Karnataka: 'Kwambara hijab ntibigira abagore b'aba-Islam abahohotewe'

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Zoya Mateen
- Igikorwa, BBC News, Delhi
Nabeela Shaikh yatanguye kwambara hijab afise imyaka 30. Ni we yayambaye ubwa nyuma mu bakobwa batatu bavukana.
Mukuru wabo, Muzna, wewe yatanguye kuyambara afise imyaka umunani, avyigiye kuri muvyarawe. Kuva ico gihe yashobora kuyambara bivanye n'abo bari kumwe - guhika aho, nk'uko abivuga, aboneye ko "bitanezereza bose".
Mutoyi wabo, Sarah, wewe yatanguye kuyambara "ageze mu bihe bitoroshe" mu buzima bwiwe igihe indoto yiwe yo kuba umuganga yicwa n'amanota mabi yaronse mu kibazo.
Ati: "Vyatanguriye ku bintu nko gusenga ku mwanya, Hijab yanjemwo mu nyuma nk'ibintu bisanzwe".
Aba bakobwa - bavuka ku baganga - bakuriye mu ntara ya Mumbai y'Ubuhindi iri ku nkengera z'ibahari. Nyina wiwe gushika ubu ntiyitwikira, ariko iyo bobo bitwikiriye abantu bafata ko babikoze ku gahato.

Ahavuye isanamu, Muzna Shaikh
Ikibazo - nimba abakobwa bafise uburenganzira bwo kwambara hijab mw'ishure - kiri muri sentare. Ni ikibazo cateje imigumuko, kiracanishamwo abanyeshure mbere kinatuma abakobwa batari bake b'aba-Islam mu ntara ya Karnataka baheba kuja kw'ishure.
BBC yavuganye n'abagore b'aba-Islam mu Buhindi, aho bavuga ko bababajwe n'ukubona iki kibazo giteje impari.
Umwe muri aba bagore ati: "Twama twibukijwe ko kugira ngo twisanzure, duhebe ibintu vy'amadini".
Abahitamwo kwambara hijab bavuga ko batabitumwa gusa n'idini, ariko ko ari umuntu aba yavyiyumviriye. Hanyuma abahitamwo kutayambara nabo bakavuga ko imishatsi yabo atari igipimo c'ukwemera kwabo.
'Si mpohoterwa'
N'agatwengo, Nabeela avuga ati: "Abantu ntibatahura ingene umuntu yumva ko akomeye iyo yambaye igitambara ku mutwe. Birabatesha umutwe ugasanga bariko baducira imanza".
Guhohoterwa ni ijambo rikunze gukoreshwa ku bagore bambaye hijab - ariko benshi bavuga ko kwanka kwemanga igituma bayambara ataco bibafasha, kandi ukwanka kuyikura atari vyo bituma abakobwa bataja kw'ishure.
Uwiyita Nag w'imyaka 27 ava mu gisagara ca Bangalore, avuga ati: "Abagore b'aba-Islam bakiri bato bari mw'ibarabara baharanira uburenganzira bwabo. None ushaka kumbwira ko aba bagore badashobora kwiyumvira bo nyene ubwabo"?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe Naq afata ingingo yo kwambara hijab, haraciye imyaka itanu, avuga ko yahuye n'ingorane "zidasanzwe".
Ati: "Umwitwikiro wanje washize ahabona ibiri mu mitwe y'abantu. Abantu baguma bankekeza: urahohoterwa? Wumva ushushe? Ukoresha shampo iyahe? Hari abantu bambaza nimba nari mfise imishatsi - bibaza ko mfise kanseri".
Abandi bagore b'aba-Islam - nka Wafa Khatheeja Rahman, umunyamategeko wo mu gisagara ca Mangalore - avuga ko kutambara hijab kutagabanya ubu-Islam bwabo.
Avuga ati: "Sinanse kuyambara kubera itajanye n'ico ndi - kandi nta n'umwe ashobora kuntegeka kuyambara. Ariko kandi, ni nk'uko ata muntu n'umwe yoza ambwira ko ntegerezwa kuyambara".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na nyina wa Wava ntiyigeze yambara hijab - ariko avuga ko yakuranye ukwemera kwose ari kumwe na nyina, yumviriza amakuru y'Intumwa ariko kandi n'ay'abagore bo muri Islam.
"Umugore wa mbere w'Intumwa yari umudandaza, mu gihe uwa kabiri yagendesha indogobwe mu ntambara. None wumva koko duhohoterwa nk'uko isi ishaka ko tuvyemera?"
None ingorane iri he kuba umu-Islam?
Hari igihe Falak Abbas yahora yanka iciyumviro co gupfuka imishatsi yiwe, ikintu kidasanzwe i Varanisi, igisagara co mu buraruko kigendera ku vya kera.
Ariko igihe yari afise imyaka 16 akabona Malala Yousafzai, umunya-Pakistan yahawe agashimwe kitiriwe Nobel, ku mboneshakure, yaciye ahinduka.
Ati: "Yari yitwikiriye kandi yariyumva ko akomeye cane. Iciyumviro caciye kinzamwo nca mfata ingingo yo kwitwikira nanje".
Ishure ryiwe ry'abihebeye Imana ryaravyanse, rikavuga ko hijab itajanye n'umwambaro w'ishure wari ugizwe n'ikanzu ndende n'ipantaro.
Falak avuga ko yabujijwe kwinjira mw'ishure imisi itatu - mbere agatakaza n'ikibazo ndondamubiri (biologie) yategerezwa gukora. Yiyamirije iyi ngingo, abategetsi b'ishure baciye batumako abavyeyi biwe baca bamwagiriza ko afise ingeso mbi.
Avuga ati: "Bavuze ngo ni nambara hijab nzoteza ingorane, atari kuri jewe gusa, ariko no kw'ishure ryose kuko bose bazoca babona ko ndi umu-Islam. None ingorane iri he kuba umu-Islam?"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ariko rero mu nyuma yahavuye yigarura inyuma y'aho abavyeyi biwe bamusabiye "kutonona amashure yiwe kubera hijab".
Inyuma y'imyaka umunani, abonye ivyabaye i Karnataka, avuga ko asubiye kwumva yarengewe "n'ishavu ryinshi".
Khadeeja Mangat, ava mu ntara yo mu bumanuko ya Kerala, na we nyene arababajwe n'ukuntu babakurikirana.
Umusi umwe ishure ryiwe ryarabujije hijab mu 1997 - ariko iyi ngingo yahavuye ihagarikwa, ariko Khadeela aribaza ingene bizogenda i Karnataka.
Ati: "Vyose biri imbere yawe - ibwirizwa shingiro, imico n'induru zacu. Ariko twaremwe kugira ngo kurwanire agateka kacu tudahengeshanya, naho hoba ari ugutakaza amashure".
'Ukuntu abantu batubona bishobora kuryana umutima'
Mu gihe sentare yibanda cane cane ku kibazo co kwambara hijab mw'ishure, abagore b'aba - Islam bafise amakenga ku kungene uru rubanza ruzogenda mu gihugu c'Ubuhindi gitwarwa na reta y'igi-Hindu irongowe n'umushikiranganji wa mbere Narendra Modi.
Simeen Ansar ava mu gisagara co mu bumanuko ca Hyderabad, avuga ko hijab iriko irahindurwa ikimenyetso c'ubugumutsi ku "nyungu za poritike".
Ati: "Nakuranye n'abakobwa b'aba Hindu bapfuka amaguru yabo mu mwambaro w'ishure, ivyo jewe ntari nitayeho ico gihe gusumba uko nabona ingene abahungu b'aba Sikh bambaye igitambara co mu mutwe".
"Ariko iyo haje ikibazo co kwambara hijab, abagore b'aba-Islam bafatwa ukundi. Mba nkiri inyuma kandi mpohotewe iyo ndayambaye, nkaba uwugezweho kandi nisanzuye iyo ntayambaye".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Avuga ko we n'uwo bavukana bari batanguye kwambara hijab, ariko bibaka ngombwa ko baca bayiheba kubera abantu batigeze bavyihanganir
Mu gihe uwo bavukana yanenwa ku kazi, Simeen avuga ko abantu bamutamarira mu bibanza bitamenyerewe kubonwamwo umugore yambaye hijab - nko mu mazu y'imyimenyerezo ngororamubiri (gym), mu kabare canke ku musi mukuru.
Ati: "Ukungene abantu bakubona birashobora koko kuryana umutima".
Kandi rero ibi bivugwa na benshi mu bagore b'aba-Islam batari bake - mu gihe hijab ari ikintu abantu bagiye kubona gusumba uko vyari bimeze muri kahise.
Ni zo mpungenge zatumye Wafa, n'aho asanzwe atanambara uwu mwitwikiro, akurikirana cane urubanza.
Ati: "Naho noba ndi ku kazi, ndambara ama ecouteurs kugira ngo nkurikirane ingene urubanza ruriko ruragenda".
Afise amakenga ku kungene ibi bizogira ingaruka ku ncuti n'abagenzi basanzwe bambara uwu mwitwikiro".
"Uranyambuye hijab yanje, none hakurikira iki? Izina ryanje riracari iry'icarabu. None nzotegerezwa kurihindura kugira ngo unyubahe"?










