Imyuzure i Durban: Yaguyemwo abarenga 300

    • Umwanditsi, Na Shingai Nyoka
    • Igikorwa, BBC News, Durban

Igitigiri c'abapfuye mu ntara ya KwaZulu-Natal yo muri Afrika y'Epfo cashitse ku barenga 300 inyuma y'imyuzure yasesereje ako karere.

Hatangajwe igihe c'akaga muri ako karere, inyuma y'aho uturere tumwe ku munsi umwe twaguyemwo imvura ingana n'iyihagwa ku kiringo c'amezi menshi.

Abategetsi bavuga ko ari co "gihuhusi ca mbere kibi muri kahise k'igihugu".

Umuhindimuko w'ivyondo wagoteye abantu munsi y'inyubakwa, kandi hitezwe iyindi myuzure.

Hari amakuru ko ibikorwa vyo gutabara biriko birabangamirwa n'uko hatabona neza mu gihe kajugujugu ibandanya kujana abantu ahatekanye.

Ku wa kabiri BBC yiboneye igikorwa kimwe co kurondera umwana w'umukobwa w'imyaka 10 yari umwe mu bagize umuryango w'abantu bane batwawe bari ku kiraro carengewe n'amazi.

Abakorerabushake bo mu kibano binjiye mu ruzi rw'ivyondo, bakurakuranwa mu gusatura amayira y'aho vyoca bakoresha imipanga bongera bakuramwo ibimanyu vy'bintu n'iyarara vyamanukwanywe n'ivyo vyondo.

Jomba Phiri, aba mu gisagara gikuru c'iyo ntara, Durban, yavuze ko inzu yiwe yatwawe n'iyo myuzure.

"Sinzi ubu iyo tugiye kuzohora turyama", niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ibice vy'ibarabara ry'akamaro kanini cane rya N3 rifatanya Durban n'intara y'umutima w'ubutunzi bwa Afrika y'Epfo Gauteng ntibihita.

Prezida Ramaphosa yagendeye ako karere yemera imfashanyo.

Ati: "N'ubwo imitima yanyu ibabaye, turi ngaha ku bwanyu", nk'uko asubirwamwo na Reuters.

Ako kaga yakise kandi "inguvu z'uko isi iteye", ariko hari bamwe batemeranya nawe. Bavuga ko itunganywa nabi ry'inzira amazi y'imvura acamwo n'ingene amazu yubatswe nabi ahantu hasanzwe hari hasi cane ari vyo vyatumye abo bantu bapfa kuri urwo rugero.

Umukuru w'igisagara ca Durban Mxolisi Kaunda yahakanye ko ivyashitse vyegekwa ku buryo bwo guha inzira amazi y'imvura avuga ko urugero rw'uwo mwuzure atawari arwiteze.

Aho uciye muri ako karere haracaboneka ibintu bibandanya kwononekara. Amwe mu mabarabara ajana ku kivuko ca Durban, kimwe mu bifise uruja n'uruza runini cane muri Afrika y'Epfo, ntahita kubera uruzi rwayasheshemwo isuri y'ibintu bitandukanye n'ivyondo.

Ibikorwa kuri ico kivuko ubu vyahagaritswe. Ikibanza gishikiramwo konteneri hafi y'ibarabara rihita cane caratewe n'imyuzure, amajana n'amajana y'ama konteneri aratwarwa.

Mu karere k'amahinguriro kitwa Bluff, kari mu bigize ikivuko, BBC yabonye imiduga yacuramye amapine ari yo asigaye hejuru, canke yafyondafyonzwe n'ibizanana n'amazi. Amakompanyi akoresha amapompo kugira avane amazi mu bigo vyayo.

Hari no kurondera ingona zatwawe muri iyo myuzure n'ubwo nyinshi ubu zimaze gutorwa.

Crocodile Creek Farm, iraro ry'ingona riri ku 40km mu buraruko bwa Durban mur Tongaat , rivuga ko ingona 12 zatwawe igihe invura y'isengenya yagwa muri ako karere.

Ron Naidoo, umupasitori wo mu kibano mu gisagara ca Tongat, yabwiye BBC ko yagumye ari maso ijoro ryose kubera amazi y'imvura yaguma aduga cane kandi ko yabonye abaporisi bakwega imodoka bayivana mu ruzi irimwo ikiziga.

"Vyari biteye ubwoba kuko ni ubwa mbere tubonye uruzi rwuzura gutyo ngaha" nk'uko yabandanije avuga.

Reta y'intara ya KwaZulu-Natal igereranya ko ibintu biciye miriyaridi nyinshi z'ama-rand (amafaranga ya Afrika y'Epfo) vyononekaye.

Ibibanza vy'umuyagankuba n'ivyo kuyungurura amazi vyararengewe n'imyuzure, nk'uko umukuru wa Durban yabibwiye BBC.

Uburyo bwo gutumatumanako nabwo bwahungabanye mu gihe hari amakompanyi abiri akomeye ya terefone ngendanwa avuga ko iminara 900 yayo yasenyutse.

Reta ihamagarira abanyagihugu kuguma ahatekanye mu kwirinda amabarabara n'ibiraro vyarengewe n'amazi no guhungira ahakirurutse mu gihe boba baba ahari hasi.

Ivyo bihe vy'ibihuhusi bishitse mu gihe abahinga bagabisha ko ihindagurika ry'ibihe ririko riratuma hagwa imvura idasanzwe muri Afrika y'ubumanuko.

Umwaka ugitangura, ako karere karashegeshwe n'ibihuhusi bitanu mu kiringo c'amayinga atandatu, bikaba vyakoze cane kuri Madagascar, Mozambique na Malawi, vyonona vyinshi, bigwamwo n'abantu 230 nk'uko bivugwa na World Weather Attribution (WWA), ishirahamwe rikurikirana ivy'ibihe.