Intambara yo muri Ukraine: Abarusiya bamenyerejwe uruhande rumwe n'ijwi rimwe – rya Putin

Igandagurwa ry'abanyagihugu basanzwe i Bucha ryarababaje cane amakungu, ariko Uburusiya buvuga ko ari irementanya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igandagurwa ry'abanyagihugu basanzwe i Bucha ryarababaje cane amakungu, ariko Uburusiya buvuga ko ari irementanya
    • Umwanditsi, Na Jenny Hill
    • Igikorwa, BBC News, Moscow

Ubutegetsi bw'Uburusiya vyose burahakana: amasanamu y'ibiziga birambaraye mu mabarabara ya Bucha, imva zihambwemwo abantu ikivunga hamwe n'ibivugwa n'ivyabona mu buryo buteye ubwoba. Television ya reta igasubiramwo uko nyene [nk'inyoni ya gasuku] ibivugwa n'iyo reta.

Kuva ivyemeza ibiboneka nk'amahano yakozwe n'Abarusiya bibonetse mu duce two ku nkengera za Kyiv, abatunganya ibiganiro bararengeje urugero mu guhakana ivyegeranyo bavuga ko ari irementanya, ikinyoma categuwe na Ukraine n'ibihugu vy'uburengarazuba.

Kuraba television y'Uburusiya, muri iyi minsi, bisigaye ari nko kuja mu yindi si aho abashikiriza amakuru bayagayaga n'abasesenguzi bambaye neza bavuga uko "ibikorwa bidasanzwe vya gisirikare biriko birashika ku ntumbero yavyo" muri Ukraine. Nta ntambara ihari, n'intwari gusa z'abasirikare b'abarusiya barwanira igihugu cabo kandi biyubara kugirira nabi abanyagihugu basanzwe.

Amasanamu ateye ubwoba yo muri Bucha yarerekanywe, ariko abaraba television babwirwa ko ari ayarementanijwe n'abanya-Ukraine babifashijwemwo n'abanyaburaya.

Umwe mu bihweza ibica mu makuru, Gevorg Mirzayan, yavuze ngo: "Ivyo vyakozwe n'inzobere mu kazi, kumbure b'Abongereza. Ni bo ba mbere mu bikorwa vyo guhingura amakuru.

"[Barazi ingene] ibiziga bitondekwa neza, vyose bigakorwa neza, bakarementanya amasanamu meza yo kwereka abanya-burengerazuba bakunda ibiziga."

Uwuremesha ibiganiro Olesya Loseva yanageze aho asigura ko igisagara ca Bucha catowe n'ibigirankana kuko prezida Joe Biden yaheruka gukoresha ijambo "butcher" [umuyangayanga, uwukora akazi ko kubaga inyama] avuga Vladimir Putin, kugirango ku banyamerika iryo jambo risobanuke neza".

N'umukenyuro umenyerewe gukoreshwa na Kremlin [ibiro vy'umukuru w'igihugu mu Burusiya] iyo iriko iragirizwa - guhakana, kwiyamiriza nk'inkuru zitari zo, canke bishobotse, kubita ku wundi muntu.

Bimwe mu binyamakuru, birimwo Pravda gishigikiye Kremlin, vyasohoye amakuru yagiriza ingabo za Ukraine canke abafata ibigwanisho kuba bari inyuma y'ubwicanyi bw'abanyagihugu basanzwe muri Bucha.

Ico kinyamakuru canavuze ko "abakora propagande ya Kyiv" bagenzurwa n'abanyaburengerazuba. Kivuga ko Ubwongereza ari bwo bwishinze amakuru atari yo ku basirikare b'Abarusiya yo gusambanya ku nguvu abagore b'abanya-Ukraine hanyuma BBC, Guardian na Independent, navyo bigafasha mu kuyakwiragiza.

Iyo mvugo yo gusigura ibintu gutyo n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Dmitry Medvedev, ubu ari icegera c'umukuru w'inama ijejwe umutekano mu Burusiya, arayikoresha. Yageze aho yagiriza ingabo za Ukraine kwica abanyagihugu bazo "mu kwerekana ukutagira ubuntu kw'Uburusiya hamwe no kubukura agashambara kweruye".

Dmitry Medvedev

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Dmitry Medvedev ati: "Uguhagararira Ukraine gushika mu mizi, gukongerezwa n'uburozi bwo kuterekwa Uburusiya hamwe n'ikinyoma gitema kigatongora ku co arico Uburusiya, ni irementanya rikomeye"

Vladimir Putin n'abamufasha gutegeka bagumye barondera kwerekana umubanyi w'Uburusiya nk'umusomborotsi, ibihugu vy'iburengerazuba navyo nk'ingeramizi ku mutekano w'Uburusiya.

Bagiriza Ukraine, ifashijwe n'uburengerazuba, kugerageza kuronka ibigwanisho vya nucléaire no guhingura ibigwanisho vy'ubumara vyo gukoresha mu kurwanya Ubususiya.

Kimwe mu vyo Vladimir Putin yakunze gushira imbere mu gusigura icatumye atera, n'uko Ukraine itegerezwa "kuvanwamwo agatima k'ubu-Nazi". N'amajambo amenyerewe gusubirwamwo cane afatiye kuri kahise k'intambara ya kabiri y'isi yasesereje cane Uburusiya.

Kuvuga ivy'ubu-Nazi muri Ukraine nta shingiro na rito bifise, ariko ubushikiranganji bw'imigenderanire ubu vuba bwagirije reta ya Kyiv kuba ihagaze ku vyiyumviro vy'iki-Nazi kandi ko ikora ivyaha "biteye ubwoba". Abanya-Ukraine benshi barimwo prezida Volodymyr Zelensky, barashegeshwe n'ivyashikirijwe n'umuntu bigasohorwa n'itororokanirizo rya reta Ria bavuga ko vyerekana jenoside muri Ukraine.

Ivyashikirijwe na Timofei Sergeytsev vyavuga ko abanya-Ukraine batari bake ari "aba-Nazi bari aho gusa" bashigikiye kandi baryoherwa "n'abategetsi b'aba-Nazi".

Yavuze ko Ukraine kitigeze kiba igihugu nyaco kandi ko kugerageza kucubakamwo igihugu vyoca bishikana ku bu-Nazi. Yongerako ati:

"Kugikuramwo ubu-Nazi bitegerezwa kujana n'ugukuraho ivyo kwubaka Ukraine nk'igihugu".

Volodymyr Zelensky

Ahavuye isanamu, RONALDO SCHEMIDT

Insiguro y'isanamu, Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky kuri ivyo yavuze ati: "Ivyo vyanditswe bishushanya inzira igaragara kandi yiyumviriwe ku gihe yo gusambura ikintu icari co cose gituma Abanya-Ukraine baba abanya-Ukraine n'abanyagihugu bacu"

Medvedev yameze nk'uwufata uwo murongo mu kuvuga ko "ihangiro ari ukubaho neza kw'abanya-Ukraine bariko bararuka n'akaryo ko kwubaka umugabane wa Eurasia kuva Lisbon [muri Portugal] gushika Vladivostock [mu Burusiya]".

line
line

Ku binyamakuru vyo mu Burusiya, amahano yo muri Bucha nta kindi atari akandi karorero k'agasomborotso ka Ukraine - "intambara y'amakuru".

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov yavuze ico yise irementanya rya Ukraine ku vyaha vyo mu ntambara vy'Uburusiya nk'"agasomborotso" kageramiye umutekano mpuzamakungu.

Biragoye kumenya Abarusiya bemera ivyo vyose babwirwa ingene bangana. Ariko nta kinyamakuru gifadika co mu Burusiya kigisigaye kandi gukoresha imbuga hwaniro navyo biraboshwe cane.

Ku bwa Kremlin, Vladimir Putin yavuze ko ubwicanyi bwo muri Bucha ari "agasomborotso keruye kandi k'agashinyaguro" ka Kyiv

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku bwa Kremlin, Vladimir Putin yavuze ko ubwicanyi bwo muri Bucha ari "agasomborotso keruye kandi k'agashinyaguro" ka Kyiv

Amatohoza ku co abantu bibaza, n'ayakozwe n'inzego zigenga, n'ukuyafatirako n'impungenge kuko abantu mu Burusiya baratinya gushikiriza ivyiyumviro biteye kubiri n'ivy'ubutegetsi. Kubera ivyo yerekana urugero runini rw'uko Vladimir Putin ashigikiwe mu "gikorwa kidasanzwe ca gisirikare".

Icahora ari imyiyerekano hafi ya buri munsi yo kwiyamiriza intambara ubu yaragabanutse cane.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Umuhinga w'utugenegene/umuhanzi yakoreye ayo mashusho hafi y'ibibanza bizwi cane i Moscou mu kwiyamiriza ubwicanyi bwakozwe n'abasirikare muri Bucha.

Hariho, ata nkeka, abantu benshi bashobora gushikira amakuru yo hanze kandi akozwe mu buryo bwigenga, bababazwa kandi baterwa isoni n'ibiriko birakorwa kw'izina ry'igihugu cabo.

Ariko bahanganye n'igikoresho gikomeye cane ca propagande na reta idatevya kumangura uwutavuga rumwe na yo. Muri ubu Burusiya, hari ijwi rimwe gusa. Iryo ni irya Vladimir Putin.