Donald Trump yategetse ko ingabo ziri muri Somalia zitahukanwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yasohoye itegeko ryo gutahukana abasirikare hafi bose b'ico gihugu bari muri Somalia imbere y'igenekerezo rya 15 z'ukwa mbere, nk'uko itangazo ry'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Pentagon, ribimenyesha.
Amerika ifise abasirikare bashika hafi 700 muri Somalia basanzwe bafasha ingabo z'iki gihugu kurwanya abarwanyi ba Al-Shabaab hamwe n'abo mu muhari uharanira gushinga Reta ya Kisilamu (Etat Islamique).
Abategetsi ba Amerika bavuga ko bamwe muri abo basirikare bashobora kuzokwimurirwa mu bihugu bibanyi, gutyo bakazoshobora gukora ibitero bava muri vyo.
Muri ano mezi aheze, Perezida Trump yarasohoye amategeko asa n'aya yo kugabanya ingabo za Amerika muri Iraki na Afghanistani.
Kuva kera yamye ashaka ko ingabo za Amerika zitahukanwa, akanegura ibikorwa vya gisirikare bikorerwa irya n'ino kw'isi avuga ko bitwara uburyo bwinshi kandi ata karusho bizana.
Iri tegeko - rishobora gutuma abasirikare bavanwa muri Somalia hasigaye imisi mike cane ngo Trump ave ku butegetsi - ritandukanye na politike y'uwahoze ari umunyamabanga wo kwivuna abansi Mark Esper yabogojwe mu kwezi guheze kubera yipfuza ko ingabo ziri muri Somalia zogumayo.
Itangazo rya Pentagon rivuga ko iri tegeko ryo "gukura igice kini c'abasirikare n'ibikoresho muri Somalia gushika mu ntango za 2021" ataco rihindura kuri politike ya Amerika.
Rivuga riti: "Tuzobandanya duhiga buhongo imirwi y'iterabwoba ishobora guhungabanya umutekano w'igihugu cacu kandi tubandanye dukingira inyungu zacu".
Hagati aho, abahinga bamwe baragabisha ko kuvana ingabo za Amerika muri ico gihugu bishobora gutuma intagongwa zigira sur'ivu mu karere k'ihembe rya Afrika.
Mu kwezi guheze, abagenduzi ba reta ya Amerika bahanuye ko ingabo ziri muri Somalia zitovanwayo, bakavuga ko abasirikare b'iki gihugu batoshobora guhangana n'intagondwa badafashwe mu mugongo na Amerika.
Eka n'abashingamateka hamwe n'abategetsi ba Somalia bavuga ko mu gihe Amerika yovana ingabo zayo muri ico gihugu bizogira ingaruka mbi cane, kandi bigaha inguvu intagongwa.
Pentagon ivuga ko ingabo za Amerika nkeya zizosigara muri Somalia zizoba ziri ku mugwa mukuru Mogadishu.
Somalia imaze imyaka mirongo iri mu ruhagarara ariko mu myaka mike iheze, ingabo z'Ubumwe bwa Afrika zifatanije n'ingabo za Amerika zarashoboye kwigarurira umugwa mukuru Mogadishu n'utundi turere twari mu minwe ya al-Shabaab - umurwi ufitaniye isano na al-Qaeda.
Kuva igihe ingabo zidasanzwe za Amerika 18 ziciwe muri Somalia mu gihe zari mu ntambara n'intagongwa i Mogadishu mu 1993, intambara yerekanwa mw'ireresi yiswe Black Hawk Down, abaperezida ba Amerika bamye batinya kurungika ingabo muri ico gihugu c'ihembe rya Afrika.
Hagati aho, n'aho mu myiyamamazo yo mu 2016 yari yemereye abanyagihugu ko "azovana Amerika mu ntambara zidahera", Perezida Trump yarongereje ibitero cane cane vy'indege ku murwi al-Shabaab.
Mu kwezi guheze, abategetsi bo mu bunyamabanga bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika batangaje ko ingabo z'iki gihugu zizogabanywa muri Afghanistni na Iraki.
Abari muri Afghanistani bazova kuri 5000 basigare ari 2500 gushika hagati mu kwa mbere, nk'uko babivuga. Abari muri Iraki bazova ku 3000 basigare ari 2500.










