Ethiopia - Tigray: Abagwanyi ba TPLF bemeye ihagarikwa ry'intambara kugira hatangwe imfashanyo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abitwaje ibigwanisho bagwaniriza ubutegetsi mu buraruko bwa Ethiopia bemeye icipfuzo ca reta co kureka imfashanyo ngo zishikire imiliyoni n'imiliyoni z'abantu bazikeneye vyihuta.
Nta mfashanyo n'imwe iratangwa mu ntara ya Tigray kuva hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri, aho reta yagirizwa kwugarana iyo ntara. iyo reta nayo ikavyagiriza abagwanyi.
Abagwanyi ba TPLF bavuze ko bashobora kwubahiriza ako gahengwe mu gihe imfashanyo yosubira gutangwa "mu gihe cumvikana".
Iyo ntambara imaze amezi 16 imaze guhitana abantu ibihumbi n'ibihumbi.
Abantu barenga imiliyoni zibiri barateshejwe izabo.
Uwurongoye ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, WHO/OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, na we aturuka muri iyo ntara ya Tigray, yavuze ko uko ibintu vyifashe "biteye ubwoba".
Mu kwezi kwa mbere, ishami rya Onu rijejwe imfungurwa kw'isi PAM ryavuze ko abashobora kuba bashika 40% b'abanya-Tigray ari bo boba bageramiwe n'ico ryise "ibura ry'ibifungurwa rikabje". Ryasanze ica kabiri c'abagore bibungenze n'abonsa bafise ingwara zo kurya nabi.
Abantu bashika imiliyoni icenda barakeneye imfashanyo muri Tigray no mu zindi ntara vyegeranye, na zo nyene zazahajwe n'intambara.
Intara ya Tigray kandi yarazahajwe no kutagira uburyo bw'itumatumanako kubera internet n'amaterefone vyahagaritswe.
Igitigiri c'abantu bataramenyekana baramaze gupfa bazira inzara canke ibura ry'imiti. Ibintu bimeze nabi cane ku buryo n'abaganga bageze aho basega indya.
Ishirahamwe mpuzamakungu Onu rivuga ko n'imiburiburi hakenewe amakamyo 100 ashikana imfashanyo buri musi muri ako karere.
Reta zunze Ubumwe za Amerika, Onu n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya bose bakiriye neza ako gahengwe, kaje gakurikira urugendo intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k'ihembe rya Afrika David Satterfield aherutse kugira muri Ethiopia.
Mw'itangazo ryayo kuri uyu wa kane, reta yavuze ko ako gahengwe "kadafise ikiringo kazomara" kandi ko "kaja mu bikorwa ubwo nyene", ariko yongerako ko kogira ico gafashije ku buzima bw'abantu bo mu buraruko bw'ico gihugu igihe gusa iyo ngingo yokwubahirizwa n'impande zose.
Yateye akamo ingabo za Tigray "guhagarika ubundi busotozi no kuva mu turere bigaruriye mu zindi ntara zihegereye".
Mu kwishura, umuhari wa TPLF (Tigray People's Liberation Front) uvuga ko "uzokora uko ushoboye kugira iryo hagarikwa ry'intambara ryubahirizwe".
Intambara yadutse mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2020 inyuma y'amezi menshi y'imishamirano hagati ya reta ya Ethiopia n'umuhari TPLF, wari urongoye intara ya Tigray, iri mu buraruko bw'ico gihugu.
Mu kiringo c'indwi nke, Abiy Ahmed yavuze ko intambara irangiye igihe igisirikare ca reta cigarurira umugwa mukuru Mekelle. Ariko TPLF yarahabirukanye isubira kugenzura akarere ka Tigray.
Igihe abagwanyi bisubiza Mekelle mu kwezi kwa gatandatu, Abiy yaciye amenyesha ihagarikwa ry'intambara. Ariko TPLF ivuga ko ishobora kutaryubahiriza kiretse yemewe ku mugaragaro ko ari yo iramutswa intara ya Tigray.







