Abasirikare ba Mali bishwe inyuma y'aho France itangarije ko igomba itahukane ingabo zayo

Ahavuye isanamu, AFP
Igisirikare ca Mali kivuga ko abasirikare baco umunani bishwe abandi batanu nabo baburwa irengero mu gitero cakozwe n'inyeshamba mu ntara ya Archam iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Iki gitero kibaye inyuma y'imisi mike Ubufaransa n'incuti zabwo bitangaje ko bigiye gukura ingabo zavyo muri Mali.
Itangazo ryasohowe n'igisirikare rivuga ko mu kwihora kuri iki gitero, igisirikare ca Mali kirwanira mu kirere naco cishwe inyeshamba 57.
Rivuga ko aba basirikare bishwe bariko barahiga aho inyeshamba zinyegeje igihe baraswa "n'abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye".
Hari amakenga mu karere no mu makungu ku bijanye n'umutekano wa Mali inyuma yo kwirukana ingabo z'Ubufaransa, hamwe n'umuzo w'abacangero b'Abarusiya mu karere.
Muri ino ndwi yonyene, abanyagihugu babwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko abasivire 40 bishwe muri iyo ntara nyene ya Archam isanzwe ari ikiririmbiro ry'imirwi yiyitirira idini rya Islam ariko itavuga rumwe, harimwo na Etat Islamique/Islamic (IS).
Mali imaze imyaka itari mike ihanganye n'izi nyeshamba, ivyatumye mu 2020 haduka imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza uwari umukuru w'iki gihugu Ibrahim Boubacar Keïta yahavuye akurwa ku butegetsi n'abasirikare bijeje abanyagihugu ko bazogarukana mutekano.
Kuva ico gihe abategetsi bashasha ba gisirikare ntibumvikana n'Ubufaransa bwahoze butwara Mali mu gihe c'ubukoloni, vyatumye mbere bafata ingingo yo kudategura amatora muri uno mwaka nk'uko vyari mu masezerano, banirukana n'uwuserukira Ubufaransa igihe yankiye iyi ngingo.
Ibi vyahavuye bituma Mali itegeka Ubufaransa kuvana ingabo zabwo mu gihugu, inyuma y'imyaka cumi zari zimaze zitana mu mitwe n'izi nyeshamba.
Bashigikiwe n'izindi ngabo zo mu bihugu vyo mu Burengero mu butumwa bwa gisirikare muri Mali - buzwi nka Takuba Task Force - zizokwimukira hirya gato, mu gihugu ca Niger.
Ku wa gatanu, umukuru w'igihugu ca Niger yavuze ko umutekano ku mbibe z'igihugu ciwe uzohungabana gusumba inyuma yo gukura ingabo z'Ubufaransa n'iz'ibihugu bifatanije nabwo muri Mali.
Mu ntango z'ino ndwi we n'abandi bakuru b'ibihugu vyo muri Afrika y'Uburengero barabonanye n'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron imbere y'uko Ubufaransa butangaza ikurwa ry'ingabo zabwo muri Mali, bakaba bemeranije ko ahubwo zimurirwa mu bindi bihugu vyo muri ako karere.










