Somalia: Al Shabab yateye ingabo za ATMIS z’u Burundi mu bucagucagu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inyeshamba za al-Shabaab zigamvye igitero ku kirindiro c'ingabo za ATMIS, yahoze yitwa AMISOM, gikoreramwo abasirikare b'Uburundi bagiye kugarura amahoro muri Somalia, ibitigiri vy'abaguye muri ico gitero ntibiramenyekana neza.
Umwe mu ngabo z'Uburundi atifuza gutangazwa yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Nivyo baduteye nabi".
Abajijwe niba hariho abapfuye ku ruhande rwabo ati: "Igitigiri ntikiramenyakana neza".
Ibinyamakuru vyegamiye al-Shabab vyatangaje ko iki gitero co mukarere ka Middle Shabelle ciciwemwo abasirikare barenga 50 b'Uburundi.
Nta ruhande rwigenga ruremeza ivy'ico gitigiri, ariko kenshi al-Shabaab ikunze gutanga ibitigiri vy'umurengera ku mvo za propaganda.
BBC yagerageje kuvugana n'abajejwe amakuru ku ruhande rwa ATMIS, n'Uburundi ariko ntibirashoboka gushika ubu.
Igitero cagenze gute?
Uwo musirikare yabwiye BBC ko saa 04:45 z'ubucagucagu ariho imodoka zibiri zuzuye ibiturika zinjiye mu kigo ca ATMIS ca El-Baraf kuri 150Km mu buraruko bw'umugwa mukuru Mogadishu.
Inyuma y'uko bituritse humvikanye imirwano ikomeye, nk'uko bamwe mu banyamakuru muri Somalia babivuga.
Imbuga zibogamiye kuri al-Shabab zatangaje ko ico kigo cafashwe n'abo barwanyi, ariko televiziyo y'igihugu ya muri Somalia yavuze ko ingabo z'Uburundi zasubije inyuma ico gitero.

Ahavuye isanamu, ATMIS
Iki coba arico gitero ca mbere gikomeye ku ngabo za African Union Transition Mission in Somalia (ATMIS) kuva zifashe iryo zina mu kwezi guheze kwa Ndamukiza risubirira iryahozeho rya AMISOM bivuye mu nama y'umutekano ya ONU yo mu kwezi kwa Ntwarante (3).
Uburundi bufise abasirikare bagira ubwa kabiri mu bwinshi - inyuma ya Uganda - mu bagize ingabo za ATMIS zose ubu zirongowe na Lieutenant General Diomede Ndegeya w'Uburundi.
Ibindi bihugu bifise abasirikare muri ATMIS ni Djibouti, Ethiopia na Kenya.
Ingabo za AMISOM na ATMIS zimaze imyaka irenga 15 muri Somalia zarungitswe gucungera amahoro, ariko intumbero yazo isa n'itarashikwako gushika ubu.










