Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Abaguye mu ruganda rw'igitoro bitezwe guhambwa ikivunga kuri uyu wa mbere
Ikigo ca Nigeria kijejwe ubutabazi, NEMA, kivuga ko ku mutaga wo kuri uno wa mbere bahamba ikivunga abantu batari bake baherutse kugwa mw'isanganya aho uruganda rutemewe n'amategeko ruhingura igitoro rwaturitse mu ntara ya Imo rugahitana abatari bake.
Abamaze kumenyekana ko baguye muri iri sanganya ryabaye mw'ijoro ryo ku wa gatanu buca ari ku wa gatandatu gushika ubu ni 110, muri bo hakaba harimwo n'umugore yari yibungenze, nk'uko Ifeanyi Nnaji wo mu kigo NEMA yabibwiye BBC.
Abandi 70 barakomeretse - bamwe muri bo bakaba bababaye cane aho bariko baravurirwa mu bitaro bitandukanye.
Abaguye muri iryo sanganya hafi bose, harimwo abakora muri urwo ruganda n'abari baje kugura igitoro, barahiye baratokombera ku buryo ata muntu yobamenya.
Imiryango myinshi yarananiwe no gushobora kumenya ababo.
Abategetsi bavuga ko abaguye muri iri sanganya bahambwa ikivunga hafi y'aho ryabereye.
Ubutegetsi buvuga ko nyene uru ruganda ataramenyekana ariko y'uko ariko arahigwa.
Icatumye uru ruganga ruturika ntikiramenyekana gushika ubu, ariko kuva muri kahise amasanganya nk'aya arakunze kwibonekeza mu nganda nk'izi zo mu kinyegero aho usanga ata mategeko yo kwikingira akurikizwa.
Ingaruka igisata c'uguhingura igitiro kigira ku burovyi no ku burimyi kuva imyaka mirongo, bifatanye n'uko abatari bake bataronka ivyamwa biva muri iki gisata, vyatumye bamwe barondera inzira zo mu kinyegero kugira barondere amahera.
Abategetsi bamaze igihe bita ku rutare mu kurwanya ibigo bitemewe n'amategeko bihingurirwamwo igitoro cibwe. Mw'itangazo yasohoye ejo ku wa Mungu, Perezida Muhammadu Buhari yategetse inzego z'umutekano kwongereza inguvu kugira ngo zituze izi nganda.