harimwo 10 bakorewe aya mabi hamwe na 15 bavyiboneye, ku bijanye n'amabi yakozwe n'abagabo bavuga ikirusiya.

Ababibonye bavuga ko abo bantu bari bafise ibirwanisho bikomeye kandi bambaye impuzu za kaki, ibitambara vyo kunyegeza isura, ibirato vya gisirikare hamwe n'amarori y'izuba.

12 muri abo babajijwe bariboneye ubwo bwicanyi hafi y'igisagara Bossangoa kiri mu burengero ku wa 21 Mukakaro (7) 2021, nk'uko bivugwa na HRW.

Aba basore batari banafise n'ibirwanisho bishwe bavuye i Bossangoa bari ku mapikipiki inyuma y'isaha cumi na zibiri (06:00) mu masaha yo muri ico gihugu.

Bararenganye ibariyeri bava mu gisagara ariko mu nyuma baza kwicirwa ku yindi yari ku birometero hafi 12 hanze ya Bossangoa, kw'ibarabara abategetsi bavuga ko ryama rigenzurwa n'abarwanyi b'Abarusiya.

Bategetswe kuva ku mapikipiki yabo, gushira amaboko hejuru bagashikiriza amaterefone bari bafise.

Nk'uko bivugwa na HRW, abagabo bari hagati ya bane na batandatu bavuga ikirusiya baciye babakubita, babasunagura baryamye hasi. Inyuma y'aho, baciye batwarwa umwe umwe, babategeka gupfukama, bagaca babarasa mu mutwe.

Bivugwa ko abariko barorera ingene ivyo bintu vyariko biba baciye batangura gusenga bakoma akaruru - ariho muri iyo nduru n'akavuyo babiri muri abo bari bafashwe bashoboye guhunga.

'Banciye urutoke'

HRW yerekana kandi ingene abantu bafashwe bakaborezwa igufa n'abarwanyi b'Abarusiya i Bambari mu 2019.

Umudandaza w'iduka yafashwe yiketswe ko ari inyeshamba yavuze ko Abarusiya bamufashe bakamuca urutoke muri Nzero (1) 2019.

Mahamat Nour Mamadou yabwiye HRW ko Abarusiya bamuciye urutoke bakoresheje imbugita

Ahavuye isanamu, Lewis Mudge/HRW

Insiguro y'isanamu, Mahamat Nour Mamadou yabwiye HRW ko Abarusiya bamuciye urutoke bakoresheje imbugita

Avuga ingene yapfunzwe, Mahamat Nour Mamadou agira ati:"Narakubiswe bimwe bibi bakoresheje amaferabeto (Fers à béton) n'imbugita. Bamboshe amaso y'ikirenge. Umwe muri bo yavuze yifashishije umuhinduzi (interprète/translator) ati: 'Turabaca intoke'".

"Naraboroga; kuko narababara cane. Hanyuma bafashe umunyororo bawumbohera mw'izosi barakaza cane. Naraguye, ururimi rurasohoka. Umurusiya yafashe itafari arinshira mu kanwa hanyuma arikubita umugere. Amenyo yahatswe kuvayo".

Aya mabi yakorewe yayabwiye abanyamakuru mu nyuma, HRW ikavuga ko yahavuye yicwa muri Nyakanga (9) 2019 mu buryo budasobanutse.

Ubucuti hagati y'Uburusiya na Centrafrique bwagiye kuja ahabona ubwa mbere mu 2018 aho habereye amasezerano ko abahoze ari intwazangabo z'Uburusiya bari kuza gutanga inyigisho za gisirikare.

Ku wa 30 Mukakaro (7) 2018, abanyamakuru batatu b'Abarusiya bariko bakora ireresi y'amatohoza ku ruhara rwa Wagner muri ico gihugu barishwe barashwe - kandi ababikoze ntibigeze babaca n'ikanda.

Centrafrique yamye mu ntambara z'urutavanako kuva yikukiye mu 1960. Mu 2013, inyeshamba zigizwe ahanini n'aba-Islam zarigaruriye igihugu kigizwe ahanini n'abakristu. Haciye havuka imirwi yo kwirwanako kugira yivune, ivyatumye haduka ubwicanyi mu gihugu cose bushingiye ku madini.

Perezida Faustin-Archange Touadéra aje ku butegetsi mu 2016, igihugu caciye gitangura guha umugongo Ubufaransa bwahoze bukirongoye mu gihe c'ubukoloni, maze ciheka ku Burusiya.

HRW ivuga ko ukudahana kwateje indyane nyinshi, igatera akamo reta gukora amatohoza no gushengeza abo bose bagize uruhara mu bwicanyi, ipfungwa riteye kubiri n'amategeko hamwe n'iyicarubozo, harimwo n'ingabo mvamahanga.